Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasuma 3 ntiborohewe i Bubanza
Abasuma 3 ntiborohewe i Bubanza
samedi 16 Ntwarante 2013
Abasuma batatu bitwaje inkoho barafatiwe ku murwa mukuru w’intara ya Bubanza mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 14 Ntwarante. Bari bashitse aho i Bubanza ku mugoroba ari bane mu modoka yo mu bwoko bwa kagongo, aho bari bitwaje inkoho ya kalachnikov, hamwe na pistole.
Muri batatu bafashwe, umwe yari umusirikare w’igihugu, akorera mw’ikambi yo mu Ngagara. Uwari yitwaje inkoho ya kalachnikov niwe yashoboye gusiga abapolisi, aho mu guhunga yagiye ararasa.
Uwo nawe nyene ni uwasubijwe mu buzima busanzwe. Abajejwe umutekano barikumwe n’urwaruka rw’aho i Bubanza baragerageje kumukurikira ariko aruhira kubasiga.
Floxella Karire
Messages
17 Ntwarante 2013, 06:54, par mwizerwa longin
NIVYIZA GUTA MURIYOMBI ABO BASUMA, BUT HATI UWUNDI YITWA STRATON HABIMANA, ARI MUBURUNDI UBU NYENE,KNDI AGUMA AKOMEZA UBUZUMA BWIWE, NONEHO AVUGA KO AKORERA IGIPOLICE C’ UBURUNDI, NONE TURIBAZA ESE MUGIPOLICE C’ UBURUNDI CYO KIBIVUGAKO IKI IYO UMUNTU NKUWO AKOZE IVYO AKANABESHERA ABAJEJWE UMUTEKANO KO ARIBO AKORERA, GUSA UWO MUSORE STRATON AREMBEJE EAST AFRICA KUBUSUMA HABE MUBUGANDA, RWANDA, BURUNDI, NONEHO ASIGAYE AJYA NO MURI SOUDAN KWIBA. PLZ HAGIZE USHAKA KUGIRA IKINDI ASHAKA KUMENYA KURI STRATON HABIMANA YOBARIZA KURI 250 788 355 669. MURAKOZE AKAZI KEZA POLICE Y’UBURUNDI IKOMEZA GUKORA, MBIFURIJE AKAZI KEZA.
18 Ntwarante 2013, 09:54, par dumbuli
Ni byiza cyane rwose ko abasuma bafatwa ariko Abarundi tuzigire ku Rwanda hoho ikibazo c’abasuma carakemutse pe ushidikanya azagere i Kigali yirebere.
17 Myandagaro 2016, 05:53, par Didace
Uwo Yabasize Gute?Hoba Harabaye Ikimenyane