Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abategetsi bategerezwa kwegera abanyagihugu kugira batorere inyishu ibibazo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abategetsi bategerezwa kwegera abanyagihugu kugira batorere inyishu ibibazo (...)

Abategetsi bategerezwa kwegera abanyagihugu kugira batorere inyishu ibibazo vyabo

mercredi 26 Kigarama 2012

Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yari mu ntara ya Ngozi ejo ku musi wa kabiri igenekerezo rya 25 Kigarama mu ntumbero yo kwifatanya n’abanyagihugu guhimbaza umusi mukuru wa Noël.

Mu ma sengesho , umukuru w’igihugu yifatanije n’aba christu bo mwi shengero rya Anglicane ry’i Buye muri komine Mwumba ,intara ya Ngozi iri mu buraruko bw’igihugu ,aho uwigishije ijambo ry’Imana yasavye abategetsi kuza baribuka kwegera abanyagihugu kugira bamenye , bitwararike ingorane abanyagihigu bafise bongere bazitorere umuti . Musenyeri wa diyoseze y’I Buye ati ‘’Yesu Christo yavukiye mubantu kugirango yifatanye nabo mu bi bazo vyabo no mu ntege nke zabo , gutyo abafashe’’.Ngo yarakwiye rero kutubera akarorero .

Mw’ijambo ryiwe, Pierre Nkurunziza yavuze ati:« Iyi Noël ifise ico itandukaniyeko n’izindi kuko ishitse mu gihe turi mu mwaka wa yubire y’imyaka 50 U Burundi bumaze bwikukiye» ,ati « dukwiye kwishimira uwo munsi ntibagiranwa muri kahise k’igihugu , kandi tugakora twivuye inyuma».

Umukuru w’igihugu akaba yaciye yipfuriza umusi mukuru wa Noël nziza aba christu bose n’umwaka mwiza w’ 2013 , yongera abatumira mu gikorane co gushimira Imana gitangura kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 gushika kuwa 31 Kigarama 2013,kizobera muri iyo komine nyene.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.