Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abategetsi babiri ba FIFA bapfunzwe bagirizwa ibiturire
Abategetsi babiri ba FIFA bapfunzwe bagirizwa ibiturire
vendredi 4 Kigarama 2015, par
Igiporisi c’igihugu ca Suisse cataye muri yompi abandi bayobozi babiri bo ku rwego rwo hejuru muri FIFA, nabo bakurikiranywako ivyaha vy’ibiturire.
Abo bayobozi bafashwe inyuma y’abandi b’urwego FIFA batawe mu mvuto mu kwezi kwa kane. Abafashwe bari bitavye inama y’iminsi ibiri yariko ihuza abayobozi ba FIFA i Zurich mu Busuwisi, yiga ku matora yo gusubiriza umukuru wa FIFA Sepp Blatter, yatanze imihoho inyuma yo kwagirizwa ko ariwe ari kw’isonga rya ruswa ivugwa muri FIFA.
Abategetsi ba FIF bafatiwe mw’ihoteri yariko iberamwo iyo nama akaba ari Alfredo Hawit wo muri Honduras na Juan Angel Napout wo Paraguay, bompi akaba ari ivyegera vy’umukuru wa FIFA.
Inzego zijejwe ubutungane mu gihugu ca Suisse zavuze ko abo bafashwe bakurikiranwako kugurisha uburenganzira bwo kwerekana inkino zo muri Amerika yo Hagati, hamwe n’inkino z’uguhiganirwa kuja mu gikombe c’isi yose.
Mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015, abandi bayobozi bagera ku ndwi ba FIFA batawe muri yompi bisabwe n’inzego z’igendereza za Reta zunze ubumwe za Amerika, nabo nyene bagirizwa kwakira ibiturire.
IGIHE
Messages
5 Kigarama 2015, 09:47, par Hisham David
ayo makuru ashobora kuba nyayo cangwe n’umukino babakiniye
10 Kigarama 2015, 11:24, par DARCY NSHIMIRIMANA
TWASHAKA AMAKURU MASHASHA Y’INKINO