Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashigikiye Trump n’abamurwanya batanye mu mitwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abashigikiye Trump n’abamurwanya batanye mu mitwe

Abashigikiye Trump n’abamurwanya batanye mu mitwe

samedi 28 Rusama 2016, par egide

Abashigikiye hamwe n’abarwanya uwo umugambwe w’abarepublicains washize imbere mu matora y’umukuru w’igihugu, Donald Trump, batanye mu mitwe mu gisagara ca San Diego i California, muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

BBC ivuga ko igipolisi kivuga ko hari abarundanye imbere y’ikibanza haberamwo inama batabirekuriwe n’amategeko, bafatamwo 35, abandi baca batangura gutera abaporisi amabuye n’amacupa y’amazi.

Donald Trump yari muri ico gisagara kiri hagufi y’urubibe Amerika ihana na Mexique, kwiyamamariza amatora y’ibanze ategekanijwe kw’igenekerezo rya 7 aho muri California.
Trump yamenyesheje ko azokwubaka uruhome aho ku rubibe mu ntumbero yo gukumira abimukira.

Iyo mishamirano yadutse ico kibanza kiberamwo amanama gisigaye kigaragara kubera imyiyamamazo ya Trump, abamushigikiye n’abamurwanya bahurira mu mabarabara, baterana amajambo bongera bacokozanya hagati yabo.

Abaporisi barenga mirongo ibiri bambaye ibintu vyo kubakingira nibo barungitswe kubatandukanya.

Bamwe mu bari muri iyo mishamirano buriye impome batera amacupa y’amazi abaporisi.
Hamaze gutangwa itegeko ko abo bantu bahava, igiporisi caciye kibahindira kure ya quartier ya Gaslamp yo muri ico gisagara.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.