Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasitanteri babiri baraye babogojwe
Abasitanteri babiri baraye babogojwe
vendredi 1er Ntwarante 2013
Bonaventure Ntirandekura yahora arongoye Komine ya Gihanga, na Cleophace Niyonzima wa komine Kanyosha, baraye bakuwe mu mabanga yabo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Ruhuhuma. Ivyo ni ivyavuye mu Manama mpanuzwajambo y’ayo makomine.
Kuri uyu wa kane, inama mpanuzwajambo ya komine Gihanga yarakoranye, ihamagawe na buramatari w’intara ya Bubanza iyo komine isanzwe irimwo. Muri iyo nama, bamaze kwihweza ubuzima bwa komine, basanze ifise ingorane nyinshi, harimwo kudahemba abakozi n’uko ingingo nyinshi zifatwa, zahora zigorana kuja mu ngiro. Ivyo navyo, bakaba basanze ahanini vyava ku kutumvikana kwari hagati ya musitanteri Bonaventure Ntirandekura, n’umukenguzamateka Makurata Ndabaneze yari arongoye inama mpanuzwajambo ya komine, ari naho hahavuye hava ingingo yo kubakura bompi.
Abo bakuwe barashimye iyo ngingo, na kare ngo bakora batumvikana. Ku bajenama 14 bari muri iryo koraniro, 14 nyene nibo bemeje ko Bonaventure Ntirandekura akurwa. Aho bikaboneka ko nawe nyene ari mu bafashe iyo ngingo. Nayo 11 nibo bahisemwo ko Makurata Ndabaneze ava mu mabanga yo kurongora inama mpanuzwajambo ya komine.
Cleophace Niyonzima yahora arongoye Komine Kanyosha we, yazize ko yasubije mu mabanga uwahora ari umuhanuzi wiwe w’ubuhingaTeresiyo Barakamfitiye. Uwo nawe, akaba yaheruka kwirukanwa muri ayo mabanga bidaciye mu mategeko n’inama mpanuzwajambo ya komine.
Ladisilas Bazuwiha yahora ari umuhanuzi wa musitanteri, ni we yaciye aba arashizweho ngo asubirire musitanteri naho nawe nyene avuga ko atarabona ikete rimugena.
Iyo nama yakuye Cleophace Niyonzima, yabaye Jacques Minani buramatari wa Bujumbura yayibujije.
Foto: Buramatari wa’intara ya Bujumbura
Jean Michel Ndayikengurutse
Messages
1er Ntwarante 2013, 05:14, par Maheburwa Gaspard
Burya rero abantu batwara komine Kanyosha,mbere na Bulamatari arimwo, barakwiye kwibuka ibihe bikomeye yagiye iracamwo mu ntambara maze bagaheza bagakorera ineza yayo ha kwama mu gusekezanya ibipfunsi n’igigigi ataho ririko ridushikana. Irakwiye gutekana mu butegetsi bwayo koko mu gihe abanyagihugu bayo bitekaniye. Nk’umumenyeshamakuru ayivukamwo , nobahanura ko gihe cose bokwama bashira imbere kuganira,umwe wese agafata ingingo arekurirwa n’amategeko kandi ashobora gusigura. Bitagenze uko bazoba bariko baduhemukira bazi n’imipfunda twaciyemwo!!!
Gaspard Maheburwa
Journaliste-Réalisateur
Chef des Programmes/Radio Voix d’Espoir
MA Journalisme,Opt journalisme en ligne
Tél 79 491 778 / 77 111 043