Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kibandanya kwiyamirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kibandanya kwiyamirizwa (...)

Ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kibandanya kwiyamirizwa n’amakungu

jeudi 12 Ruhuhuma 2015

Mu nama idasanzwe yahuje abashingamateka ba Buraya, bagarutse ku bihe bidasanzwe vy’amatora Uburundi bwimirije, co kimwe n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu.

Abashingamateka ba Buraya mu nama

Muri iyo nama yo kuri uwu wa 12 Ruhuhuma, abo bashingamateka bavuze ko umukuru w’igihugu atorerwa ikiringo c’imyaka itanu, agashobora kwiyongeza rimwe gusa. Abo bashingamateka bakaba bashize ahagaragara ko ataworenza ibiringo bibiri ari umukuru w’igihugu nk’uko amategeko Uburundi bugenderako abivuga. Ivyo, abo bashingamateka bakaba babivuze mu gihe kugeza n’ubu umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza akiri mu gacerere ku bijanye n’ibivugwa na bamwe mu bari mu mugambwe akomokamwo, ko arindiriye ibizosabwa n’Abagumyabanga ba CNDD FDD hamwe n’urubanza rwocibwa na sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro hamwe yoramuka ashatse kwitoza.

Petero Nkurunziza umukuru w'igihugu

Abo bashingamateka rero bagasaba ko amategeko yubahirizwa, nayo ibiganiro vyotuma hubahirizwa urupauro rw’inzira rwari rwumvikanyweko n’abanyeporitike bose mu Burundi bihagarikiwe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka w’2013, bigatunganywa mu ntumbero yo gutegura icuka ciza imbere y’amatora.

Abo bashingamateka b’ishirahamwe rya Buraya, bakaba basaba bashimitse Reta y’Uburundi ko yofata ingingo zikomeye mu gukurikiranira hagufi ibikorwa vy’urwaruka rw’Imbonerakure zisanzwe zikomoka mu mugambwe CNDD FDD, aho zagirizwa kugira ibitero ku bantu batavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, kubatera ubwoba n’ibindi. Abo bashingamateka bagasaba kandi ko abakoze ivyaha vyo guhohotera abandi, boza bararengutswa imbere y’Ubutungane, bakabazwa ivyo bagirizwa.

Imbonerakure za CNDD FDD

Aristide Nizigire

Messages

  • Nibanze’yig’ikibazocaUkraine.nigeria nahandi
    Muburundibintu birikumurungo
    Barekegukorerakuma raport bahabwanakarwi
    Gatotwita(imburabugirire)
    Eregatwarikukiye.ntitukirimubukoroni.

  • ABAGIZE UMUHARI M26 ;MARESHALE SINDUHIJE; GENERALE MINANI ;GENERALE GWASA; COMANDANT NDITIJE; COMANDANT BAMVUGINYUMVIRA; MAJOR AKABA NUMUVUGIZI WUMUHARI TASIYANO; ICEGERA CUMUVUGIZI BAKAME LEONCE NGENDAKUMANA VIVE M26. DUSAVYE LETA KO ITOKWIJAJARA MUGUHASHA AKO KAGWI NKUKO YABIGIZE MUCIBITOKE. MURAKOZE

  • mukinda mugaramye; mukinda mwubamwe nkurunziza azitoza ntagisivya abashaka babe bariha isumu; canke bave mugihugu

  • IYIMBURA RIRAGEZE MUKWAGATANU. ABARIMIYE MUBANYAGIHUGU NA BARIMIYE MUNSAMIRIZI BATANGA IBIGANIRO ABANDI BARI KUKIVI BUCA BABONEKA HAHAHAHAHAHA TURIRIMBE/ BATERA IGERE RYANYUMA OYA MAMAWE NIGERE RYANYUMA

  • abanya bulaya sibo bazotora uwuzorongora uburundi oya; twebwe abene gihugu nitwe tuzotora abadutwara bibwirwa benshi ...............DOMISIYANO bigeze kumubwira ko yahahamutse kuko kuko vyari vyanse ko yitoza; abububo bazota imitwe nkuko dutanguye kuvyumva muvyo bavuga nka bamaze guta rezo hihihihihiiiiiiii

  • ikigaragara ubu : hari équipe zibiri mu kibuga:opposition fc igizwe na ADC imbere,RANAC hagati,Forsc na FOCODE inyuma ,umunyezamu ni RPA,ISANGANIRO,BONESHA,renaissance tv. KURUNDI ruhande hari umugambwe CNDD-FDD fc abakina imbere n’abagumyabanga,abo hagati n’imbonerakure,n’abakenyerera Rugamba,umunyezamu n’ibikorwa. CNDD-FDD izondinda impaga :IBITSINDO 10 KUBUSA BWA OPPOSITION

  • nkurunziza naeshwe ate ibisakavyibwa vyarahiye.abamushigikiyenabo nabicanyi nkawe.

  • uyo mutama pete arabarwaje akabonge?kubera iki mutinya amatora?mama ngo abanywany banyu binjiye dd ku nguvu ,mama ngo pete ntiyitoze ari populaire gose,ntaho mutaniye ninyoni ya ndyogo yarikiye muntege ngo wicare bimeneke uve hasi bimeneke.ivyo mwitwaza intambara vyo ntimuzi ko muzeregwe. ntawarazi ko intambara yatangujwe 93 yoheze en 207 fnl ihagaritse. A qui profite la guerre? ubona uyitangura ntumenya ingene uyiheza.Eka noneho peter azitoza uwanka ameneke

  • none uyumukuru wigihugu koyabaye ikinani dukoriki mubona twokwemera kwadutamukaga nukuraba tugatangura gukora ivyoturekuriwe namategeko dutangure imwiyerekano tumwiyamirize hakirikar.

  • Namwe mumbarire nkukonamandabivuga nabandi bakabinoganza kubona ababazungu baremera kotwikukiye? Namwenimwumve ukuntu igihugu nku Burundi gifise Imana nsingamatekayaco ariko ukumva inamanshingamateka yomukindigihugu yakoze icicaro yiga ibijanye nivyomurungo rwundimugabo!? Narabivuze vyose biterwa nuko turabakere kuberabaziko badufasha kubitaribike ivyorero nivyobituma bacabatugaraguza agati, ntihagire uwumpaririza kuko harihibintuvyishi nabobakora bibonekanako twogira icotubivuzeko nkabashingamateka bubumwe bwa Africa yubuseruko ariko turabarekera uburengazira bwabo canke bwibihuguvyabo kuberavyingenga. Abavuzeko ubukene aringwara muzindi ndiyabeshi!.

  • erega juma urikijuju mbizo jamujeri mbona aha hejuru ziriko zisiga amavuta?ivyowanditse ninyoma muga ariko naho batob, abo bazoba nabandi kuko ivyomuriko mu rate gusa nabandi barabibona irihe HAVYARIMANA yabitegura mu RWANDA yarazi kwari kinani nonubu arihe abo barikumwe bapfuye bangara nkagahini abandi bagorewe mumabohero atandukanye none namwe nimurindire! hahaha NUWERA ugiye wavugukuri nimureke kunya aho mutema kurya kuri buca mukurekura abarundi tubanze tubatwenge

  • None se uburundi butwzrorwa iburayi

  • amakunguse niyo ayobora uburundi? ahubwo numva abanyagihugu aribo bafite ijambo kugihugu cyabo. amakungu areba aho afite inyungu,ko atajya avuga Museveni!?!, abanyafrica harageze ko twigenga vyanyavyo. naho nyirikibahiro Peter azarebe icyo amategeko atagekanya nezaneza akore icyo.

  • Mbega akarorero kagumye nako mu r wanda?hewe akari murugo rwuwundi ntikwubaka urundi.ntambara izosubira mu burundi icabona n’imana

  • Mbega site IGIHE ko umengo murahengamye. Prezeda Peter niwe muguma muvuga KAGAME ko mumutinya? Za mandat ziwe z’imyaka cumicumi n’iyindi ashaka kwiyongera ko mutabivuga no muri site y’ikinyarwanda. Canke vous etes au service du général Kagame????

  • @ Marc, nanjendemeranya nawe kubijanye nibibinyamakuru IGIHE.BI NA IGIHE.COM MENGO VYASHINGIWE KUVUGA NKURUNZIZA NA RETAYIWE GUSA!

  • Mbega wewe uvuga ko mwikukiye ntabwo uziyuko mukirongorwa nimfashanyo babahereza mbehamwe bozihagarika ukwikukira kwanyu mwoca mukwita iryahe zina? Kananirabagabo ntiyimye kandi Ngo agasozi kintahanurwa kahiye abagabo babona nimwumve iryabagabo bavuga mutange uyundi mu candidat erega Peter ntamategeko amwemerera yokuyobora igihugu c’Uburundi imyaka15 nimureke kuba abubwenge buke

  • wap man natang kwel si non nkundakurya muraz ingn vyamgendy.ok mw p6.

  • NYAKUBAHWA MUTAMA PETERO NKURUNZIZA RAMBA KOMERA SAGARARA USAGAMBE MUBAWE SONGAMBERE TURABASHIMIRA UBWITONZIBWANYU MWAMANYE IMANA IBAHEZAGIRE MUZOKWAMANE UMUTIMA WOGUSHISHOZA . NTIMUZOKWIHORE MURAKOZE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.