Accueil > Amakuru > Amashuri > Abayobewe ibibazo vy’ishure shingiro bahawe ayandi mahirwe
Abayobewe ibibazo vy’ishure shingiro bahawe ayandi mahirwe
dimanche 28 Myandagaro 2016, par
Abanyeshure bayobewe mu bibazo vya Reta biheruka gukorwa, bitanga uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro, bahawe uburenganzira bw’ukuzosubiramwo ivyo bibazo mu mwaka w’ishure uza w’2016-2017, batarinze gusubiramwo ivyigwa vy’umwaka wose. Abarabwa n’iyo ngingo ariko akaba ari abari bamenye mw’ishure, bakananirwa n’ico kibazo gusa.
Ubushikiranganji bujejwe inyigisho mu mashure mato mato n’ayisumbuye bumenyesha kandi ko abanyeshure batoye ivyo bibazo kandi mw’ishure bari bayobewe, abo bazokwunguruzwa mu mashure akurikira nk’abandi bose.
Ubwo bushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye bukaba buheruka gushira ahabona amanota yafatiweko ku banyeshure bo mu mwaka w’icenda n’uw’icumi bakoze ikibazo kibaha uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro.
Ku banyeshure bo mu mwaka w’icenda bakoze ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’ishure shingiro, amanota yafatiweko ni 93 ku 200, akaba angana n’ibice 46,5 kw’ijana.
Ku banyeshure bo mu mwaka w’icumi, amanota yafatiweko ni 93 ku 345, akaba angana n’ibice 26,9 kw’ijana.
IGIHE
Messages
28 Myandagaro 2016, 11:06, par Petit Saint Philbert
NIVYIZA!ARIKO HAZOBAHO#ORIONTATION?
NIMBA IZOBAHO NINYARUTSE!
MBE ABANYESHURE BOMUMWAKA W’ICENDA N’UWICUMI BAZOHABWA IBISATA BIMWE?
28 Myandagaro 2016, 11:25, par Kabaza
Ego Ivyo Ndavyumva. Abo Bana Bayobewe Ikibazo Ca Leta Baramenye Mw’ishure Barimwo Ubudasa, Ubu Mu Mwaka Wa 2015-2016 Babajijwe Ugutandukanye! None Nkuwo Mwana Wo Muw’icumi, Niyasubira Gukora Ikibazo Mu Mwaka Wa 2016-2017, Uwo Mwana Azotora Iki? Ivyigwa Vyo Muw’icenda Ntazi Na Kimwe! Azoja Gukora Ikibazo Ico Gihe Atore Iki? Mwemerere Basi Asubire Akurikirane Ivyigwa Uyu Mwaka! Ikindi Naco Abo Bana Baracari Bato Bemerere Basi Ababikunze Basubiremwo Rimwe Uyu Mwaka. Murakoze!
28 Myandagaro 2016, 11:38, par Saïdi Anicet
Ego Kuba Babikoz Ukwo Ni Vyiza.Ariko Umengo Aya Manuta Bafatiyeko Ni Make.Ukwo Nugutitura Inyigisho.
28 Myandagaro 2016, 11:42, par Kadende Venuste
NI VYIZA ARIKO ABO BANA BAYOBEWE IKIBAZO CA LETA BARAMENYE MWISHURE! BARACARI BATO CANE, HAZOGERA GUKORA IKINDI KIBAZO IVYO BIZE BITAKIRI MU MUTWE! BEMERERE BASI BASIBIRE MW’ISHURE RIMWE GUSA! IYUMVIRE UMWANA WIMYAKA 13 CANKE 14 ! IYUMVIRE UMWANA YARARI MUW’ICUMI ATIZE BIMWE NUWO MUW’ICENDA AZOSUBIRAMWO IVYO ATIGEZE YIGA? VYUKURI OROSHA BADUBURE RIMWE GUSA KUKO NI BENSHI.
28 Myandagaro 2016, 11:42, par Kadende Venuste
NI VYIZA ARIKO ABO BANA BAYOBEWE IKIBAZO CA LETA BARAMENYE MWISHURE! BARACARI BATO CANE, HAZOGERA GUKORA IKINDI KIBAZO IVYO BIZE BITAKIRI MU MUTWE! BEMERERE BASI BASIBIRE MW’ISHURE RIMWE GUSA! IYUMVIRE UMWANA WIMYAKA 13 CANKE 14 ! IYUMVIRE UMWANA YARARI MUW’ICUMI ATIZE BIMWE NUWO MUW’ICENDA AZOSUBIRAMWO IVYO ATIGEZE YIGA? VYUKURI OROSHA BADUBURE RIMWE GUSA KUKO NI BENSHI.
28 Myandagaro 2016, 12:17, par Yves
Ntibitahuritse nen bazaca biga gt?nikurya kwakaminuza bazosubira kurya?babandanije kwiga amashure akwirikira,
28 Myandagaro 2016, 13:10, par CICARO Elie
none ko babemerey kuzosubiramw,ndazi neza ko abananiwe cane nabari muw 10.none nibabaha basubiremw bazobabaza kuvyo bari barize?konzi ko programme ya 9eme itandukany niya 10eme.nabaza rero ko numwaka uza ikibazo kizob kubiri?
28 Myandagaro 2016, 13:21, par Anna
Ariko Hanyum Bazokoreshe Abamenye Mw Ishure Gusa Kugra Bareke Gusuzuguza Umwigisha.Umwaka Wose Umengo Amanuta Yiwe Ntaco Amaze
28 Myandagaro 2016, 13:32, par kambwe
aho ndumva tugiye gukora ibiraka twebw turashomye
28 Myandagaro 2016, 14:45, par Nduwayezu Egide
murakoze kuriyongingo mwafash imana ibahezagire muhore uko imwakayose ariko mwotunyarukiriza kwafisha orientation kubaros ayomahirw
28 Myandagaro 2016, 14:52, par Emile
Ni vyiza ko abatabitoye bahawe uburenganzira bwo gusubiramwo ibibazo mu mwaka uza.None abo bazokunguruzwa batamenye mw’ishure dossier yabo izojamwo bulletin non réussi?si nzi ko hari ico bakivuzeko, murakoze!
28 Myandagaro 2016, 17:15, par niyonkuru charbin
nivyiz gose
28 Myandagaro 2016, 19:46, par nzobandora
Ewe Burundi bwa nyaburunga!!! Kera baririmba ngo warapfunywe ntiwapfuy none ubu ni wara pfuye ntiwapfunywe!!!! Abo bose bariko bavuga ivyo bazi cank nukwijandajandira???? Umwaka wicumi ntukibaho. Uwamenye muri 9ème ikibazo ca leta aca asimbira muwicumi narimwe( 13ème). Non nkumwana yamenye ico kibazo mwishule atamenya yabona inzatsa muri 9ème azoba agiye kubitorera muwicumi narimw yasimvye uwicumi hahaha aba DD ubwenge bwabo buracuritse. Nizere ko aho atari umututsi gusa azoharwa numuhutu azoharwa. Non karashize ingani igihugu gitwarwe nibijuju congere kibemwo ibijuju hahaha ewe Mana ya basokuru dusenga tutabona garukira Uburundi. Nkabo bose bariko bavuga ko ari vyiza iciza kiri murivyo nikiwe? Nkumwana wa 12 azoca ataha muhira ngwakore iki!!!! Bavuga ngo uwanka agakura abaga umutavu non ari imitavu yabarundi CND FDD irayibaze ndakurahiye.
28 Myandagaro 2016, 20:33, par adelin
None umunyeshur ayobew yahora kw’ikay azogitora yahora kw’isuka?
28 Myandagaro 2016, 20:35, par adelin
None umunyeshur ayobew yahora kw’ikay azogitora yahora kw’isuka?
28 Myandagaro 2016, 21:10, par salvator
non kuk mutorb namb ari abo mushaka kwungurz kurarya mwafatiyek mukagabanyako ayand kugra aboba.yobewe nabobmuke
28 Myandagaro 2016, 21:27, par M Elyse
Kasa Mwagize Neza.Abanyeshure Bari Bihebuye Baba Abo Mu Wi 10 Nabo Muwi9.Mbere Nabo Mumwaka Wa 8 Bagomba Gucika Intege. Mugabo Ubu Baca Bagira Tmwete Kubera Babonye Abandi Bungurujwe.
28 Myandagaro 2016, 22:02, par niyibitanga jean.marie
Nukuri turashimye ariko nkatwe twari twiga 10è twokora iki?matière ya 10è iratandukanye niy 9è komwari muduhaye ayomahigwe mwari mukwiye kutureka tukadubura tukiga matière ya 9è ataruko mwoba mushatse ko tuyerera kand natwe suko twayobew tuvyipfuza vyabaye bwanke mugabo turasaba ntidutegeka murakoze.
29 Myandagaro 2016, 11:26, par Balthazar M.
Gusubiramwo ikibazo ca Reta birumvikana, ariko ku banyeshure basanzwe baramenye neza mw’ishure umwaka wose, ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye, nibubabwire amanota bwofatirako mu gifaransa, icongereza, ibiharuro, biologie, chimie, physique kuri bulletin y’umwaka wose, kugira uwuyafise aheze atonde n’icemezo c’ishure akukira, hanyuma bumuhe urukaratasi rumwemerera kubandanya ishure co kimwe n’abatsinze ikibazo ca Reta, aha ndavuga kubahejeje uw’icumi kuko nibo bigora na cane cane. Kumbure hazoshika umwaka uza babitoreye inyishu kuri bose.
29 Myandagaro 2016, 11:38, par Nduwimana
Twaritubabayecane Kuberavyaribiduciye Intege Mbenogiyeheee
29 Myandagaro 2016, 12:12, par Ndikumagenge ENOCK
None kubatashoboye gukora bivuye kumvo zitabavavuyeko.nkukugwara.yakwiga mumwaka wicumi mutegekanya ik,kurabo bantu?
29 Myandagaro 2016, 18:49, par Bakundukize Gilbert
ahabwo aba cndd_fdd barakayongera ubutegetsi pe!!!!!ariko sinzi ko umwaka uzohera twicaye?cange tuzoja munyuga? twizere imana yonyene.
29 Myandagaro 2016, 21:25, par Evariste
Ubu Vyopfuma Da!
29 Myandagaro 2016, 22:34, par alia
niba batabemereye kudubura ntaki ntu babafashije kuko mugihe bibananiye bari kuntebe yishure ntibazo bitora bavuye muhira ahubwo nibihangane kuko nabagiye kubandanya ayo baziga ntaco azo ba marira mugihe bazoyiga ntibabone impamya bushobozi
30 Myandagaro 2016, 05:36, par Etienne
Noneko Bavugako Bazotanga Ama Certificat Kubananiwe,bazoyakoreshki?Abo Bahawe Uburenganzira Bwo Kuzosubiramwo Nabo,jewe Ndabonako Batazokworohegwa.Kuko Ntakuntu Woba Umaze Umwaka Muhira Hanyuma Nguze Gukora Ikibazo!
30 Myandagaro 2016, 12:22, par karuta bauduin
none ababuze amanot yikibazo ca reta bafise amanota yo mwishur bazogenda mu mashure yabigenga
30 Myandagaro 2016, 13:16, par Nzitunga
Nonebafatiyelurangahe?
30 Myandagaro 2016, 19:24, par WILLY
ABAYOBEWE MWOBAREKA BAGASABA KUMAPRIVE ABAYOBEWE MWOBAREKA BAGASABA KUMAPRIVE ?
30 Myandagaro 2016, 22:59, par Niyonzima
Bazokora Ikibazo Batize?Mbehoh Nabomuwicenda? Na Nabomuwicumi?
31 Myandagaro 2016, 12:07, par Ilaur
Iyo ngingo n’iy’ukur.
31 Myandagaro 2016, 12:15, par Laurent IRA.
Iyo nging iratungany. nti bizoboroher kugitor bahor muhir arik knd nta yand mahitamwo. iyo babahagarikira ngaho nah nti vyar vyiz. ko babahay ayo mahirw rer,nti bayapfish ubus.
31 Myandagaro 2016, 21:56, par Alphonse ndayikengurukiye
uwumwaka abanyeshure bomuri ecofo bazoyambara amabutura?
1er Nyakanga 2016, 06:58, par NJEBARIKANUYE Anicet
ivy vyari vyiza na cane can Leta arumuvyeyi.ntiyoreka abana bayo ngo bagende akagirire.ark mfis amakenga:mbese biroroshe hoho gutora ikibazo haheze amezi atari make atariko ariga?ivyo mugisagara nabandi bamenye akamaro k’ishure vyokunda.muga mumisozi biragye na mwaburya batwagwa nisuka!yaba vyokunda,bosubiyemwo umwaka bigana nabandi!"Anicetus"
1er Nyakanga 2016, 07:02, par Anicet NJEBARIKANUYE
Leta Numuvyeyi Ntiyoreka Ibibondo Vyayo Ngo Bigende Akagirire
2 Nyakanga 2016, 19:49, par VAHNICE
none kubananiwe mwishur bakameny muri concours bob bizogend gut nibabarekurire ama prive bobo nuko babashirirako ayo mwishure bame bagir urwaruk rwejo nkuko birababaj kwel nibatubwir ingingo nyamukur kurivyo
3 Nyakanga 2016, 20:29, par ruhere innocent
mbega fondamantare KO vyibonekeje ko yamenye gusumba licyee ’ ntimwoba mwatanze ivyoroshe kuriyo kugira babandi babatyoza ngo. murononye amashure baboneko arisawa?
21 Nyakanga 2016, 12:44, par sindayihebura elie
aho mwagize neza kabisa turabashimira