Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashikiranganji 7 bakuwe mu mabanga yabo
Abashikiranganji 7 bakuwe mu mabanga yabo
jeudi 31 Nzero 2013
Abo bashikiranganji 7 bakombowe muri Reta y’u Burundi harimwo uwahora ajejwe inyigisho za kaminuza n’uwo kumenyesha amakuru.
Itegeko rikura mu mabanga yabo abo bashikiranganji 7 ba Reta y’u Burundi ryasomwe na Leonidas Hatungimana,umuvugizi w’umukuru w’igihugu.
Uwa mbere yakuwe ni umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine Martin Nivyabandi, yasubiriwe na Jean Claude Ndihokubwayo.
Uwa kabiri yakuwe ni Julien Nimubona, yahora ajejwe ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi. Yasubiriwe na Dr Joseph Butore.
Uwa gatatu yakombowe mu mabanga yiwe ni Severin Buzingo, umushikiranganji w’amashure matomato n’ayisumbuye hamwe no kwigisha abakuze gusoma no kwandika. Uwamusubiriye ni umupfasoni Rose Gahiru.
Uwa kane yakuwe muri Reta ni umupfasoni Concilie Nibigira, yahora ajejwe ubushikiranganji bw’ukumenyeshamakuru. Yasubiriwe n’umupfasoni Leocadie Nihazi.
- Concilie Nibigira
Umushikiranganji agira gatanu yakuwe ni Jean Marie Nibirantije ajejwe ubushikiranganji bw’ibidukikije n’ugutunganya amatongo. Yasubiriwe na Ir Jean Claude Nduwayo.
N’umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu Moise Bucumi yahindutse. Uwamusubiriye ni Ir Deogratias Rurimunzu.
Uwundi mushikiranganji yakuwe n’uwahora ajejwe inkino, urwaruka n’imico kama Jean Jacques Nyenimigabo. Yasubiriwe na Ir Adolphe Rukenkanya.
Iryo tegeko ryatewe ko umukono n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe n’ivyegera vyiwe bibiri kandi rica rija mu ngiro kuva kuri uyu wa kane italike 31 Nzero 2013.
kw’ifoto: Julien Nimubona yahora ajejwe inyigisho za kaminuza
Pierre Claver Niyonkuru
Messages
31 Nzero 2013, 12:53, par Armel
ni vyiza kweli. Iyi système niyo yatumye abanyarwanda badusiga mu vy’ubutunzi. Baje bashirako abantu bize cane kandi bipfuza gukorera igihugu n’abanyagihugu.
1er Ruhuhuma 2013, 02:17, par HEZUMUKAMA M. Chantal
Ni vyiza ko nyenicubahiro afata ingingo nkizi iyo bikenewe! Ariko rero nta nuwokwiyobagiza ko ukwama uhindagura Leta ari bibi kuko bimugaza imigambi yari munzira.None nkakarorero; itohoza Julien yariko aragira ku bagize uruhara mwinyuruzwa ryamahera yari yagenewe gufasha abanyeshure; rizobandanya gute? None twizere ko uwo aje azobibandanya?