Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abasiramu bo mu bihugu bitatu biyamirije Charlie Hebdo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abasiramu bo mu bihugu bitatu biyamirije Charlie Hebdo

Abasiramu bo mu bihugu bitatu biyamirije Charlie Hebdo

samedi 17 Nzero 2015

Abari mw’idini rya Islam bo mu bihugu vya Mali, Nigeria na Algerie biriwe mu myiyerekano aho biyamiriza ibicapo vy’ikinyamakuru Charlie Hebdo.

Bafise ivyandiko biriko ngo "Je suis Mahomed", "Je suis Muhammed", ‘’Je suis Musulman’’ bakaba basavye ko uwuri mw’idini rya Islam wese aho ari yokwiyamiriza yivuye inyuma ibicapo vya Charlie Hebdo biboneka Mahomet ariko ararira, afise igashushanyo ca Charlie Hebdo, ngo Je suis Charlie.

Mahmoud Dicko arongoye urwego rukuru rw’abari mw’idini rya Islam muri Mali, akaba yavugiye ku murwa mukuru Bamako ko igikuru kuri uyo munsi kutari guhamagaza isinzi ry’abari mw’idini rya Islam, ariko ko igikuru ari ukwiyamiriza agasomborotso k’ico kinyamakuru. Avuga ko isi yose ihuriye i Paris kugira barwanye iterabwoba ico kintu ni ciza, ariko akagaya agasomborotso k’ico kinyamakuru aho gicapa umuhanuzi wabo Mahomet ariko ararira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.