IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abashingwamanza b’i Genève barungitse uwufasha kuburanira Mbonimpa

Abashingwamanza b’i Genève barungitse uwufasha kuburanira Mbonimpa

jeudi 14 Myandagaro 2014

Abashingwamanza batagira imbibe (Avocats sans Frontiere) bararungitse umushingwamanza Damien Chervaz wo mu rwego rw’abashingamanza b’i Geneve, kugira afashanye n’abari bahasanzwe batatu, mu kuburanira Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH. Abo bashingwamanza basaba ko ubutungane bwobaha kopi ya dosiye ya Mbonimpa, uwo baburanira nawe agatezurirwa kuko akitswe n’amagara aho apfungiwe mu Mpimba.

Damien Chervaz, umushingwamanza wo mu rwego rw’abashingwamanza b’i Genève yarungitswe n’abashingwamanza batagira imbibe (Avocats Sans Fontiere) kugira akorane n’abashingwamanza Armel Niyongere, Antoine Nzobandora na Caritas Niyongere bari basanzwe baburanira Petero Karaveri Mbonimpa. Abo bashingwamanza basaba ubutungane ko bwobaha dosiye ya Petero Karaveri Mbonimpa baburanira, kugira bashobore kumenya ingene bokwitegurira urubanza rwiwe.

JPEG - 66.4 ko
Damien Chervaz wo mu rwego rw’abashingamanza b’i Genève

Petero Karaveri Mbonimpa w’imyaka 65 apfunzwe arwaye ingwara y’igisukari kandi hari itegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane rivuga ko umupfungwa akwiza imyaka 60 canke arwaye ingwara idakira, ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana atava mu munyororo. Abashingwamanza ba Petero Karaveri Mbonimpa basubiriye gusaba ko uwo baburanira yorekurwa akaburana yidegemvya, bitagenze uko naho, akazogira ico aba aho arwariye mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bakavuga ko bizobazwa Reta y’uburundi. Mw’ishirahamwe APRODH bakaba mbere bandikiye umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH : Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme), bawusaba ko wokoresha ububasha uhabwa n’amategeko, kugira Petero Karaveri Mbonimpa azoburane yidegemvya, kuko abaganga bamukurikirana bamwandikiye kwama yisuvumisha ku mwanya ku mwanya, akongera agafungura ivyo yategetswe nk’umurwayi w’ingwara y’igisukari.

Umushingwamanza Antoine Nzobandora, umwe mubaburanira Petero Karaveri Mbonimpa amenyesha ko bitangazwa ingene ubutungane bushaka gukorera ku sanamu imwe gusa muri zitanu Petero Karaveri Mbonimpa yerekanye, kandi ku bwiwe yashaka ko inzego zibijejwe zikora amatohoza ku myimenyerezo ya gisikare yoba yariko ikorerwa mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

JPEG - 644.3 ko
Antoine Nzobandora, umwe mubaburanira Petero Karaveri Mbonimpa

Abashingwamanza Damien Chervaz, Armel Niyongere, Antoine Nzobandora na Caritas Niyongere basavye ko amasura ya Petero Karaveri Mbonimpa yokingirwa umutekano wayo, akazoshobora kurenguka ata bwoba.


Egide Nduwimana

Messages

  • Kobatagirimipaka kobatagiye mu Rwanda gufashanya nababuranira Ingabire Victoiry inzirakarengane yambere dufise uyumusi muri Africa? Nayokuvya Mbonimpa biratomoyeneza koyabeshe kukontiyavuze akekeranya yaremejeneza ko yigiriye Kiriba arifatira amaphoto akoresheje ngwokaramu abazungu bamuhaye.

  • Mbe abobacamanza bakora ivyobize canke bakora ivyobategetswe nubutegetsi???Ubwo baribukako nabo batwaye umubiri???

  • Gerageza kuri jewe ntacizere kuko "ninkuvuza ingoma kukibido kirigusa /mumitwe yaba DD nibo bafise ukuri bonyene bameze nkivyisi

  • None abobashingwamaza kobatabanza kwemerako mbonimpa yabeshe yokuvugako arwaye canke ashaje? Nibanzemwemere koyakoze amakosha arikontimuvangavange ivyubusaza nubugambanyi, mbemwarimuziko iyubugambanyi bukozwe numuntashaje kobeshibihutira kwerakwarukuri? Ahamuburundi twobatugowe nambabatohanwa mugihebakoze amakosha.

  • Ahubwo abanyajeneve ni Imana barungitse Murihinyuje namwebwe Har umuntu agitinya umuzungu Ewe mwabantumwe !!muratwenza kweli umvira abaganza..mububahe ..mubagamburukire..Nayo ako kagaye kokugayana mukareke abandi uwo muzungu nimumubwire asubire iyo yajava ntaterambere ry igihugu cacu yazanye.

  • Niho bavuze yuko iyumuntu ashaje amera nkumwana muvyukuri birababajje kubona arikwarota umuriro atacanye mbonimpa muvyukuri yaserukiye kakarwi katorwa nabantu banka urunuka ubutegetsi numugambwe cndd fdd kugira gakore ibishoboka vyose harimwo namarementanya ngo mpaka cndd fdd babomoye mbere harimwo nabatowe gukwaragira mubihugu bitandukanye. Kugira bateranye ubutegetsi namakungu mbere barateguye gukoresha namasanamu ahinguwe mubuhinga bwanone mugihugu naho bateguye kuzokoresha cane radio rpa hamwe nabamenyeshamakuru bamwe bamwe bo kwi sanganiro bonesha ronesense murayo manama bavuga bati tuzovuga tweruye dushize isoni bikenewe tuzobatuka atawe tubabariye naho yoba presinda pasifike yongeyehho ati nihagira uwo bafunga tuzo bafasha kumvisha abarundi namakungu nama sosiette.siville mpuzamakungu komurenganywa yongeraho ati tubamerere nkayanyendamuvano yanryogo yarikiye muntege none ubu ? Ntimuzi ko hari urwaruka rwimbonera kure rwari rwahawe amahera kugira ruvugire kumaradio korwahawe inkoho ko ruri. Mubari muri kongo kwiga inkoho bari bemerewe ko batanze ayo majwi bazokingwa berewe kujanwa hanze bamwe badusanze ino hanze bahunze mbonimpa nibamurekure numurwi munini bibaye ngombwa ayo mazina tuzayababwira namba umutekano wacu woshobora gukingirwa

  • Ahubwo uyo muzungu wewe ari kukazi ko kwironderera isoko yogushoreramwo ibogwanisho!!,nibo babikora,aho rero dusubiranyemwo wewe aba ashikije ico yatumwe,inkoho na masasu na mabombe birara bishikiriye abo banwanyi biwe,ngwaragwaye igisukari?,mumpimba ahari iyo miti muganga yamutegetse kunwa,ntiyoyinwerayo ngwayimire??.ikindi ngwarashaj,imyaka65,nunva gwari rumukurukuye!,kuki atabona kwakwiye kurengera ivyisi,ngwahe amahoro twebwe tukiri bato.na pasure ave muvya politique ko wunva ashaje,ahoho ntaho bitaniye n’ingurube yivurunga muvyondo,ngwabashingwamanza mpazamakungu,ahubwo nimpuzamasendika!,nahere mu RWANDA,arenganure victoiry INGABIRE,niho tuzokwemera ko badatandukanya kubutonyi,basanze m’uburundi ariho gwoba gwitaha?!,hamwe uyo MBONIMPA yofungugwa adahanwe ,natwe ABANYAGIHUGU twoca twihereza amabarabara,bibaye ngombwa tukamwihanira hamwe nabo bamwosha guhemukira abarundi,n’uburundi!!!.Iyo muva muragayana kabisa.muga murihenda caaaaaaane!!.

  • Turasavye ako kiiyita Mama ko katosubira kwandika ivyo kandika ntanubwo bisomeka uretse yuko kavuga ayamuhe gusa

  • Ahubwo uwo Muswiswi,ni yaraba nabi bazomugira kumwe Kagame yagirira wa muzungu yihenda ngo agiye kuburanira Victoire Ingabire.

  • Abarundi dukwiye kubabarana tuvamenya ko twese dufise amaraso ntawokwiyibagiza ivyo twirirwa turumva kumbonera kure imiryango yirirwa iraririra kumaradiyo .uyo muzungu ntaco azohindura mugabo twebwe abarundu tuguma twitesha agaciro kuko amakungu arakwirikirana ibiba mu burundi nanje ndimwo ndi muri America.Ico ndovuga gusa petero claver yarumuntu dushira mubambere haranira agateka kazina muntu akagomba kumenya ukuri kukintu cose abonye.

  • ubukoroneze!bwagiye nkifuni iheze!!!shingimizi demukarasi. mbese abobajirani ntibumva?

  • NGIRA SINUMVISE NEZA UWOMUZUNGU YAJE KUMWONGEREZA IMISI YUKUBAHO!!!!!!!!!!!!! ICOBA CIZA, NUKO MBONIMPA AKWIYE GUCA BUGUFI AGASABA IKIGONGWE UBURUNDI,ABARUNDI NAMAKUNGU KO YATAWE MURUDUBI!!!!!!!!!! NAYO GUPFA NEJO YOPFA!!!!!!!!!!! AHUBWO NIYAPFA ABAMWUNGANIRA BAZOCE BASHINGISHA URUBANZA BEREKANE AMASEZERANO YAGIRANIYE NURUPFU KO ATAZOPFA HAHAHAHAHAHAHA

  • RUTOVU UVUZE UKURI NKUKURIMA. UMUSI MBONIMPA AZOREKURWA ADAHANWE NIMBA YAGIRA ICAHA ABANYAGIHUGU TUZOHEZA TWICIRE URUBANZA. AHO RERO MURAHAGABIRE SINZOMWIHANGANIRA YARANZUYE MUBAFUYE NTARAFA!!!!!!!!!!!!!

  • NINDE YABAHENZE KO SENTARE YUBURUNDI ITWARIRWA MU BU SWISE???????????? IGIHUGU CARIKUKIYE NABANYAGIHUGU BARIKUKIYE, HAVUYEMWO ABAVUGAKO BATARIKUKIRA ADC-IKIBIRI, FOCODE, OLUCOM, FORSC NA COSOME. ABONABO BAKABA BANGANE NI 19000 MUGIHE MUGIHUGU COSE GIFISE ABANYAGIHUGU 9.000.000.

  • nubu nagende afate amafoto yabari bagiye kwifatanya na mai mai tka ayo bababuriye asubire avugengo ni abarundi :soma (ikaze iwacu)ubu ho azakuvuga ko ari abasanze sheke bapfuye abandi bafashwe tuzoba twumva ivyo abesha abarundi nuburundi

  • ubusha abapfuye nabafashwe twabobonye nabomuri RDF uzosubire ryatekinikaryawe nkaho interineti uyibika kugi tanda cawe .cg igabwa numugore wawe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.