Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abategetsi batandatu ba FIFA bahagaritswe bagirizwa ibiturire
Abategetsi batandatu ba FIFA bahagaritswe bagirizwa ibiturire
mercredi 27 Rusama 2015
Abategetsi batandatu bo mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’Isi FIFA bahagaritswe mu gitondo co kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 27 Rusama,mu gisagara ca Zurich mu Buswise, bagirizwa kuba bafise uruhara mu biturire vyatanzwe.
Abo bahagaritswe ni Jeffrey Webb icegera ca Sepp Blatter arongoye FIFA, Eugenio Figueredo, Jack Warner, Eduardo Li, Julio Rocha na Costas Takkas.
Bahagaritswe bagirizwa kuba bafise uruhara mu biturire vyatanzwe mu bijanye no gutanga amasoko ,hamwe no mu kuraba ibisabwa mu gutanga igikombe c’isi c’umupira w’amaguru.
Bahagaritswe bisabwe n’abategetsi ba Reta Zunze ubumwe za Amerika.Abaserukira ibinyamakuru vy’inkino hamwe n’amashirahamwe akora ubudandaji mu bijanye n’inkino aragirizwa kuba afise uruhara mw’itangwa ry’ibiturire ku barongozi b’amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu bihugu bitandukanye.
Ikinyamakuru New York Times co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kimenyesha ko abo bahagaritswe bikekwa ko bemeye kwakira amamiriyoni y’amadorare kuva mu myaka ya 90.Kubw’ico kinyamakuru imiriyoni 100 z’amadorare niyo yoba yaratanzwe kuva mu mwaka w’1990 gushika ubu.
Mwomenya ko ivyo vyabaye imbere y’iminsi ibiri gusa ngo habe amatora y’uwugiye kurongora ishirahamwe FIFA.Abahiganwa ni 2 gusa ;ni Sepp Blatter asanzwe arongoye FIFA,n’umuganwa Ali wo mu gihugu ca Quatar.
Van Naris Mugisha
Messages
27 Rusama 2015, 21:56, par ANICET
MANA NIBAREKE ISI YAHEZE. TWARITUZI IBITURIRE IBURUNDI! NOMURI FIFA NAHO HAAA!?! NDUMIWE.
29 Rusama 2015, 02:34, par mbazumutima
nivyaba arivyo nibahanwe hisunzwe amategeko.