Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abategetsi basabwa gushira ibikorwa vyabo mu maboko y’Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Abategetsi basabwa gushira ibikorwa vyabo mu maboko y’Imana

Abategetsi basabwa gushira ibikorwa vyabo mu maboko y’Imana

lundi 30 Kigarama 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahanura abategetsi gushira mu maboko y’Imana ibikorwa vyabo, bakareka kwitwaza igihagararo bafise kubera amabanga barangura, nyabuna bakaba nka Daniyeri avurwa mu gitabu c’ijambo ry’Imana, yagumye yubaha uwamuremye mpaka gushika n’umunsi abansi biwe bamutaye mu kinogo kirimwo intare.

Umukuru w’igihugu c’ Uburundi Petero Nkurunziza yasavye abarongoye abandi kutibuka Imana gusa, iyo babonye ibintu biriko birabahindukana mu buzi barangura bicura kubogozwa, ariko nyabuna kwamizako kugira Imana ihezagire ibikorwa baba bariko bararangura. Ivyo rero akaba yabishikirije kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 29 Kigarama uyu mwaka, ku munsi ugira kane ibikorwa vyateguwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu vyo gushimira Imana biriko biraba.

Imana rero irateturura uwuyubaha, ndetse ikanamukingira mu gihe aba ari mu bihe bigoye, ibihe umuntu aba yihebuye. Aho akaba Petero Nkurunziza yatanze akarorero kuri Yobu yubashe Imana, akima ikibanza Shetani, maze amaze gushika mw’ijuru, agashikira mu buninahazwa, bwamwibagije amagorwa yari yaboneye kuri iyi si. Umukuru w’ igihugu rero akaba yasavye abari ngaho, kuba nka Yobu, bakaguma ku ntumbero imwe, bakareka guhendwa n’ibibatesha intumbero, mu gihe ibihuvya umuntu bitabura, kandi bitazigera bibura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.