Accueil > Amakuru > Amashuri > Abasuma bitwaje ibirwanisho barivye kw’ishuri ETS Kamenge
Abasuma bitwaje ibirwanisho barivye kw’ishuri ETS Kamenge
jeudi 1er Gitugutu 2015
Abasuma bitwaje ibirwanisho barivye kw’ishuri ry’imyuga ETS ryo mu Kamenge mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 30 Nyakanga 2015.Amafaranga ashika imiriyoni cumi z’amarundi niyo yibwe mu biro vy’uwujejwe kugaburira abanyeshuri.
Nkuko amakuru ava kw’ishuri ry’imyuga ETS Kamenge abimenyesha,ubwo busuma bwabaye nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro,aho abasuma bitwaje inkoho,grenade n’imipanga bashika baca basaba abanyezamu kuryama hasi imbere y’uko binjira mu biro bikoreramwo uwujejwe kugaburira abanyeshuri.
Amakuru ava mu banyezamu avuga ko abo basuma bahejeje kubaryamika hasi baciye babajana mu nzu imwe iri aho mu kigo ca ETS Kamenge baca barababoha.
Ayo makuru nyene amenyesha ko abo baje kwiba bari bambaye bamwe amakoti yabo banyezamu,abandi bambaye umwambaro w’ishuri wo kuri ETS Kamenge kugira ntibahave bamenyekana vyoroshe.
Uwujejwe kugaburira abanyeshuri amenyesha ko bamuhamagaye nk’igihe c’isaha icenda,asanga amafaranga ashika imiriyoni 10 bamaze kuyatwara,ariko ata kindi batwaye.
Mwomenya ko ubwo busuma bubaye inyuma y’iminsi icumi gusa umwaka w’ishuri 2015-2016 utanguye.
Van Naris Mugisha
Messages
1er Gitugutu 2015, 12:21, par marie
none ni nde yarazi ko ayo mafaranga abikwa aho hiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii nibabazanye
1er Gitugutu 2015, 12:23, par manzi
Nibafate uwajejwe kubagaburira niwe yayivye amafranga ntabikwa muri office abikwa muri bank
1er Gitugutu 2015, 12:30, par mika
Ntihagire umuntu azosubirra kutwita abasuma,kuko rero tutishe numwe,turabarwanyi bazwi land nohanyuma tuzogaruka
1er Gitugutu 2015, 12:56, par juge
ivyo bintu biri mwamakenga. Ti gute? Ntivyumvikana ukuntu amahera angana uko yobikwa mubiro vyumuntu amabanki yuzuye!
1er Gitugutu 2015, 13:04, par juge
numva bigoye kandi biri mwo amakenga amahera nkayo aragoye kubika mubiro vyumuntu
1er Gitugutu 2015, 13:27, par Falcon
Hahahaaaa,ntitwari bwabone aho igihugu c’uburundi kigira imikoshi nkiyi,nkurumbi nikivume peeee,reka naje ndamuvume kuko n’Imana yaramuvumye,ipuuuuu nkurumbi uragapfa uyerera nka gahini.
1er Gitugutu 2015, 13:29, par Falcon
Hahahaaaa,ntitwari bwabone aho igihugu c’uburundi kigira imikoshi nkiyi,nkurumbi nikivume peeee,reka naje ndamuvume kuko n’Imana yaramuvumye,ipuuuuu nkurumbi uragapfa uyerera nka gahini.
1er Gitugutu 2015, 13:55, par François Hitimana
Ntivyoroshe pe! None kubu abanyeshura bazofungura gute? Iyi Mandat tuzoyiboneramwo vyinshi. Ivyo vyose biva kubukene n-inzara,igihugu kirimwo!
1er Gitugutu 2015, 14:27, par K
Kw’Isi yakinogihe kirazira kwimonogoza kubika amahara ahantuharihohose mbese novugako ngaho Burundi mugifise agahengwe, mubihuguvyateyimberehoho bagiyegufata icemezo cuko uwufise igituma abafise amahera burimusi canke burikwezi abafise kuyirukangana kwi bank abandindi bafise amashirahamwe yabantu batwara amamodoka yintamenwa bakorankaba polisi bababafise igiherunaka cokuzagutoramahera bakayatwara kwi bank. Ivyorero nabonyene bagiyekubishikira abeshibamaze kuhasiga ubuzima cankebamaze guhomvwa nibisuma. Rekarero ngire inama abarundi: Ndavugako nimba ufise utuntu ukoratuguhamahera ukabonako mukwezi wunguka ndufranga utujana 6 fBu urazemera utugabane ni banki usigarane 300f bank ikutubikiranayo 300f ndabizi hariho izogusabameshi arikohariho izogusaba ayomvuze. Rekambonereho gusaba ababijejwe kurondera uburyo bwabantu babonako bozabaribika nkamahera majana ataru burikwezi ucawumvako atoyatwara mwi banki kuko ayo itora ninkayonyene canke arenga nonemwenabo bashaka kubika amafranga nkayo tubabwire bayabike munzu?
1er Gitugutu 2015, 15:06, par Mukristomurugendo
@ falcon, urazokibatisha canke ukinire kubihangange vyahamw’Isi ariko uzirunde gukinatisha izina ry’Imana, urabina kw’Imana yohaguruka kuntebe yimbabazi kubwa prezida wubundi? Mbenindeyakubwiyeko Imana ikinatishwa? Imana ikeneye uwiyeza ntabwikeneye uwuyagirizango yaravumye kanaka, gusa iconzi ivyuvuze nibisesema Imana. Kubwanje ntuhave wibazangondakwanka kuko jewe nawe tuzojakumurongo umwe igihe Imana izocira abarinw’Isi imanza ariko nyuna izohinduka imirongo 2 umwewabamuyobotse uyundiwabatamuyobotse bamwebazoba baramugararije nukuvuga nkabagiriza Imana ngoyaravumye kanaka bakibazako Imana ikinata. Mwihane/ twigane. Amen?
1er Gitugutu 2015, 20:50, par mukwe
nibihangane!
1er Gitugutu 2015, 20:56, par Martin nyandwi
sha ntivyumvkana j mbona birimw igipfung pée!Amahera nkayo yobikwa mubiro icombona nukuraba neza uwo mu econome yotubwira neza aho ari?Mp ho ntabajejwe umutekano bari bahari?
2 Gitugutu 2015, 00:51, par rwinyo
Mucezo wa ndani, ntaco tutazobona, 10 millions ni nde yoyabika mu bureau, murabaza peter na gouvernement yiwe basha, vyose nubusuma, gouvernement voyou nuko ikora ntagitangaje cobamwo
2 Gitugutu 2015, 12:30, par Chakachaka
Ayo Ni Amanyanga Sha Ihorere
2 Gitugutu 2015, 15:22, par rukundo jean claude
nibihangane imana irikumwe nabo!
2 Gitugutu 2015, 19:04, par Niyibitanga Gustave
Nihatari Muburundi.Nibanga.
2 Gitugutu 2015, 22:52, par Bahizi
Burets!Abarund Twaraguts!Gusa Amatohoz Kur Uujejw Kugabur??
3 Gitugutu 2015, 20:28, par Nibitanga vital
ewe!2015 urashisha
5 Gitugutu 2015, 12:38, par Alain Tuyisabe
Ahubwo Fata Abo Bahakora Mubakoreko Amatohoza.Ntabasuma Basumba Abo.
6 Gitugutu 2015, 06:30, par Nkunzimana Jain Marie
icotwiyunvira,twebwe.abanyagihugunuko.amatohozayokogwa.izonkozizikibi.zikamenyekana
6 Gitugutu 2015, 22:50, par SIMBAVIMBERE
UWO AJEJWE KUGA BURIRA ABANYESH URE ARABIFISE MW O URUHARA
1er Munyonyo 2015, 12:45, par Leonce Hashazinyange
None Abo Bazamu,mugihe Abasuma Bari Bamaze Kugenda,barakomye Induru?Rabe Mubakoreko Itohoza Kuko Ntivyumvikana Ko Bokwiba Ngo Habure N’induru.Directeur Nawe,ni Wihangane,nkusaba Ko Woterereza Amashiramwe Abafashe Kugira Ntimuhave Mwaka Ayandi Mahera Abanyeshure.Mugire Ithoz Rikomey Kugra Abo Bagzi Ba nabi Baboneke.Poa
15 Munyonyo 2015, 06:22, par Isa
Nukwihangana Kuko Uwukwivye Ntakuruta Gufata Abazamu Ntamuti Urimwo Kuko Bose Batway Amahera Nyen Kuyatanga Arasigara Nico Kiryosh Kuko Amahera N,amaronderwa, Umuntu Naw?
19 Munyonyo 2015, 13:22, par GAHUTU//
Mugihe Umuzamu Bamwibanye Amatohoza Atangurira Kurwe
27 Kigarama 2015, 08:17, par Ndayishimiye Alexis
None Igihe Abo Basumababatera Ntibashoye Gukoma induru Cank Igiporic Nticarikibegereye Ahubwo Bakorereko Abo Bazamu Hari Ico Babiziko Bafat...
27 Kigarama 2015, 08:18, par Ndayishimiye Alexis
None Igihe Abo Basumababatera Ntibashoye Gukoma induru Cank Igiporic Nticarikibegereye Ahubwo Bakorereko Abo Bazamu Hari Ico Babiziko Bafat...
28 Ndamukiza 2017, 10:29, par HAVUGIYAREMYE PASCAL
NUGUTOHOZAYIZOKOTI ZA VUYE NIZO NIPHOLME IYOZAVUYE
28 Ndamukiza 2017, 10:30, par HAVUGIYAREMYE PASCAL
NUGUTOHOZAYIZOKOTI ZA VUYE NIZO NIPHOLME IYOZAVUYE