Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abayisilamu bo mu Burundi bariyamiriza ivyakozwe na Al Shabab muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abayisilamu bo mu Burundi bariyamiriza ivyakozwe na Al Shabab muri (...)

Abayisilamu bo mu Burundi bariyamiriza ivyakozwe na Al Shabab muri Kenya

mardi 1er Gitugutu 2013

Abahurikiye mw’idini rya Isilamu mu Burundi baratera ivyatsi igitero cakozwe n’abihevyi ba Al Shabab mu gihugu ca Kenya, ku nzu y’ubudandaji "Westgate" iri mu gisagara ca Nairobi, ku genekerezo rya 21 Nyakanga 2013.

Abo basengera muri isilamu mu Burundi bamenyesha ko idini ryabo ryigisha amahoro, urukundo, ubumwe, ari naco gituma biyamirije ivyo vyakozwe n’abahevyi bo muri Al Shabab. Cheik Sadiki Abdallah Kajandi, aserukira umuryango w’abayisilamu mu Burundi amenyesha ko icupfuzo c’abo ari uko abakoze bomenya ko abayisilamu bo mu Burundi badashigikiye na gato ibikorwa vy’iterabwoba. Kubwa Cheik Sadiki Abdallah Kajandi, ibikorwa vy’iterabwoba biratandukanye n’akarangamutima k’umuyisilamu, ari naco gituma vyari bikwiye kwitirirwa ababikoze, ntibifatwe ko vyokwitirirwa umuryango w’abayisiramu.

Ubwo butumwa bwo kwiyamiriza ivyo bikorwa bigayitse bwaciye mu misigiti yose yo mu gihugu c’Uburundi ku munsi wa gatatu, umunsi abahurikiye mw’idini rya isilamu bama bahurirako kugira bahimbaza uhoraho Imana


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.