IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abashingamateka banse kwiga integuro y’itegeko rigenga kumenyesha (...)

Abashingamateka banse kwiga integuro y’itegeko rigenga kumenyesha amakuru

vendredi 28 Kigarama 2012

Mu mategeko abashingamateka barikwiga kuri uwu wa kane igenekerezo rya 27 kigarama 2012, harimwo integuro ijanye no kumenyesha amakuru. Naho umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, Nibigira Konsiriya, yari mu Kigobe kuva isaha zitatu z’igitondo gushika isaha zitandatu, iyo nteguro ntiyizwe ku mvo zitaramenyekana kandi akaba atanirindi sango yahawe.

Hari hamye inkuru zivuga ko abashingamateka bo mu
mugambwe uri k’ubutegetsi, CNDD-FDD, boba aribo batumye iyo nteguro y’itegeko itirwa kuko batashimishijwe n’ukuntu umurwi wo mu nama nshingamateka ujejwe ibibazo vya politike n’intwaro wayihinyanyuye.

Abantu benshi barashima ukuntu uwo murwi waryize neza ukariha intumbero yorohereza abamenyeshamakuru mu kazi kabo ka minsi yose. Akarorero umuntu yotanga n’uko wisunze ibwirizwa shingiro n’amategeko mpana vyaha uwo murwi warafuse ingingo zose zihanisha ihadabu ry’umurengera umumenyeshamakuru yokora amakosa. N’ingingo ibategeka kuvuga aho bakuye amakuru, uwo murwi warayifuse.

Ukaba waranaboneyeho akaryo ko gusubiramwo ububasha iyo nteguro iha urwego CNC rujejwe gucungera ivyo kumenyesha amakuru. Ingingo yari yiyamirijwe n’abantu benshi kuko bari baruhaye ububasha bw’inzego z’ubutungane.

Uwo murwi nyene ukaba waciye uha urwo rwego ububasha bwoguha no kwaka iyo bikenewe abamenyeshamakuru n’abahinga mubijanye no kumenyesha amakuru ikarata y’uwo mwuga bita Crate de Presse.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Nibigira Concilie yari yazindukiye mu nama nshingamateka ariko nta mushingamateka n’umwe yinjiye mu ngoro. Yahavuye ataha iyo nteguro itizwe. Nta n’isango ibiro vy’inama nshingamateka vyatanze yo gusubira kwiga iryo tegeko.

kw’ifoto: Niragira Concilie,umushikiranganji wo kumenyeshamakuru


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.