IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abateshejwe izabo n’imvura bashobora gusubira mu mihana yabo

Abateshejwe izabo n’imvura bashobora gusubira mu mihana yabo

jeudi 27 Ntwarante 2014

Uruzi rwa Gasenyi ruherutse gukora ibara bivuye ku mvura yaguye mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, ruriko rurakorwa, ku buryo bizeye ko urwo ruzi rutagisubira kwiha inkumbi.

Abahuye n’iyo ngorane y’imvura rero bakaba bashobora gusubira mu mihana iwabo, mu gihe bari bamaze igihe barahunze ingo zabo, kuko zasenyutse zihitanywe n’imvura yaguye ku wa 9 Ruhuhuma uyu mwaka, eka iyo mvura ikaba yarahekuye imiryango itari mike, aho abantu bapfuye kubera iyo mvura.

Ibikorwa vyo gukorera urwo ruzi rwa Gasenyi bikaba vyatangujwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri, ari naho yaciye asaba abateshejwe izabo gusubira gutahuka. Ariko rero bamwe muri abo banyagihugu bateshejwe izabo n’iyo mvura, bakaba n’ubu imitima yabo, itarasubira mu kibanza, kuko akavura gakuvye, imitima yabo ija hejuru, kuko baca bibuka ijoro ribi ryabahekuye. Naho basabwe guhunguka rero, imiryango ibihumbi bitandatu mu bahunze iyo mvura, bakaba batarashobora kuronka aho bakika umusaya, mu gihe inzu zabo zabomotse, bakazorinda kwubaka bushasha.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu arabahumuriza. Avuga ko bazoba bararonswa amashitingi kugira bazobe barubaka aho bakika umusaya, mu nyuma Reta ikazokora ibishoboka kugira abo banyagihugu baze bagume bashigikirwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.