IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare n’abaporisi b’abarundi 730 biteguriye kurungikwa muri (...)

Abasirikare n’abaporisi b’abarundi 730 biteguriye kurungikwa muri Centrafrika

jeudi 5 Ruheshi 2014

Mu rugendo arimwo mu gihugu c’Ubufaransa, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko abandi basirikare n’abaporisi bagera ku majana indwi na mirongo itatu (730) bagiye guhamvya bagenzi babo b’abarundi muri Centrafrika mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri ico gihugu.

Petero Nkurunziza ashikiriza ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basavye ko Uburundi bwokwongereza ingabo z’abarundi ziri mu gihugu ca Centrafrika. Petero Nkurunziza yemeye ko Uburundi bwiteguriye kurungika abasirikare bagera ku 450, hamwe n’abaporisi baharurwa mu 280, bose bakaba barahejeje kwitegura, igihugu kikaba kiriko kirondera ibikoresho bikenewe, hamwe n’uburyo buzotangwa n’abasanzwe bashikigiye ico gikorwa c’ukugarukana amahoro.

Tubamenyeshe ko Uburundi busanzwe bufise ingabo zigera ku bihumbi bitandatu (6.000 hommes) zarungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika kiri mu ntambara z’urutavanavanako zituruka ku ndyane z’amadini kuva muri Nzero umwaka w’2014.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe ndumva President ariko yirengagiza ikibazo c’intambara yo mukarereKagame na Museveni bariko bategura mw’ibanga!!Guys burya Nkurunziza ndumva ari ashaka kurungika abasoda mumakungukandi ubwacu dufise urugamba rukomeye rwa Kagame kuko vyateba vyatebuka abanyarwanda tuzotana mumashi burya!!Barundi bene Burundi ntimwirengagize Kagame kuko ari mukeba wacu biturutse kuri Tanzania kandi ntimwirengagize pe!!UWUTAMBANA NA MUKEBA NTAKUBITA URUGOHE kandi UWUTAMIYE NTATAMURE ABA YARATAMITSWE!!Mwame mwibuka ko banatwiciye NTARYAMIRA na Peter bomurya ni mufyine kurushushe murungika ingwe mumahanganatwe twatewe!!kuki batakidutumira mumanama ya EAC?Kuko badukunda cane bakanka ko turiha indege tuja mumanama se?????Fyine bokitwaka dukanura

  • kagame yarwanye kera, kubarundi nagomba ndakumenyeshe ko atazokorako. Izontambara ategura mumpisho zizomuhitana. Akine ahandi apana kuritwebwe! Niba ahaze, azobona abashonji nabo uko bameze. Humura ntantambara ivuye murwanda izogira ico ukora kuburundi habe nagato ncuti

  • Mbega Burundi bwa nyaburunga nawe, iyo nkuru wayikuye hehe? Kudatumira umuntu munama bisigura intambara? Erega ntawutegura intambara adafise imvo ikomeye n’ico yipfuza gushikako. None Kagame mugutera uburundi yoba arondera iki? Bibaye naho, abarundi ntibatinya urukamvye. Ariko kandi mukuvuga mwene izo nkuru, wobanza ukaraba kandi ugatanga n’aho zifatiye kuko hari abo zoteranya canke zigaca ivutu, burya ntitwakira ibintu kumwe.

  • NUKURI TURASHIMYE INGABO ZUBUNDI INGENE ZISIGAYE ARI ZABITUMWAKO MUKUGARUKANA AMAHO MUMAKUNGU

  • MWIRAMBIR BASIRIKA MURABEREWE NIRYOBANGA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.