Accueil > Amakuru > u Burundi > « Abatavuga rumwe na Reta bose ntibokwitwa abagizi ba nabi »
« Abatavuga rumwe na Reta bose ntibokwitwa abagizi ba nabi »
dimanche 21 Ruhuhuma 2016, par
Intumwa idasanzwe ya Barack OBAMA mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello, ahanura Reta y’Uburundi kudafata ko abavuga rumwe nayo bose ari abansi b’igihugu n’inkozi z’ibibi.
Inyuma y’urugendo yari amazemwo iminsi itatu mu Burundi, intumwa idasanzwe ya Barack OBAMA mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello, yabwiye abamenyeshamakuru mu kiganiro yatanze kuri uwu w’Imana, ko Amerika itazigera ishigikira abahungabanya umutekano hamwe n’abakora ibitero ku banyagihugu.
Thomas Perriello yamenyesheje ko uwutiyumvira co kimwe n’ubutegetsi atoca yitwa uwuburwanya canke uwushaka kubuhirika, akavuga ko Reta y’Uburundi ikwiye gutandukanya abashigikiye iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha hamwe n’abari inyuma y’ibikorwa vy’uguhungabanya umutekano.
- Thomas Perriello, intumwa idasanzwe ya Barack OBAMA mu karere k’ibiyaga binini
Nk’uko vyashikirijwe n’iyo ntumwa ya Barack OBAMA, Amerika imenyesha ko ishigikiye ko hoba ibiganiro bihagarariwe n’intuma zo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika, ivyaha vyakozwe na Reta bimenyekane, hamwe n’ivyakozwe n’abatavuga rumwe nayo bije ahabona.
Thomas Perriello avuga ko indwi zibiri zimirije ari ikiringo gikomeye ku Burundi, kuko buzokwakira umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon hamwe n’intumwa z’abakuru b’ibihugu batanu ba Afrika bazogendera Uburundi imbere y’uko haba inama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.
Kubwiwe, iyo mibonano yose atakivuyemwo, ibintu bishobora kuyangara mu Burundi.
« Ni akaryo kadasanzwe ntasubirwamwo kuri Reta y’Uburundi kugira yerekane ugushaka ifise aho kugera, hamwe n’intambwe Uburundi bumaze gutera mu gushiraho icuka ciza. »
Mu gihe Reta y’Uburundi yamenyesheje amakungu ko ata bwicanyi ndengerabutungane bwakozwe mu Burundi, Thomas Perriello yamenyesheje ko inzira imwe yonyene ishoboka kugira ivyo Reta yavuze vyemerwe, ari uko Uburundi bworeka abahinga bigenga bakagira amatohoza adahengamye, ukuri kukaja ahabona.
Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, Thomas Perriello yashimye ingingo ya Reta y’ukwugurura amaradiyo abiri yigenga, agasaba ko n’ayandi asigaye acugawe yohabwa uburenganzira bw’ugusubira gusamirana, Reta ikongera igashiraho icuka cotuma abamenyeshamakuru bahunze Uburundi bashobora gutahuka.
IGIHE
Messages
21 Ruhuhuma 2016, 21:00, par Kagabo
Mushaka Kuzana Za Saterite Zitabona! Ni Mubuze Kaguta Ikiringo Ca Gatanu! Niho Twobemera.
21 Ruhuhuma 2016, 21:04, par MBIRIZI-KIRYAMA
none nka CNARED wovuga kwatarizo?rekura ivyo vyanwa.OBAMBWA nawe uti,mutama wacu twitoreye muzomudutsindako
21 Ruhuhuma 2016, 21:07, par Jimmy KIZITO
Gondoza izo ntumva zihaye ubutegetsi kunguvu.
21 Ruhuhuma 2016, 21:21, par zabulon-Kayanza Mbirizi
mutama wacu twitoreye,igumire kw’ivora tukuri inyuma hama abavga bavuge kandi tuzokwongeza muri 2020 bashaka biyahure
21 Ruhuhuma 2016, 22:17, par Rukundo Alice
Imana Yaduhay Uburundi Izobudutungira Ni Bakureh Iterabwoba.
21 Ruhuhuma 2016, 22:20, par JUMA
REKAGUHENGAMA NGONIKUBERA BOBAYIMBUYEKUVA UBURUNDIBWIKUKIYEKUGEZANUBU BOMWAMAMWAHURIYEMUMAHANGA NATWETUZOTEBATWUMVIGWA UHORAHO ARATUBONA
21 Ruhuhuma 2016, 22:26, par djuma
ndibazankukombona.iyontumwakuba,zirikozirazamugihuguzarakoresheje,uburyobwinshikumasezeranoyiyarusha.ninkuko,ibibamugihugucacubabibonakuturusha,nkukoyansebafisekumukurakunguvu,babazwanubwicanyibundanyabuba.nkizoradiyo.Nabobandibanyeporike.Nabasodabashatseguhik’ubutegetsinabobahingabozagutohozakubwicanyibwabayekumpandezose.Nih’amakunguyogarur’agatima..
21 Ruhuhuma 2016, 23:23, par ELLE: X
Ndatangazwa Cane Ni Ndyane Ziba Mugihugu Imana Yadutije Cuburundi Erega Ntakuganza Kutava Kumana Ushaka Kuba Mukuru Wabandi Nabe Hanyuma Yabandi Erega Nitwihane Yesu Araje Twime Ingoma Ivyo Abantu Bose Barabisha Amaso bakagwanira Abeshi Bakicana Bikugweho Hazoba Kwicuza Cane Umuntu Ariko Abazwa N,imana Ivyo Yakoze Mwisi Imana Ihabwe Icubahiro Amen
21 Ruhuhuma 2016, 23:26, par ELLE: X
Ndatangazwa Cane Ni Ndyane Ziba Mugihugu Imana Yadutije Cuburundi Erega Ntakuganza Kutava Kumana Ushaka Kuba Mukuru Wabandi Nabe Hanyuma Yabandi Erega Nitwihane Yesu Araje Twime Ingoma Ivyo Abantu Bose Barabisha Amaso bakagwanira Abeshi Bakicana Bikugweho Hazoba Kwicuza Cane Umuntu Ariko Abazwa N,imana Ivyo Yakoze Mwisi Imana Ihabwe Icubahiro Amen
22 Ruhuhuma 2016, 00:29, par ernest
Ndashima cane utwigoro twareta zunzubumwe za amerika mugufasha abarundi mukugira amasezerano yarusha yubahirizwe mugabo uravye aho bakirukiye kuri nkurunziza nakarwi kiwe babasaba kuyubahiriza mugabo bakaba barase kumva jewe mbonako hageze niba hatarengeranye ko amerika yoheba ikavugutira umuti izonkoramaraso nkuko yama ibigenza nahandi kanatsinda ivyo vyama bitegekanijwe mumigambi ya amerika kwiyo umuntu umubwije inzira yibiganiro akakunanira ko igica gikurika Ari ukumukura amajigo ukoreshe umuheto kandi ivyo amerika irabishoboye yomutera ibombe imwe kwakarya karuri kiwe abarundi Bose uwomusi bakiruhutsa kuko nkurunziza ntasumba aba przda Bose amerika yagiriye ivyo
22 Ruhuhuma 2016, 03:31, par M
Reta nti shobora kwemera yuko yakoze amabi ndengera butungane,ahubwo nihaze abahinga babinonosoye mpuzamakungu,batohoze amabi yakorewe abenigihugu.Aho niho ukuri kuzoja ahabona,nayubundi bitaruko ntakuri kuzigera guseruka hano muburundi. Tunasaba kandi abanye poritike batahunze dufatanije hamwe bakurikiranire hafi iyimisore iriko irafatwa isazwe kumihana inacumitwa imbugita zomumbavu, abandi bakubitwa amaferameto, abandi bagafungirwa mumakontinere, abadafungiwe mumakontinere bagatorwa ibiziga bakerewe amazosi.Mugiriceranyo cavyo bishikirizwe amakungu, nabariko baratumara. bitebe bitebuke imisi yabo irikwirapunguka,urubanza rwabo ruzoteba rutore inzira.
22 Ruhuhuma 2016, 04:18, par M
Reta nti shobora kwemera yuko yakoze amabi ndengera butungane,ahubwo nihaze abahinga babinonosoye mpuzamakungu,batohoze amabi yakorewe abenigihugu.Aho niho ukuri kuzoja ahabona,nayubundi bitaruko ntakuri kuzigera guseruka hano muburundi. Tunasaba kandi abanye poritike batahunze dufatanije hamwe bakurikiranire hafi iyimisore iriko irafatwa isazwe kumihana inacumitwa imbugita zomumbavu, abandi bakubitwa amaferameto, abandi bagafungirwa mumakontinere, abadafungiwe mumakontinere bagatorwa ibiziga bakerewe amazosi.Mugiriceranyo cavyo bishikirizwe amakungu, nabariko baratumara. bitebe bitebuke imisi yabo irikwirapunguka,urubanza rwabo ruzoteba rutore inzira.
22 Ruhuhuma 2016, 05:10, par barikore njeba
wahanura mutama nuko uhanura intumva!
22 Ruhuhuma 2016, 06:10, par INTAGOHEKA
NKURUNZIZA BEMEZE ABOBARUGEREKA KUKO WATOWE NIMANA NABANYAGIHUGU KOMERA INKONA NTIYARUZWA
22 Ruhuhuma 2016, 06:21, par jonathan
Mbega Nkurinziza yumva ivyo bamubarira ahubwo vyijira mu gutwi kumwe bigaca mukundi ibirumutwe wiwe nu rwanda wibagira y’uko ariwe wateje igihugu amagogwa
22 Ruhuhuma 2016, 11:25, par nkdn
mubonera nkurunziza yitorewe nabene gihugu museveni nakagame we ko mutagoryora turazi ko amerika muhengamye niba ramatohoza mushaka tohoza kuvyabaye kuva uburundi bwikukiye mureke guteranyabarundi ntamwana nikinono nimwe mutuma ivyamoko bigaruka muburundi kuko mukunda bamwe mukanka bandi abobantu mwifuza ko basubira kubutegetsi nibo bashubije igihugu inyuma mugukamisha abene gihugu hako baronderera mubutunzi bwihugu bakabwemerera mwebw ntibugire ico bumarira umwene gihugu rero muburundi miriyoni 9 turatekereje mugabo mubajwe nabagumutsi bivumbuye batarenze ibihumbi75 nabonyene benshi nabahenzwe tusazi ko mubishoboye banza mutere amabombe mutumare twebe miriyoni9 mubone kuzana abo mwifuza batware ndaziko nimutumvikanisha abarundi ngabivumbuye baze twubake ikiringo ntibakoreko hazopfabarundi basumba bapfuye murwanda niba muhanura hanura abivumbuye bemere ikiringo amatora yandi ni 2O2O bibone gutungana nahandi nfatakibanza ntishoboka
22 Ruhuhuma 2016, 12:11, par kavuruganyamisuzi
hemwe burya amavoka n’impeke biraryoha.
24 Ruhuhuma 2016, 05:03, par Manirakiza Dondivin
Imana Kuko Izi Ibibavyose Izodutabara.Nimana Niyo Yinika,niyoitangaikongera ikaganza nimureke Abe arabaho.Imana nishimweame
24 Ruhuhuma 2016, 09:20, par Gully
Vyamaze kubacanga NKURUNZIZA atanguye kwigarama abiwe nawenyen atisizinyuma.Ariko twihangane gato Nkurunziza n’abamuyoboka bagiye kudukinira umukino udasanzwe.mukirundi baraca umugani ngo igisiga c’urwara rurerure citoboye inda.inkona ivyara birebire vyayo bigiye kuyikorako.
25 Ruhuhuma 2016, 20:54, par Gasore christophe
Igihe bica abantu ku nabarabara canke ba babikira bo mu kamenge no bo bita ngw’uni? Abamenja
25 Ruhuhuma 2016, 20:56, par BUHUNGU
Inkona ntiwaruzwa Kirazira Watowe Nimana N,Abanyagihugu