IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashaka kwinjira mw’ishamba cimeza rya Rukoko bazobanza kubisabira (...)

Abashaka kwinjira mw’ishamba cimeza rya Rukoko bazobanza kubisabira uruhusha

vendredi 19 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bw’intara ya Bubanza bwafashe ingingo ko umuntu wese azoba ashaka kwinjira mw’ishamba cimeza rya Rukoko azobanza kuba yabisabiye uruhusha.

Abakunda kuja muri iryo shamba ni abanyagihugu barangurirayo imirimo itandukanye yaba uburimyi, ubworozi, abaja gucanayo amakara, abasenyayo inkwi n’ibindi. Bose babwiwe ko uwuzofatirwayo atabisabiye uruhusha azohanwa bikomeye.

Mu nama y’umutekano yaheruka kugirisha, Buramatari w’intara ya Bubanza yamenyesheje ko iyo ngingo ifashwe ku mvo z’umutekano, inyuma y’aho bibonekeye ko hari imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano, mu nyuma mu gusubira inyuma bagaca muri iryo shamba cimeza rya Rukoko.

Muri iyo nama, abakozi b’ishirahamwe Tanganyika Business Company bararira ibikaju biri mw’ishamba cimeza rya Rukoko bagirijwe ko boba bakingira ikibaba abo bantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano, kuko boba binyegeza muri iyo mirima, abo banyezamu ntibabivuge. Abo bakozi bakagirizwa kandi ko boba bakorana n’imirwi y’abitwaje ibirwanisho iva muri Congo ije guhungabanya umutekano mu Burundi.

Buramatari w’intara ya Bubanza akaba yaciye afata ingingo y’uguhagarika uruja n’uruza mw’ishamba cimeza rya Rukoko, abo bararira imirima y’ibikaju muri iryo shamba bakaba bagiye kugirwako amatohoza kugira barabe ko ivyo bagirizwa arivyo. Mu gihe bosanga arivyo, Buramatari w’intara ya Bubanza yamenyesheje ko abo bakozi bazoca birukanwa, hahabwe akazi abandi bakozi bazotanga imwidondoro yabo yose, kandi bashobora guhanahana amakuru n’abajejwe umutekano.

N’inka izofatwa ijabutse ibarabara rya Bujumbura - Rugombo, ifashe ibarabara rija mw’ishamba rya Rukoko, izotangishwa ihadabu ry’amafaranga y’abarundi agera ku bihumbi ijana.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.