Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Abazokwirikirana inyigisho bazokorerwa indirimbo zabo bongere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Gitega : Abazokwirikirana inyigisho bazokorerwa indirimbo zabo bongere (...)

Gitega : Abazokwirikirana inyigisho bazokorerwa indirimbo zabo bongere bamenyekanishwe

mercredi 9 Mukakaro 2014

Uruganda nkarishabwenge rwateguriwe abaririmvyi b’i Gitega rwarugururwe icese mu nyubakwa za Alliance Française y’i Gitega. Urwaruka rw’i Gitega rwarerekanye ko rufise ishaka ry’akanovera k’umuziki waho hambere hahise.

JPEG - 4.5 Mo
Abaririmvyi bari bitavye iyugurugwa rw’ishuri

Musenyeri Justin Baransananikiye arongoye ishure ry’Ubuhinga bw’Umuziki ry’i Gitega (INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA) yaruguruye kw’igenekerezo rya 07 Mukakaro, uruganda rwo kwigisha umuziki urwaruka rw’i Gitega. Iyo nararibonye, yarashimiye cane ikigo Alliance Française c’i Gitega kuba carabemereye kwigishirizaho. Urwaruka rw’i Gitega rwitavye ivyo birori vy’ukwugurura ico gikorwa, rwerekanye ko rwifuza vy’ukuri kunagurwa mu buhinga bw’Umuziki kugira ruze rushobore kugira ubushakashatsi bushasha bwo kugarukana akanovera k’Umuziki w’Uburundi.

Musenyeri Justin yarashikirije mu ncamake intumbero iryo shure rifise. Intumbero zishika kuri zitanu, harimwo gushigikira abahinga b’abaririmvyi n’abacuraranzi b’Abarundi bazoba barangije ivyigwa muri iryo shuri. Azobafasha guhinyanyura indirimbo zabo no kuzandika mu manota yazo, kubafata mu mugongo mu kuzisohora muri studio kubwo kubamenyekanisha.

Abaririmvyi bari ngaho banezerejwe cane n’ukubona umutama w’umukukuruke wo mu ncabwenge za kera z’i Gitega yaje gushigikira urwo ruganda, akaba yabahaye impanuro nyinshi zibasunikira ku kwongera gukunda akaranga k’Uburundi, no guharanira imico myiza n’ururimi rw’ikirundi bakoresheje indirimbo, bagatako bakarondera kumenya neza ubuhinga bwo kwandika no gusoma umuziki nk’uko vyari bimeze mu myaka ya mbere Uburundi bucikukira.

Tubibutseko Musenyeri Justin ari inaribonye mu muziki w’Uburundi yahoze ari mu murwi waririmba indirimbo ndangakaranga k’igihugu (Orchestre national).


Cherif Nkeshimana

Messages

  • INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA iriko irakira abiyandikisha kuzokwiga mu Gisata cayo c’imyaka itatu 3 cigisha ubuhinga bw’Umuziki ku rwego rwisumbuye nk’uko twamaze kubimenyesha kuri uru rubuga rwa igihe.bi. Twakira abahejeje n’imiburiburi umwaka w’icumi DIXIEME, ariko n’abafise amashure arenze ayo bavyifuza, turabakira. Uretse Ivyigwa vy’ubuhinga bw’Umuziki bihariwe amasaha menshi kuko ari vyinshi, bazokwiga n’ibindi bizobafasha gutunganya uwo mwuga wabo, harimwo: Igifransa, Icongereza, Ikirundi, Igiswahili, Ibiharuro, Informatique, Comptabilite, Entrepreneuriat. Ukwiyandikisha INSCRIPTION ni amafranga IBIHUMBI CUMI 10.000 FBU, hanyuma MINERVAL ikaba amafranga IBIHUMBI MIRONGWITANU 50.000 FBU ku mwaka. Abanyeshure barimenya kuvy’indaro. Abo tuzoramura tuzobashigikira nk’uko vyamenyeshejwe. Turabahaye ikaze, ariko ntimutebe, IBIBANZA NI BIKE CANE !

  • Mgr Justin Barasananikiye, Dukomeje gukurikirana uwomugambimwatanguje, arikomunyihanganire nongeye kugira akabazo shaka kubabaza, Mbenone abiyandikisha nibabikirenga kandinkabanzi kwarivyo bigiye kuba bakarengacane igitigiri mushoboye kwakira buzocamukoriki? ubonako tugifise ikigokimwe mugihugu cose nukuvugantaho muzocamubarungika ngobaje kwiga kukindikigo. Mwotubwirako twokomezakubwirabantu ntibatiye kwiyandikisha kubwishi batitinya kuko nubwo muzoba mutabakiriye bose kwiyandikishakwabo nikwokuzocagutuma mushiringuvunyishi mukurondera uburyo bwokwugurura ayandimashure muyindimicungararo yomu Burundi? Mbekwiyandikisha kubwishi mugihe mwobona nkabantubeshi biyandikishije bavuye Gitega mukagiraguti umurwi ugirakabiri wabiyandikishije arimeshi bavuye nka Cankuzo umurwi ugira gatatu ukava nka Bujumbura nuturorero mwobamwozobikorerako mugihecokwagura iryoshure muritwara ahandi mukaja kuritanguza ahabonetse beshi biyandikisha gurtyogurtyo? Murambabarira ukurikiranye ivyonanditse harimwo ibibazo nivyiyumviro. Ndakomeza kunezerezwa nuyumugambi Baba Askofu Justin Barasananikiye. Ndi Mama.

  • Uri aho, ga Mama? Ndongeye gushima cane. Nukuri Imana yaraguhaye ijisho ryo kubona n’ugutwi kwo kwumva hamwe n’ubwenge bwo gusuzuma no guhanura.
    1.Ese abokwiyandikisha muri INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA boba benshi umurengera ! Emwe, kazoza k’Uburundi mu Muziki hamwe no gufata mu minwe neza ivyo kuwigisha mu mashure vyoba bihagurukiwe pe ! Ntakubesha, inyuma y’imyaka itatu gusa, abana b’Uburundi bazoba baronse abigisha b’Umuziki b’ibihangange kandi n’amakosa ariko arakorwa ubu yoca ahera burundu.
    Mama, burya nawe ariko, urazi vy’ukuri ko Abarundi badakunda gushuhira ikintu kigitangura ; bama babanza kurabira kure. Mbere n’ubu amatwi ansumira, hari urwaruka rwinshi aha mu Burundi batariko barumva ko kwiga Ishure nk’iri ry’Umuziki bishobora kuzobaha akazi kobabeshaho neza mu misi iza. Ni co gituma kubwanje MPAMAGAYE AHUBWO ABO BENSHI BAMAZE KUBITAHURA NGO BAZE KWIYANDIKISHA VUBA, NTIBITINYE, UBUMENYI BURIHO.
    2. Ndizera kandi ko Leta iriko irakurikiranira hafi ivyo turiko turakora muri iri Shure ry’Ubuhinga bw’Umuziki ry’i Gitega, kandi ko bibashimisha kuba twarashizeho umushinge mwiza kubwa kazoza ko kwigisha umuziki mu Burundi. Nivyashika Urwaruka rwo mu yandi ma Provensi rukijukira rino Shure ku buryo vyodusaba gutangura kwugurura amashami yaryo ahandi, NTA NKEKA, HAZOBA HAGEZE KO DUSABA LETA KUDUTIZA N’IMIBURIBURI INYUBAKWA ATA CO ZIKORA MURI AYO MA PROVENSI KUGIRA TUZIKOREREMWO. Nta uvuka rimwe ngo ace yuzura ingovyi. Ariko ico gihe na ho, bizoca bisaba ko tuduza amafranga y’ishure kuko abigisha bazotegerezwa kuguma baza barafata ingendo, kandi n’ibikoresho bizotegerezwa kwongerezwa. Egome, Musenyeri Justin Baransananikiye arafise ubumenyi bwinshi bukwiye hamwe n’ubuhinga muvy ‘umuziki, ariko ntibisobanurwa ko aca agira n’uburyo ubwo nyene bwo guca abitanga ngo avyigishe Abarundi ku bwinshi mu kanya isase. N’abandi bigisha bamfasha, twese turi abantu nk’abandi. Ehe, enda dukorere ku ciyumviro Mama aduhaye, kumbure kiriho :
    Usangwa hoba hari Imvukira z’i Provensi kanaka zigira ziti : Twebwe dusanze dufise abanyeshure bacu bashika 50 canke 100 bifuza kwinjira muri INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, ariko kubera ivyo kuronka uburaro i Gitega n’ibindi vyobagora, none tugira twiyungunganye turondere inyubakwa ikwiye muri Provensi yacu, hanyuma dutange n’ayo mafranga y’ishure asabwa, twongere turondere n’ibikoresho KUGIRA MUZE KUBIGISHIRIZA IWACU, MWOVYEMERA ?
    Inyishu dutanze ng’iyi : NIHABA HARIHO ICO CIYUMVIRO MURI PROVENSI KANAKA, NIBABITUBWIRE VYIHUTA IMBERE Y’ITARIKI 25 ZA KUNO KWEZI TURIMWO, bace barungika intumwa zabo zize i Gitega twicare tubiganire, tubereke ibiringo vy’ama programmes uko vyotunganywa gushasha n’ibindi, MU NTUMBERO YO KUBARONSA INYISHU NZIZA DUFATIYE INGINGO HAMWE. NUKURI, NTIDUSHOBORA GUSUBIZA INYUMA URWARUKA RW’UBURUNDI RUNGANA UKO RUHAGURUTSE RWIFUZA KUBERA INYISHU IGIHUGU CABO MUVY’UMUZIKI. Barashobora kunyandikira kuri iyi email : jbaransananikiye@yahoo.fr canke bantelefone kuri : 79 877 097.
    Mama, ,komeza kubera ijisho Abarundi benshi. Imana iguhezagire cane.

  • Musenyeri Justin Baransananikiye, Urakoze kubisobanuro umpaya ndanyunzwe gose kukobiratomoye. Kandimwakoze kuduha email yanyu na Telefone yanyu nazibitse ahadata nzozangavyikorako igihenzozandakenera kubabaza ibijanye nirishure rya INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA canke nuyundi yokenera komuyanga nkazoshobora kbimurosa ariko nizereko nabandi bariko barabibika mwunomwanya ndaziko waheruka kubishirangahanyene kwururubuha rwa IGIHE.bi. Mgr. Justin Barasnananikiye nkomeje kunezerezwa nuwomutima mufise wokwifurisa abana Burundi komwobaha kuvyomuzi babo kubijanye na musika. Yari Mama.

  • ubushikiranganji bw’imicokama nibushigikire iryo shure kugira ngo n’abaririmvyi bandi bo mu Burundi bashobore kuronka izo nyigisho,kuko urwaruka rwacu rurakeneye inyigisho kugira rugabanye amakosa menshi yibonekeza mu ndirimbo bagira.murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.