Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abatowe mw’ihuriro ry’abana bakoranye ubwa mbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatowe mw’ihuriro ry’abana bakoranye ubwa mbere

Abatowe mw’ihuriro ry’abana bakoranye ubwa mbere

jeudi 12 Nyakanga 2013

Ubushikiranganji bwo gufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, bubifashijwemwo n’ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF ryitaho ineza y’ibibondo batanguje ibikorwa vy’ihuriro ry’abana, urwego ruzohora rwiga ibibazo abana bahura navyo mu buzima bwabo bwa minsi yose.

Ihuriro ry’abana rigizwe n’abana batowe ku rwego rw’igihugu, abo akaba aribo bazohora bakorana mu ntumbero yo kugerageza gushira ahabona ingorane abana bahura nazo, bongere bahimirize abarongoye igihugu kuzitorera inyishu, gutyo abana burundi bw’ejo bakurire mu buzima bubafasha kugira ico bimariye n’ico bamariye igihugu cabibarutse.

Uwuserukira UNICEF mu Burundi, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’ibibondo, Johanes Wedenig yamenyesheje ko mu matohoza yakozwe basanze ibice bigera kuri 58 kw’ijana vy’abana bafise munsi y’imyaka itanu bafungura nabi, abarenga ibihumbi bitatu nabo bakaba baba mw’ibarabara. Johanes Wedenig yasavye abo bana baserukira abandi ko mu minsi ibiri bagiye kumara baganira, bokwerekana integuro y’ivyo bagiye gukora, bongere bategure ingene bagiye gukorana n’izindi nzego zikingira agateka k’abana.

Bamwe mubo twashoboye kuganira muri abo batowe kugira baserukire abandi bana bamenyesha ko urwo rwego rwaje hageze kuko kuva imyaka ya kera ataho bari bafise baganirira ingorane zabo, ingaruka rero igaca iba ukwibagiranwa kw’ivyo bibazo.

JPEG - 52.1 ko
Liliane Ndayisenga, umwe mu batowe mw’ihuriro ry’abana

Liliane Ndayisenga, yatowe muri komine Buyenzi amenyesha ko bagiye kwitaho ugusumba ibibazo vy’abana bo mw’ibarabara, abana bakoreshwa ibikorwa biruhisha batarakwiza imyaka y’akazi, abana bahohoterwa canke bagafatwa ku nguvu, abana b’impfuvyi babayeho mu bukene kandi abavyeyi babo bari basize amatunga, ayo nayo akaba ariko aribwa canke asesagurwa n’abandi bo mu muryango.

Iyo nama ya mbere y’ihuriro ry’abana izomara iminsi ibiri yuguruwe icese n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Thérence Sinunguruza.

JPEG - 61.9 ko
Abatowe mw’ihuriro ry’abana bahagatije icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ari kumwe n’umushikiranganji wo gufatana mu nda n’agateka ka zina muntu Clotilde Niragira

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.