Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare batanu ba AMISOM bafashwe bagirizwa ubusuma
Abasirikare batanu ba AMISOM bafashwe bagirizwa ubusuma
lundi 6 Ruheshi 2016, par
Abajejwe umutekano mu gihugu ca Somalia bafashe abasirikare batanu ba AMISOM hamwe n’abanyagihugu cumi ba Somalia bagirizwa kugurisha ibikoresho vya gisirikare.
Umushikiranganji w’umutekano wo hagati mu gihugu ca Somalia, Mohamed Sheikh Hassan Hamud, yamenyesheje ko abo basirikare b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bafashwe bariko baragurisha ibikoresho vya gisirikare ku bantu bo muri Somalia, ivyo bariko baragurisha bikaba vyari bigizwe n’igitoro hamwe n’ikoresho vyo gusambura ibibombe.
Mohamed Sheikh yabwiye abamenyeshamakuru bo ku mugwa mukuru Mogadishu ko hari haheze iminsi babakurikirana, igiporisi naco kibagirako amatohoza.
BBC ivuga ko ari ubwa mbere abasirikare bagiye kugarukana amahoro muri Somalia bafatwa bagirizwa amakosa kuva bashitse muri ico gihugu, haraheze imyaka icenda.
Umushikiranganji w’umutekano wo hagati mu gihugu ca Somalia, Mohamed Sheikh, yemeje ko abo basirikare bagize urwo rudandazwa rutarekuwe, yongera avuga ko ingendo yabo yerekanye igituma habandanya kuba umutekano muke muri ico gihugu.
IGIHE
Messages
6 Ruheshi 2016, 20:56, par Alice Irumva
Nibabacure basaze, bagiye kwiba hariya naho?Ivyaba vyarabaheranye!Iyakariye ntagata!Yoooooh,muramangaye nuko atasoni mukigira nyene!
6 Ruheshi 2016, 21:43, par victor
Abo basirikare bafatamywe itonga nibabahane hakurikijwe amategeko kuko bagiye gutukisha igihugu cabarungitse
6 Ruheshi 2016, 22:24, par Kezakabasore Nukobahurabagaseka
Iki ki Alice Irumva,
Womengo kivuga nkikizi igihugu abobasirikare bivye bacamwo?
Mbehoho womenya igihugu bavamwo wibaza kwubwobusuma mucabuharurwa kubasirikare bose bigihugu bavamwo? Oyasukwo bimeze gusa hariho abafise ubwenge bucuritse! Ubukowewe umezeguryo wibaza kwabomumuryangowawe bose twocatubita kobafise ubwenge bucuritse nkubwobwawe?
7 Ruheshi 2016, 00:03, par Welsh Abubakri
Abo nibabandi bo kwawawundi tutiriwe turavuga , agatokikamenyereye gukomba kaguma kagoramye ......Bamwe bita abandi za mujeri , nuko zo zitagira isoni , nibabagarukane ntawutanga ico adafise , barondera amahoro yabasomaliya niwabo atayariho.
7 Ruheshi 2016, 00:28, par tari Rubebe
Abo basuma ngo baba ari abarundi bo muri Ex FAB
7 Ruheshi 2016, 05:04, par NYISHU Orginal
Nta Wudakosha,ahubwo Nibabagirire Ikigongwe Hama Babatege Ubwo Hanyuma,basubiriye Azoba Ariko Kageso,bazoce Babafatira Umwanzuro Ubakwiriye."Ikibi Si Ukurwa,ahubwo Ikibi Ni Ukurwa Ugaca Uguma Urwamiriye."
7 Ruheshi 2016, 08:26, par morodikayi.
Warudi kwao haraka siwatu niwapumbavu.
7 Ruheshi 2016, 10:14, par willynshimirimana
aho mupfa kuropokwa mumajambo muvuga yamuhe ibwo mwibanza ngoningabo zacu sizonagato kuko rwacu zifise indera rero uwo avuga ivyatazi nimujeri nyene
7 Ruheshi 2016, 12:58, par Aghahowa Okuchuku
sivyiza kumuntu a icamujanye;sintahura umuntu ahembwa na UN hama akaja kwivayanga.
7 Ruheshi 2016, 13:26, par Girukwishaka Gerard
MbegaBakaboko!Munyumvira Harimwoabarundi
7 Ruheshi 2016, 20:16, par x
Izo ni za mbonerakure za Nkurunziza
8 Ruheshi 2016, 08:25, par kamijo
none uwo x avuga KO ari imbonera Kure za Nkurunziza amisom igizwe n’abasikare b’uburundi gusa?nta bwenge ugira.
8 Ruheshi 2016, 08:35, par kamijo
morodikayi unafikiri wewe ndiwe mkamilifu?hizo hukumu zako mwachie Mungu!
8 Ruheshi 2016, 09:21, par Niyonsaba evelyne
mbegako bamwe muriko muvuga nayumwani atabatumye uwutagira icaha kurinosi ninde bibiriya ivugako umweranda w.1 acumura indwi kumunsi uwutagiricaha nabandanyavug