Accueil > Imibano > Abatwa bagiye kuronswa karangamuntu
Abatwa bagiye kuronswa karangamuntu
vendredi 21 Kigarama 2012
Umugambi w’ubwenegihugu mu miryango y’abatwa watangujwe nyezina ibikogwa vy’awo kuri uyu wa kane itariki 20 Kigarama 2012 ushigikiwe n’ishirahamwe ry’abanyamerika USAID. Ngo uje hageze kuko uzofasha abatwa mu miryango yabo gushobora kwiteza imbere.
Ibikogwa nyamukuru uyo mugambi uzoshira imbere hari ukuronsa za karangamuntu abatwa ,kwandikisha abana b’abatwa mu bitabo vyo mu ma komine kuko kenshi abatwa usanga bubakanye bidaciye mu mategeko ucusanga n’abana bavyaye batanditswe kandi batazwi muri komine. Umukenguzamateka Nicayenzi Liberate arongoye ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA avuga ko iyo migambi 2 ariyo iza imbere mu vyihuta kuko abatwa benshi batazi amategeko yotuma bafatwa co kimwe n’abandi banyagihugu.
Uyo mukenguzamateka akaba yavuzeko asaba ko amategeko agenga igihugu na cane cane itegeko rigenga amatora n’ibwirizwa nshingiro hamwe nirigenga amakomine ko vyomenyeshwa bikigishwa cane abatwa kugira batahure neza uburenganzira bwabo aho butangurira naho buhereza kandi bamenye neza icarico ubwenegihugu bwabo.
Mu vyaranguwe n’ishirahamwe ry’abatwa UNIPROBA ngo ryarashoboye gutanga indangamuntu ku batwa bamwe bamwe ariko ngo igishasha kiri muri uyo mugambi nuko harimwo no gutanga inyigisho mukubumvisha yuko gutunga karangamuntu ari uburenganzira bw’umuntu wese hamwe no kumenya ko kwandikisha umwana muri komine ari ukubahiriza agateka kiwe. Nicayenzi Liberate yamenyesheje kandi ko bagiye kwigisha abatwa bose ku mitumba yose baherereyemwo kugira bijukire ico kintu cukurondera karangamuntu hamwe no kwandikisha abana babo bibarutse muri komine.
Ngo nta mwana w’umutwa akwije imyaka 16 azosubira kubaho atagira ikimuranga,nayo ngo intara za Kayanza ,Kirundo, Gitega,Cankuzo,Ruyigi,Mwaro,Rutana na Makamba uyo mugambi uzokoreramwo bisabwako abatwa bagera ku 200 ku ntara imwe imwe boba bamaze kuronswa indangamuntu. Nayo kugira ico gikogwa gishoboke abaserukira abandi mu ntara baronkejwe ibikoresho bigizwe n’amapikipiki ,imashimi ordinateur, imashine zo gufotora,amakinga kugira bazoshobore gushika hose barabako abatwa baronkejwe ivyo bisabwa.
Umukenguzamateka Nicayenzi Liberate akaba yakengurutse mw’ijambo yashikirije izo mfashanyo aho yavuze ko abatwa nabo nyene bagiye gutera imbere nk’abandi barundi bose.
Jean Marie Mayonga