IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abavyeyi batinye kurungika abana babo ku mashure

Abavyeyi batinye kurungika abana babo ku mashure

lundi 27 Ndamukiza 2015

Imyiyerekano yahamagawe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritique hamwe n’imigambwe imwimwe yatanguye ku ruyu w’imana mu gisagara ca Bujumbura, n’ uno munsi wambere irabandanya.

Vital NSHIMIRIMANA arongoye FORSC inyuma y’aho ahamagariye abavyeyi kutarungika abana mu mashure mu ntumbero yo kubakingira kutagwa mu mporero, akamo gasa nakitabwe kuko uciye ku mashure arayigenga canke aya Reta, usanga atamunyeshure yahashitse, abashoboye kugenda nabo mu gahurira mu nzira basubira muhira.

Mu gisagara ca Bujumbura, ntakigenda kuko usanga ibibanza vy’ubucururizo vyose vyugaye, mu mabarabara aho abantu bahora ari ururuja n’uruza, ubuho vyahindutse umengo harico biteguriye; eka n’abanyagihugu muri rusangi biraboneka ko bafise ubwoba, ivyo bikaboneka mu kuguma, bumviriza uturadiyo, n’uwuguruye ikibanza ciwe usanga yuguruye ikibanza gitoya kugira ntihagira igikoma ace yugara bitamugoye.

Tukabamenyesha ko no hagati mu gihugu, abanyeshure biga mu mashure y’indaro, batanguye gutaha, aha tukababwira abanyeshure bo kuri Lycee ya Mwaro, batekeye utwabo, barataha.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.