Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare bato bato bashasha bagiye kwinjizwa mu ntwaramiheto (...)
Abasirikare bato bato bashasha bagiye kwinjizwa mu ntwaramiheto z’uburundi.
mardi 19 Ruhuhuma 2013
Ikibazo co kwinjira mugisirikare carakozwe kuruyu wa mbere itariki 18 zukwakabiri 2013 mugihugu cose nabari biyandikishije mu rwengo rw ’abasirikare bato bato
Nkukwo tubimenyeshwa na coloneli Didace Havyarimana ajejwe kwinjiza abasoda bashasha muri mairie ya Bujumbura, mu bantu 184 bari biyandikishije muntango,167 nibo bakoze ikibazo, muribo harimwo abigeme batandatu(6 ), ubu rero hasigaye ko ico kibazo gikosorwa hanyuma hamenyeshwe abatowe.
Coloneli Didace arongera akanamenyesha ko bakeneye abasirikare bashasha 60 abahutu 30 nabatutsi30.
Alice-Anny Akingabiye