Accueil > Amakuru > Poritike > Abatavugarumwe na Reta nta cizere bafise ku muhuza mushasha
Abatavugarumwe na Reta nta cizere bafise ku muhuza mushasha
mercredi 15 Mukakaro 2015
Abatavuga rumwe na Reta bamenyesha ko batangajwe n’ivyashikirijwe n’umuhuza Yoweri Museveni mu biganiro yagiranye nabo kuwa kabiri igenekerezo rya 14 Mukakaro.
Umwe mu batavuga rumwe na Reta yamenyesheje ko Yoweri Museveni yagumye ku ciyumviro c’uko haba ubutegetsi buhuriyemwo bose,kandi bakemera ibivuye mu matora.Uwo atavuga rumwe na Reta asaba ko bovuga ivyokorwa biboneka mu gukinga intambara yoshobora kwaduka mu gihugu.
Abatari bake bari mu biganiro bihagarikiwe na Yoweri Museveni bamenyesha ko bigoye kwizera neza ko umukuru w’igihugu c’Ubuganda ashobora gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.
Bitegekanijwe ko kuri uno wa gatatu isaha zibiri zo mu gatondo,Yoweri Museveni abonana n’abaserukira Reta,isaha zine abonane n’abahoze ari abakuru b’ibihugu,isaha zitanu naho ace abonana n’impande zose kugira ashikirize icavuye mu vyo bashikirije.
Messages
15 Mukakaro 2015, 17:11
prince
15 Mukakaro 2015, 17:24, par Manirafasha Etienne
None Hasigaye Ah’ Imana Nonekobahuza Bose Baje Batemegwa Nabose!!! Nimuze Duseng’ Imana Niyoyonyene Izoruca
15 Mukakaro 2015, 17:25, par Uwubizi
Musevni nti akunda opposition nta n´ubwo akunda Peter. We yifitiye agenda yiwe. Mu burundi n´aho hoba indwano ntaco bimubwiye. Mbe hoho ni igiki cerekana ko atari yo(indwano) ashaka? Hahahahahah!
Nkurunziza arazi neza ko yakosheje mu kutubahiriza ibwirizwa nshingiro n´amasezerano ya Arusha kandi arazi ko ibihugu bikomeye bitamushigikiye. Araraba neza rero yikurire meza hakiri kare aho kugwa mu mutego yibaza ngo arashigikiye n´aba canke bariya kuko harimwo abamuhenda.
15 Mukakaro 2015, 17:37, par Fulgence
Arega abobatavuga rumwe na Reta bameze nk’umwana ahiye mu kwaha,bisigura ko ari bantahomfatwa.Arega ntakindi bashaka atari INTWARO MFATA KIBANZA,kuko baraziko ku rubuga atacobafise.Ninacogituma bagiyehamwe nabigira ngo ntibaharanira inyungu za politique mukugumura imisoresore y’abatutsi ngobagire imyiyerekano.Ikibabaje nabahasize ubuzima ngobagiye mw’ibarabara abandi bakababavuyeyo bikoreye amaboko nkuwuvuye kuragirira inarume.NKURUNZIZA nibamuve inyuma.Batinya amatora kuko ataco banze.
15 Mukakaro 2015, 19:56, par Scott
Ntah’imana, imana ifasha abifashije,rero abateguye kurwanya peter nibashishikare kuko ntanakimwe kizovamwo, canke mumureke abandanye adutekera mumagunira ata muruzi, kazi kanyu.
15 Mukakaro 2015, 20:24, par tuveko
Mbe ntimubona ko nuwohuje akwepa ariwe gikwete raba iweyaraye agikemuye peter we mumenyeko akari mumenye yintuze bakuzayo ubuhiri ahubwo nabavuze kobagomba kumudukurako barasinziriye
16 Mukakaro 2015, 11:36, par usama
ewe mukuru w’igihugu uwo mugabo Museveni ariko araguhenda ,raba abo mwasangiy urugamba warabikuyeko abatumy uva muru pfuri warabikaravye none ngaho ufis ibizigizigi kurabo ba prsident bashaj bipanz neza kuva kera utaranavuka wibuk ko ariw yagurishij Havyarimana,na Kabila naw ukamwishinga hagukura meza uzohasiga ivyaw n’abaw baturatuzw wibaza ko kagame cank bamuseveni kwaribo batutsi bagukunda kugezaho bokwigura ,nuyo ministre wa dfense yaje kw’espiona no kwiga uko azotikiza bene wanyu babahutu,ba uhanurwa wumve,nayo usenya ugwiwe bamutiza umuhoro,mbe wahunguy bene wanyu ngo baz kwica na kagame n,museveni,naba chinois haria congo na tanzanie bari biberey muma mahoro,emugabo vako abantu bironker amahoro amazi atararenga inkombe
17 Mukakaro 2015, 20:04, par BARUTWANAYO Félicien
EWE PRESIDA WUBURUNDI KURA MEZA KUKO ABO MWARIMUFATANIJE KWUBAKA UMUGAMBWE WAWE WARABIKUYEKO NABO NTIBICAYE BARIKO BARITEGURA BIFATANIJWE NABATAVUGA RUMWE NA LETA KUKO INTWARO YAWE IRANGWA NAGAHOTORO NOKWIGUNGIRAKO
17 Mukakaro 2015, 20:05, par BARUTWANAYO Félicien
EWE PRESIDA WUBURUNDI KURA MEZA KUKO ABO MWARIMUFATANIJE KWUBAKA UMUGAMBWE WAWE WARABIKUYEKO NABO NTIBICAYE BARIKO BARITEGURA BIFATANIJWE NABATAVUGA RUMWE NA LETA KUKO INTWARO YAWE IRANGWA NAGAHOTORO NOKWIGUNGIRAKO
25 Myandagaro 2015, 11:13, par Cloude
Twifuzamahoro nkuruziza nawodushaka