Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama yo kwongereza umuyagankuba mu bushikiranganji bw’amasoko (...)
Inama yo kwongereza umuyagankuba mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu
mardi 2 Ndamukiza 2013
Abategetsi bo mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu barakoranye kuwa mbere igenekerezo rya mbere Ndamukiza 2013 kugira barabire hamwe ivyaranguwe mu gice ca mbere c’umwaka.
Kubw’umushikiranganji Côme Manirakiza, ibisata vy’amasoko ntanganguvu n’amazi meza bihura n’ingorane nyinshi zituma badashika ku gushimisha ivyipfuzo vy’abanyagihugu. Avuga ubukene bw’abakozi babinonosoye, ibibazo vy’ubuhinga n’uburyo.
Muri iyo nama, abo bategetsi bazokwigira hamwe ibikorwa vyobashikana ku hangiro bihaye, nk’ukwongereza urugezo rw’umuyagankuba, gukwiragiza amazi meza mu gihugu cose, guteza imbere igisata c’ubutare n’agataka, n’ugukaburira ubwenge abakozi.
Egide Nduwimana