Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abavyeyi b’abana batewe akamo ko gucandagisha abana agasama - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abavyeyi b’abana batewe akamo ko gucandagisha abana agasama

Abavyeyi b’abana batewe akamo ko gucandagisha abana agasama

lundi 5 Rusama 2014

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bubicishije mu mugambi wishinze guteza imbere incanco, bwahamagariye abavyeyi gucandagisha abana urucanco rukinga indwara y’agasama.

Abavyeyi ba bana bari hagati y’amezi 18 na 23 y’amavuka, bahamagariwe kwitaba ku bwinshi akamo k’indwi ya kane muri Afrika, yahariwe urucanco rukinga indwara y’agasama. Mu Burundi ibikorwa vyo kwitaba iyo ndwi bikaba bitegekanijwe kuva kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 6 Rusama, gushika igenekerezo rya 8 Rusama 2014 ku mavuriro yose yo mu gihugu.

Umuyobozi w’umugambi wishinze guteza imbere incanco, muganga Jocelyne Nsanzerugeze, mu ruganda rwari rwatunganijwe kuri uyu wa gatanu wa 2 Rusama 2014, yamenyesheje ko urucanco rugira kabiri rukinga indwara y’agasama ruzotuma amagara y’abana akomera gusumba.

Mwomenya ko ibikorwa vy’indwi ya kane muri Afrika yahariwe urucanco rukinga indwara y’agasama, biza vyatanguye gukorwa no mu bindi bihugu vyo muri Afrika


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.