Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashingamateka batoye itegeko ribasaba gutanga ikori ku mishahara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abashingamateka batoye itegeko ribasaba gutanga ikori ku mishahara

Abashingamateka batoye itegeko ribasaba gutanga ikori ku mishahara

samedi 19 Nzero 2013

Ryari rimaze gusubizwa inyuma incuro zibiri zose. Ryari ryanatumye abanyagihugu bagira imyiyerekano mu mwaka uheze muco bise ‘’Ubuzima buzimye’’. Kuri uyu wa gatanu ku mugoroba iryo tegeko ryatowe n’abashingamateka bose ijana kw’ijana. Bazotanga ibice 30 kw’ijana ku mishahara yabo. Amashirahamwe agwanya ibiturire ntashima kuko ngo babanje kwiha uturusho tw’umurengera.

Kuva isaha 3 zo mu gatondo kuri uyu wa gatanu italike 18 Nzero 2013 abantu bose ntakindi bavuga mu mabarabara, mu masoko, mu miduga yunguruza abantu n’ahandi hahurira abantu benshi. Ikibazo kimwe gusa.’’Mbega uyu munsi hoho abashingamateka bahava bubahuka batore itegeko ribasaba gutanga ikori ku mishahara yabo co kimwe n’abandi bategetsi bakurubakuru harimwo n’umukuru w’igihugu?’’

Kuva ku munsi wa gatatu iryo tegeko ryari imbere y’abashingamateka ririkumwe n’izindi nteguro z’amategeko mperekeza kugira rije mu ngiro atagahigihigi. Ryari rimaze gusubizwa inyuma n’inama nshingamateka kabiri kose ngo kuko ridateguye neza.

Isaha 5 z’umutaga, ntanakimwe cari bwamenyekane. Abashingamateka bari bakiri mu migwi yabo ya politike ifatiye ku migambwe baturukamwo bahanahana ivyiyumviro. Bamwe bavuga bati n’akarenganyo ko abandi bakozi batobato batanga ikori ku mishahara ariko abahembwa menshi ntibaritange. Abandi nabo bati rindira duheze ikiringo cacu hanyuma rizotorwe n’abandi, ubona ko hasigaye imyaka 2 gusa.
Isaha 7, integuro ya mbere yari imaze gutorwa. Iryerekeye ikori ku mishahara ryagira 6 ku rutonde.

Isaha 10 z’umugoroba, iryo tegeko ryari rimaze gushikirwa. Impari ziba ziratanguye mu bashingamateka kugira barihinyanyure ariko ntizabaye ndende kuko wamenga bamaze kubipfundika ivyo bakora bakiri mu nama y’imigwi ya politike.

Impinyanyuro zitari nke zateguwe n’umugwi w’abashingamateka ujejwe ivy’ubutunzi zaremejwe, izindi nazo zirongerwamwo ivyiyumviro bitari bike.

Isaha 11 z’umugoroba zirenga gato abashingamateka bose bari mu ngoro yabo mu Kigobe n’abari batumye baciye baryemeza baduje amaboko kubice ijana kw’ijana. Pie Ntavyohanyuma arongoye inama nshingamateka yaciye avyemeza ku mugaragaro ko itegeko risaba abategetsi bakuru bakuru b’igihugu ritowe n’inama nshingamateka y’u Burundi.

Iryo tegeko rivuga ko abakozi bahembwa imishahara idashika ibihumbi 150 vy’amafaranga y’amarundi, nta kori ku mishahara bazotanga. Abahembwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi 150 n’ibihumbi 300 bazotanga ibice 20 kw’ijana ku mishahara nayo abahembwa amafaranga arenga ibihumbi 300 bazotanga ikori ringana n’ibice 30 kw’ijana ku mishahara yabo.

Hari icahindutse. Kare abatatanga ikori ni abadashikana amafaranga ibihumbi 40 y’imishahara.

Abategetsi batahora bariha ikori ku mishahara ni umukuru w’igihugu, ivyegera vyiwe bibiri,umuhuza w’abarundi, abashingamateka n’abakenguzamateka, abashikiranganji n’abayobozi bishikira,abakozi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu, abo mu nama nshingamateka na nkenguzamateka n’abandi bafise ivyicaro nk’ivyo.

Ubu rero abobose bagiye gutanga ikori ku bice 30 kw’ijana kuko bahembwa ayarenga kure ibihumbi 300 y’amarundi. Akarorero n’abashingamateka bahembwa iimiliyaridi zirenga 2 umwe wese.

Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire rivuga ko atakarusho, ngo bashatse guhuma amaso amakungu kuko ngo abo bategetsi babanje kwiyongera amafaranga atri make. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME avuga ko abashingamateka n’abakenguzamateka biyongeye imiliyaridi 3 z’amarundi ku mishahara yabo. Ikori ku bashingamateka n’abakenguzamateka ringana n’imiliyoni zirenga gato 750 ku mwaka.Gabriel Rufyiri avuga ko biyongeye menshi bakazotanga make. No ku turusho, abo batowe n’abanyagihugu mu mwaka w’2010 bariyongeye amafaranga ati make. Ivyo biri mw’itegeko ritunganya amafaranga Reta iriko irakoresha muri uyu mwaka w’2013.

Ico kibazo c’ikori ku mishahara y’abategetsi cari catumye abakozi ba Reta n’abigenga bahagarika akazi umunsi umwe mu mwaka uheze italike 27 Ntwarante. Bari bahamagawe n’amashirahamwe yigenga n’amasendika y’abakozi mu ntumbero yo kurwanya ico bise ‘’Ubuzima buzimvye’’.

N’ubu iryo tegeko ryaraye ritowe, amasendika n’amashiramwe yigenga ntabishima kuko ngo abategetsi bashatse kwikwegerako uturusho mugihe abandi bakozi batobato n’abanyagihugu bugarijwe n’ubukene.

Kuri uyu wa gatandatu italike 19 Nzero 2013 inama nkenguzamateka nayo yaciye yemeza iryo tegeko risaba abategetsi gutanga amakori ku mishahara ibanje kuhinyanyurabimwe bimwe bubirigize.
Bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu ariterako umukono kugira ngo ritangure kuja mu ngiro.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.