IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abataronse akaryo mw’iyandikwa rya mbere babandanya bitaba akamo

Abataronse akaryo mw’iyandikwa rya mbere babandanya bitaba akamo

lundi 23 Ntwarante 2015, par IGIHE

Abanyagihugu babandanya bitaba akamo k’umurwi CENI ko kwiyandikisha ku batabishoboye mu kiringo ca mbere.

Kuva ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 21 niho hatangura igikorwa co kwandika abatari bitavye akamo ko mw’iyandikwa rya mbere. Kuri uno wa mbere akaba ari umunsi wa nyuma kuko ico gikorwa gitegekanywa kurangira kuri uwu wa mbere nyene.

Ico gikorwa kikaba kibera mu bibanza nyene vyari vyabereyemwo iyandikwa rya mbere. Aho ikinyamakuru IGIHE caciye, haza kwiyandikisha umwe umwe, abo nabo baza, mu nsiguro batanga ku catumye batiyandikisha ubwa mbere, ar’uko batari bari mu gihugu, abandi nabo bakavuga ko bari barwaye, abandi nabo bakavuga ko batari baronse indangamuntu.
Nko mu kibanza c’iyandikiro kiri muri komine Bwiza aho bita kuri "Bon acceuil", hari hamaze kwiyandikisha abashika 102, ku biro vy’iyandikiro (centre d’inscription) biri ku biro vya komine Bwiza hari hamaze kwiyandikisha 36 gusa, muri komine Rohero ku biro vy’iyandikiro biri kuri "Jardin public" twahaciye hamaze kwiyandikisha abari munsi ya mirongo itanu.

Tubibutse kandi ko ico gikorwa co kwandika abatabikoze babifitiye uburenganzira mw’iyandikwa rya mbere cakurikiye igikorwa co kumanika intonde z’abiyandishije, mu ntumbero yo gukosora utunenge twoba twaribonekeje. Ico naco kikaba cari catanguye ku munsi wa mbere igenekerezo rya 16 Ntwarante uno mwaka, kikaba carangiye kuwa 20 Ntwarante.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.