Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abayoboka NDITIJE ntibashoboye gusivya inama yateguwe na Concilie (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abayoboka NDITIJE ntibashoboye gusivya inama yateguwe na Concilie (...)

Abayoboka NDITIJE ntibashoboye gusivya inama yateguwe na Concilie NIBIGIRA

dimanche 27 Mukakaro 2014

Inama rukokoma yateguwe n’umugambwe UPRONA, ishami rirongowe na Concilie NIBIGIRA yabaye ukuri kwamye ku ngoro y’uwo mugambwe UPRONA "Ku Mugumya". Concilie NIBIGIRA yamenyesheje ko ari mu ntumbero yo gushiraho inzego zizwi z’umugambwe UPRONA, mu gihe Karori NDITIJE yamenyesheje ko ibiva muri iyo nama bizobazwa Reta yemeye ko iba kandi amategeko y’umugambwe atayemera.

Mu gatondo ko kare kuri uwu w’Imana, abanywanyi ba UPRONA ishami rirongowe na Karori NDITIJE bitavye akamo bari batewe ko kuza kubuza inama rukokoma yari yateguwe na Concilie NIBIGIRA, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Amabarabara ashika aho ku Mugumya yose yari yugaye, abarekurirwa kwinjira ahari kubera inama bakaba bari abafise ubutumire gusa.

Bimaze kwanka ko abo banywanyi basivya iyo nama, Karori NDITIJE yaciye amenyesha ko bagiye kwitwarira Reta, kubona yemeye ko inama avuga ko ari iyo gusambura umugambwe iba, igatumirwamwo bamwe, abandi ntibabwirwe, akavuga mbere ko n’abo bayitumiwemwo bagizwe n’imbonerakure n’abakenyererarugmba ba CNDD FDD. Karori NDITIJE akamenyesha ko ibizovamwo n’ingaruka zavyo bitazobazwa umugambwe UPRONA. Kubwa Karori NDITIJE, iyo nama nta kindi ije gukora atari ugushiraho irindi shami ry’umugambwe UPRONA ukorera mu kwaha kwa CNDD FDD.

Ku Mugumya iyo nama yabaye mu mutekano ntangere, ikaba yitabwe n’abadasigana bayoboka Concilie NIBIGIRA baje bava mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi, bagizwe ku bwinshi n’abakiri bato. Mw’ijambo ryo gutanguza iyo nama, Concilie NIBIGIRA yamenyesheje ko yahagurutse akanka ko umugambwe UPRONA worwa mw’isanganya, ari naco gituma inyuma y’amezi atandatu indongozi z’uwo mugambwe ziri mu mpari zidahera, yahisemwo gutumako inama rukokoma kugira umugambwe UPRONA uhabwe indongozi nshasha, uvugane n’inyishu z’ibibazo ufise. Ku bavuga naho ko yatumyeko inama itemewe n’amategeko ngenderwako y’umugambwe UPRONA, Concilie NIBIGIRA yamenyesheje ko ari ikinyoma, kuko ingingo ya 56 y’amategeko agenga umugambwe UPRONA itegekanya ko mu gihe uwo mugambwe ugize ibibazo, iyo nama itegurwa kugira bitorerwe inyishu, akavuga mbere ko vyari binamaze kuba, igihe amasezerano y’i Arusha yariko arategurwa. Concilie NIBIGIRA yamenyesheje ko yatumyeko iyo nama rukokoma, kuko ikoranira kaminuza ridashoboka bivanye n’uko hasigaye umwanya muto amatora agatangura, iryo koraniro naryo rikaba ritegurwa mu kiringo kitari munsi y’umwaka wose.

Inyuma y’iryo jambo rya Concilie NIBIGIRA, abamenyeshamakuru baciye bataramurwa, bikavugwa ko bagira berekane abatowe mu nzego z’umugambwe UPRONA ku rwego rw’igihugu, ari nabo baca bigira hamwe ishirwaho ry’inzego z’umugambwe UPRONA zemewe. Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.


Egide Nduwimana

Messages

  • Imana ikomeze guhabwicubahiro kubwitonzi aba porona bagize baba abakuru nabato binyeretse kwatarabanywa rumogi rwumurengera nkaba Sinduhije.

  • Nkurunziza niwe atwara!ntaho mwomwitwarira urubanza bogomba bakarushira muri 2016,canke ntiyitabe!kandi ntankwirikizi!Emange ko namwe musigaye muri abahutu!Ikigamba mwaracibagiye!

  • Mana Mana Mana!Ese koko abo badd tuzobakurwaho n’iki!?Ko n’abo twahora twizeye ko bakoreshainguvu twahora twibazakobafise (nko mugisoda,munzego) mbona vyanse,abadd bimwe bahora bavuga ngo bazogitwara gushika Yesu agarutse bizohava biba ukuri!Jewe uy’umusi narinzi ko uprona izakwereka abadd ko bishoboka none ndajorewe!Asha nibashire impfunda ku zuru kuko umugambwe wabo ubaye akibare ka cndd-fdd izuba riva nk’uko babigize kuri FNL.Jewe mbona hasigaye ah’Imana gusa nawe abantu bananiwe.Ariko muri bibiliya hari umurongouvuga ngo aho umwana w’umuntuananiriwe niho Imana ihera.Bitabaye ivyo birahezeeeh!Jewe aho bigeze numva hotuma hatera iyindi ntambara hagapfa uwopfuye hakira hagakira wokize ariko amanyembwa y’abadd agahera.Mana tabara tabara abantu bawe.

  • Abo ba polisi barakoreshwa gose na leta muvyo iba yipfuza gushikako.reka turindire ariko ukutabwirwa kurazirwa iyo badaherekeza DD muri 2010 ingorane ntaziba zihari.nibarindire babirukane mu nama nshingamateka bace babata muri yompi bose.muzoba mumpinyuza.

  • Komera mupfasoni concilia,sanasana uyo mugambwe kuko aba bashingantahe vyarabananiye kuwutunganya,kubera amaronko menshi barimwo kugwanira!,natwe abarundi turagushigikiye,mbere nabo mudasangiye umugambwe baragukengurukira caane!.uhabereye umufasoni w’ijunja nijambo n’ukuri.tugashimira na L,Etat yakoze uko ishoboye kwose ikagucungerera umutekano,inama yanyu ikagenda neza uko mwavyifuza,vyerekanye ko yubahiriza bose abayisavye umutekano,mwarabonye na RUFYIRI koyasavye abamucungera akabaronka,namwe rero ryari itegeko kubacungera,kuko PNB nico yiyemeje.

  • Abatutsi abahutu muzi ko mwiciwe ncanke mwabuze ivyanyu .biraragiye ivyanyu ntimwibaze ngo bahavye uprona bahavye cvr et arusha mutavuye hasi mwese ibara rirabagwako ??iki tibagiwe nabatutsi bakiri mumakambi ??nimba mwibaza ko Bazompaza et concilia ’et gaston ko babakingiye ???bucababatangako ishikanwa????ubona umuhutu yaranumye akahuga ntiwibaze ko ari ubugu???wamututsi we vahasi hakiri kare bataragutangako ishikanwa????jewe DD abonishe mutegerezwa kubabarira kunguvu ico nico yababariye uyumusi mugukorana nabatutsi nabahutu bibihemu ba uprona kugira afute arusha et,cvr

  • Wewe wiyise ndababaye,uzokwama ubabaye kuko mumutwe wawe ugifisemwo ingenga bitekerezo vyama coup d,Etat,urunva ukuntu waduka ugasara ngwa basoda na bo muzindi nzego ngo ntibotabara,wibagiye ko igisoda c’uburundi ko kitacitwa FAB,police nayo ngo GANDARUMERI.nagira nkwibutse kubu igisoda citwa FDN,police nayo PNB,izo nzego zarahinyanyuwe apana zimwe zaho hambere zivanga mumugambwe iprona,ukayobegwa umusoda canke umunyamugambwe w’umuporona.concilia,azobanyonga mpaka nomumatora 2015 yongere yitoze canke atange uwundi mu candidat wenyene ashatse!!!namw mutahire kuboroga nka twamujeri.concilia nawe nabo barikumwe baririmbe nkaba malayika bo mw’ijuru.

  • Biteyisoni, pole sana UPRONA

  • Hahahaha UPRONA WE UJAHE?

  • We Gezaho ivyo uvuga ngwizego bakubariye ko inzego zidasabuka???muribigugu rindira imyaka yariheze turaba iyo muja ubu mwibaza ko vyabigwanisho baribamaze imisi bavuga murose ingene mubikoresha kubera mwarose abahemu???sha ndakumbwire ntamututsi mwebwe aba DD musubira kwica ndabarahiye mwica umwe DD irafutika nayo nyene nkuko mwafuse iyindi ahubwo nimba ufise umbwenge ba urahuga kuko wiyizi ko uri umuDD mutatunyoye turabanywa ...cvr izoze kuri twese mwamihimbiri

  • Nwari ndakubabariye nsanze udakomeye neza mumutwe,wewe uri mubataye umutwe.wewe ntamyaka nkitanu uzomara niwabandanya witwara uko mbona uri ndakurahiye.

  • Ako kantu kiyise #NTACONTEMANGA,mbe wewe burya urazi ico bita kugwa ruswi?

    Ico nkwemereye gusa mu vyo wavuze,n’uko abagamba basigaye umengo ni abayanda. Ivyo vya Pita na vyo uvuga, wokwibuka ko Sinduhije yavuze ko Pita atari we yategerezwa kubugendana mu mupfuko w’arya makoti yiwe,nubwo tuyamugurira amafranga menshi.

  • #Gezaho et mama .mazi imisi ndabitereza ?ingene mujejwe kwandika ivyo vuze no mukucira imisi???jewe nandika kuri DD none mwebwe ingorane mufise nizihe???murabavugizi????bandanya jewe zobikikura ’nkaba ;;;;;;;;.wampaye imyaka 5 ?jewe ndaguhaye 800 wirambire

  • Ndababaye ku bibera ku mugumya !!!abitavye conciliya bose ntaco bofasha igihugu.ari ko kumbwira ngo tuje kwa conciliya ngo ubukene aba uproniste barimwo ngo buzoca buhera !!!!!!!!!!!!!!ngo DD izoca iduha akazi!!!!!!! ni murye!!! muzohava murya UMURIRO. mUZOHAVA MURYA IGIKERE KIBAMENE ITAMA. NI MURYE IBICIYE MUMAHORO!ivyo mukoreye!!!

  • Matana weho nuvunire agate muryinyo kuko ntaco ubuze!,mbega shahu baso wawe na basowanyu,mbere nabasokuru bawe ntibagifukamye munda igihugu,mukwishikiriza ivyabarundi,motif ngo nabamenja,ngaho urabibona umunezero ukakugera kumunwa,ugaca ubasha kwivugira ayamuhe!!???.muga umenye kwibihe bihinduka,vyose muzobisubiza benevyo!!,reka abo urimwo kuvuga ko bakenye bitaratarize,nayo weho urikitazi.

  • Madame Concilie,Je ne fais pas partie de la politique,mais j,ai ete subjuguee par votre courage .Vous avez tenu jusqu,au bout .Je vous felicite de tout mon Coeur .Qui aurait cru qu;un jour les uproniste aller se calmer!Depuis votre congres ils ont perdus la danse

    Ndagushimiye Concilia wewe ukuyeho izo nduru za misi yose zabo ba porona ,akazi kabo ai ukwama badadaza bategana imitego bongera bafundika amafundo.Kuva isi yaremwa turamaze une semaine turuhutse kubera amanyama ya ba porona yaheze .Ubu booose baroroshe ntiworaba.Tout se paie ici bas ..Amaraso y,Umuntu ni Agahambaye handi Arahuma .Bene amatwi nibunve

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.