IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatinya kwiyandikisha ku ndangamuntu nshasha bahumurijwe

Abatinya kwiyandikisha ku ndangamuntu nshasha bahumurijwe

jeudi 9 Nzero 2014

Abanyagihugu bafise amakenga ku bisabwa ku ndangamuntu zishasha bahumurijwe kuko ayo mabanga basabwa amwe amwe bashobora kuyatanga canke ntibayatange. Evariste Nsabiyumva, icariho c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha kandi muri ayo mabanga, ayatari make akazobikwa mu buhinga bita "puce électronique."

Mu gihe abenegihugu batariko baritabira cane igikorwa co kwiyandikisha kuko bivugwa ko basabwa amabanga menshi azoshirwa kuri iyo karata ndangamuntu, hamwe no kuba batararitswe bikwiye ku vyerekeye iyo ndangamuntu, Evariste Nsabiyumva, icariho c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yahumurije abanyagihugu, avuga ko abazoba batipfuza gutanga ayo mabanga amwe amwe bashobora kubireka, gurtyo bakazoshobora guhabwa indangamuntu zitariko ivyo badashaka kuvuga.
Ikindi yamenyesheje n’uko ibisabwa kuri iyo karata ndangamuntu vyerekeye amakonte umuntu afise mw’ibanki hamwe n’ibipapuro vyerekana amatongo afise bizonyegezwa muco bita "puce électronique".

Tubibutse ko bimwe mu bisabwa kuri iyo ndangamuntu nshasha igiye gutangwa, itandukanye n’iyahahora, ko bisabwa ko hazoba hariko imyidondoro iramvuye y’umunyagihugu, inimero y’ububiko mw’ibanki, inimero y’uruhusha rwo gutwara imodoka (permis de conduire), inimero ndangamukozi (matricule), ivyemeza ko ufise inzu, inimero y’ikarata y’itora (carte d’électeur), inimero y’urupapuro rw’inzira (passeport), umurwi w’amaraso (groupe sanguin), hamwe n’igikumu kidasanzwe (empreinte digitale).

Mu biharuro biheruka gusohoka, berekana ko abantu baharurwa ku 37 725 gusa aribo bamaze kwiyandikisha kugira bazoronswe izo ndangamuntu.


Floxella Karire

Messages

  • Inimero ya compte y’i banki, ivyo mwumva bibaho. Ibindi vyose ni sawa, kiretse nimero y’ikarata y’itora, ntikenewe.

  • Jewe numva gutanga numero ya compte yi bank natungo yawe ufise ninezayawe nabagukomokaho murikazoza, Impamvuwomugambi arimwiza murikigihe Isiyarameze amenyo ahabantu basigaye basimbira kukintu cakanaka bakacita icabo ngonuko uwarinyenevyo yahuye ningoranezigikubiriraho agasezer’Isi, murumvareroko ufisakokantu gatuma iformation zose zawe zigumazibitwe muvyumakaruhariwe nineza mugiriwe ntimwabimenya kukobirashobora nokugufasha mugihewibagiye bimwevyomumatungoyawe ukagenda ukabaza abahingababijejwe bakabikuronderera murivyovyuma babitsemwo amabanga yawe bagaheza bakabikubonera ahobibitswe bakabikwibutsa, Wewerero uzohitamwo gutanga information zimwe izindituzitange uzobawigiriyenabi nabagukomokako murikazona ahabandi babitanze bazoza baragendagusobanuza kuvyobibagiwe bakabibibutsa bisunze vyavyuma wewe uzoza uraronka bimwe ibindi ntibiboneke kubera atavyowatanze maze abagukomokako batangurekuvugango abandi barabona information zikwiye ngwarikotwebwe ntazotubona. Ndabasavye please burundian’s obey any lawful and protect your future.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.