Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abazotoba amatora babwiwe ko bazofatwa nk’abansi b’amahoro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abazotoba amatora babwiwe ko bazofatwa nk’abansi b’amahoro

Abazotoba amatora babwiwe ko bazofatwa nk’abansi b’amahoro

lundi 30 Ruheshi 2014

Mw’ijambo yashikirije buca Uburundi buhimbaza imyaka 52 iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko yipfuza ko amatora yo mu mwaka w’2015 agenda neza gusumba ayo Uburundi bumaze gutegura yose. Petero Nkurunziza yibukije ko uwudashaka ko amatora aba, yoba ari uwushaka ko igihugu kigwa mu kaga, ko atazotera intambwe n’imwe.

Nk’uko Petero Nkurunziza yabimenyesheje muri iryo jambo yavugiye mu ntara ya Ngozi, uzohirahira agafata inzira yo gutoba amatora, azofatwa nk’umwansi w’amahoro, umwansi w’abarundi, umwansi w’intwaro rusangi, n’umwansi w’intahe y’ukwikukira.

Twashimye kubashikiriza iryo jambo ryose ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yaduhaye igihugu ciza camye kirimwo abarundi b’intwari, ari nabo dukesha intahe y’ukwikukira turiko turigina uno musi.

2. Uyu musi, mu makomine y’igihugu cose, turamutse twibuka kandi duhimbaza imyaka 52 tumaze igihigu cacu kironse intahe y’ukwikukira twaronse kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro umwaka w’1962. Uwo musi wabaye uw’imbonekarimwe kandi umusi utazigera wibagirwa mu mateka y’igihugu cacu.

3. Turipfurije rero abarundi baba mu Burundi n’ababa mu mahanga bose umusi mukuru mwiza, muwuhimbaze mu kanyamuneza kenshi, mwibukanya ingene twawushitseko bitoroshe, twigire inama y’ingene twobandanya dutsimbaza iyo ntsinzi.

4. Icivugo c’uwu musi kikaba ari : « Tubungabunge ubutunzi Imana yaduhaye, kuko ariyo nzira irashe yo gutsimbataza intahe y’ukwikukira ».

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

5. Hari mu mwaka w’ 1896 aho abanyamahanga bambere aribo badagi batangura kuza gutwara Uburundi, basubirirwa n’ababirigi baje mu mwaka w’1916, bakaducura bufuni na buhoro. Amabi abarundi bahaboneye si ayo kubara ariko icababaje rwose kukaba kwari ukwaka ijambo Abarundi mu gihugu cabibarutse, bakarima ariko hakimbura abazungu, kandi bahaze, mu kubashimira bakabakubita ibimoko. 6. Kugira dushikire intahe y’ukwikukira ni uko habonetse abarundi bakunda igihugu, bakemera kucigura bari kumwe n’imboneza Umuganwa atari umugani Ludoviko Rwagasore, barumva ko ubwenegihugu atari ubwo kwanjajwako, baca baraharanira kugira ijambo mu gihugu cabibarutse. Babikoze mu runani rw’intamenwa, mu bumwe, bubahirizanya.

7. Ariko biraboneka ko Rwagasore amaze kugandagurwa, umutima wo gukunda igihugu n’abo cibarutse wagiye uratituka ku batari bake. Uko gutituka vyagaragajwe na vyinshi n’ubu hamwe hamwe bikiriko. Navyo ni nk’ibi bikwirikira :

Hari abahahaza kandi bagatyoza benewabo,
Hari abata akaranga n’imico myiza vyaranga basokuru,
Hari abihakanye ubwenegihugu bw’Uburundi mu makungu,
Hari abatanga karangamuntu n’igitabu c’inzira vy’Uburundi bakabiha abanyamahanga,
Hari abakwiragira isi, mu maradiyo, ku mboneshakure n’ibindi bimenyeshamakuru bacafuza igihugu cabo na benewabo,
Hari abatera umudurumbanyo, indyane n’ubwicanyi mu gihugu mu bonse rimwe, abasesagura n’abanyuruza itunga ry’igihugu,
Hari abigira sindabibazwa ku mutekano n’amahoro vy ‘abanyagihugu, n’ubundi bubegito nk’ubwo,
Hari abaryanisha n’abacanishamwo benewabo, bakabata mu rudubi.

8. Naho vyagenze uko haracari ivyizigiro. Nkako, hari ibimenyetso bitabesha bigaragaza ko umutima wo gukunda igihugu utagiye amazimayongo ku Barundi bose. 9. Naho amacakubiri y’amoko, intara n’imigambwe yari yamunze abarundi bamwe bamwe, twarashoboye kwikubita agashi, turaganira ibibazo bidutandukanya, turashika no ku masezerano y’amahoro no gusubiza hamwe yabereye i Arusha mu mwaka w’ 2000, ashigikirwa n’amasezerano yo guhagarika intambara.

10. Ayo nayo akaba yasasagajwe n’ugushiraho inzego nshasha z’umutekano zizewe n’abanyagihugu bose mu butandukane bwabo, zishirwaho ata ntureka, ata mudurumbanyo, bikaba vyaratangaje amakungu, ubu naho zikaba ziriko zirerekana ico zimaze mu kuja kugarukana no kubungabunga amahoro n’umutekano mu makungu.

11. Eka no mu gihe c’amagume, harabonetse abanyagihugu b’umutima bafashije abo badasangiye ubwoko n’imigambwe gucika kw’icumu, barafasha abapfakazi ndetse bararera impfuvyi n’intano nk’ababo.

12. Si ivyo gusa, uravye ingene ibikorwa rusangi biranguka mu gihugu n’ico bimaze gushikako, turabona ko agatima ko gukunda igihugu kariko karanaguka, mbere bitangaje kandi binezereye cane.

13. Mu ntumbero rero yo kugarukana no gutsimbataza imico myiza yahoze iranga abarundi na cane cane iyadushikanye ku ntahe y’ukwikukira, Leta turongoye iheruka gushiraho umugambi w’igihugu w’inyigisho zo gukunda no gukundisha abanyagihugu igihugu cabibarutse.
Hari kandi abantu, ibigo n’amashirahamwe bariko barigisha abana bato n’urwaruka akaranga,indero ndundi n’imico myiza y’abarundi cane cane mu bisagara, mu mashure no mu mashengero. Turabibashimiye cane, mukomere ku muheto.

14. Ibi navyo bikagaragazwa n’ingene twerekana akanyamuneza ko kwitwa abarundi, ingene twitaho kumenya no gusobanukirwa amategeko, amabwirizwa n’inzego bigenga kandi birongoye igihugu, uko duhayagiza ishusho nziza y’igihugu cacu, tukitaho benewacu n’inyungu rusangi z’abanyagihugu, tukitaho iterambere ryacu, twibuka na kazoza k’abadukomokako, kandi tukubahiriza ibimenyetso vy’igihugu na cane cane ivyibutso vy’intahe y’ukwikukira. Ni naco gituma dusubiye kwibutsa ba musitanteri ngo bubake neza kandi babungabunge mwene ivyo bimenyetso, vyongere bibereko imisi mikuru.

15. Duhiriwe duhishije kuko duhimbaje uyu musi mukuru izo nyigisho zaratanguye, zikaba zizoshika no mu mashure, mu mashengero, mu nzego z’umutekano, mu bakozi ba Leta no mubikorera utwabo. Turabateye akamo rero ngo muzitabire n’ishaka ryinshi, kuko zizobavyurira inyota yo gukorera igihugu cacu.

16. Zije hageze kuko arizo zizodushoboza cane gushira mu ngiro iyindi migambi mikuru y’igihugu, na cane cane umugambi w’igihugu w’intwaro ibereye no kurwanya igiturire n’ayandi mabi bijana, hamwe n’umugambi w’igihugu w’umutekano.
Tukaba dushima intambwe tugezeko, aho amakomite y’umutekano ahuriwemwo n’abanyagihugu mu budasa bwabo yakwiye ku mitumba yose, gurtyo ntihagire uwuba sindabibazwa ku kibazo na kimwe coshobora gutuma umutekano uhungabana. Muri uku kwezi kwa Mukakaro hakaba ariho hagiye gutangura inyigisho zo gutomorera ayo makomite ingene azokora.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’abarundi,

17. Guhimbaza umusi mukuru nk’uyu rero ni ivy’igiciro. Bituma ababayeho ku gikoroni bashobora kugira ico bibutse, abakiri bato nabo bakabwirwa ivyabaye, gurtyo twese tukamenya ko ivyiza turimwo vyavuye ahagumye ntituvyanjanjweko, ikaba imwe mu nzira mbere yo gutsimbataza intahe y’ukwikukira.

18. Ni muri iyo ntumbero, imisi mikuru twatanguye kuyihimbariza mu makomine yose y’igihugu, aho abanyagihugu benshi bashobora gushika, bakayaga, bakayagirwa. Dusavye abavuka komine ngo bijukire kwitaba umusi mukuru w’amakomine uhimbazwa mu kwezi kw’umunani uko umwaka utashe, nkuko vyatanguye mu mwaka uheze, kuko ari kirumara ko abavuka komine bagira urunani n’umunezero muri vyose.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

19. Nkuko ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu rubivuga ngo « tugutuye amaboko, umutima n’ubuzima », intumbero tugirako ni iy’uko umusi mukuru nk’uwo atari ugutamba no kwiyereka gusa, ahubwo ari ukwerekana, ku mwaka ku mwaka, ico dushoboye. Ni co gituma twasavye intara yose, ikomine yose kugira igikorwa ishizeko umwete n’umwitwarariko ukwiye, ngo kibe ico twitirira uwo musi mukuru. 20. Turavye ivyegeranyo turonka, uyu mwaka hararanguwe ibikorwa vy’iteka vyinshi. Harubatswe hongera haragurwa amashure arenga 1.800 na kaminuza ziitibagiwe, amavuriro 49, ibitaro, ingoro z’amanama, ibiro vy’indongozi, ibibuga vy’inkino, ibirwati vy’iterambere, amazu y’ingenzi, amasengero, amahinguriro, amazi ya rusengo, haraterwa ibikumba vy’ibiti, haracibwa imikobeko, harafashwa n’abahuye n’ivyago. Muri ivyo, twasanze intara yose, ikomine yose ifise ico irata kuri uyu musi mukuru.

21. Ariko, kubera ubwinshi bw’ivyaranguwe, kubera hari ibikiriko birasozerwa neza no kugira dufate akanya gakwiye ko kwinovora uwo musi mukuru, igikorwa co kwinjira ivyubatswe kizorangira mu kwezi kw’icumi. Aha rero indongozi nkuru z’igihugu zikazokwifatanya n’abanyagihugu ahatari hake muri ico gikorwa.

22. Dusavye rero ko abarongoye intara n’amakomine botunganya ibikorwa mu buruhuko bwo muci, kugira abanyeshure nabo baronke akanya ko guterera mu guheraheza inyubakwa canke ibindi bikorwa bitarahera.

23. Nayo mu bijanye no gukingira ibidukikije, tubaye turabamenyesha ko, imvura itasuye, tuzogira isekeza ryo gutera ibiti ku mitumba ihanamiye ikiyaya c’imbo : mu ntara za CIBITOKE, BUBANZA, BUJUMBURA, BURURI na MAKAMBA. Ababijejwe mwese n’amashirahamwe muhamagariwe gutegura vyihuta amatuta y’ibiti bibereye ako karere ku bwinshi.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

24. Intahe y’ukwikukira itsimbatazwa n’amahoro, umwumvikano n’ukunywana mu banyagihugu. Turahimbawe n’uko ibwirizwa rishinga umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi bari barindiranye igishika cinshi ryamaze kuboneka, maze tukizera ko abagize uwo mugwi nabo bazoba bashizweho mu mpera z’uku kwezi kwa Mukakaro. Iyo nayo ikaba ari isemo rizosozera umugambi w’amahoro. Tukazoba rero duhamvye akabi kabishe katovye Uburundi, gasubirirwe na kazoza keza.

25. Nkako, bimwe mu vyatumye abarundi ducanamwo, tugatotezanya, tukicana, harimwo ibinyoma, ibihuha, inzigo y’akazikira, kudadaza ntidusabane ikigongwe no kunyegeza ukuri kuri kahise. Eka no muri uyu mwaka, vyinshi muri ivyo vyarahungabanije umutekano, cane cane ibinyoma, amarementanya, kudasonera amategeko, imigararizo, kutabungabunga neza ubutunzi bw’igihugu, gutakaza indero ndundi, kutubaha abavyeyi, abarezi n’imana, gushira isoni, gutwarira hejuru n’ibindi.

26. Ibihe rero bikomeza kuba vyiza, kuko tuguma dutera intambwe tuja imbere. Ibi biraduha n’umwizero ko n’amatora twimirije azogenda neza cane gusumba ayamaze kuba yose mu Burundi.

27. Turashima kandi turakeje n’Umuhuza w’abarundi ku bikorwa ariko ararangura mu guhuza cane cane urwaruka ruri mu migambwe itandukanye, atibagiye n’abahoze ku rugamba, ivyo vyose bikaba bifasha kugira tuze dushikire iryo sango hari icuka ciza.

28. Umugwi wigenga w’igihugu ujejwe amatora nawo uriko urarangura imirimo ushinzwe, ukazoza uramenyesha ibimaze gukorwa n’ivyimirije. Nk’uko tumaze kubishikiriza abarundi n’amakungu, twipfuza ko amatora yo mu 2015 agenda neza gusumba ayo tumaze gutegura yose, kandi bizoshoboka, kuko igikuru muri vyose ari ugushaka, ugushira imbere ineza y’igihugu n’abanyagihugu be no gukurikiza amategeko. Amatora akaba ariyo aduha inzego n’indongozi zizigiwe n’abenegihugu, akazana amahoro, agatsimbataza intahe y’ukwikukira na demokarasi mu gihugu.

29. Uwudashaka rero ko amatora aba, yoba ari uwushaka ko igihugu kigwa mu kaga, kuko hoca haba ubusimbirahamwe, hakabura uwubazwa iki canke kiriya, hakaduka akajagari n’ibindi. Abashaka gutoba amatora, ntituzobareka ngo baduterane intambwe, ni vyo mumaze kwibonera ko imvugo ijana n’ingiro, ntituzobanduka kuri iyo ngingo.

30. Durasavye amakungu kuduterera agacumu k’ubumwe mu kuturonsa uburyo n’ubuhinga tutoba dufise, bongere barungike abarorerezi babo kuva mw’itegurwa ry’amatora, babandanye bayakurikirana ariko araba n’inyuma yayo.

31. Abarundi rero tworema, tukizera Reta, tukima amatwi ba sesankuyoze. Uzohirahira agafata inzira yo kuyatoba azofatwa nk’umwansi w’amahoro, umwansi w’abarundi, umwansi wa demokarasi, umwansi w’intahe y’ukwikukira.
Abarundi twese tuzovira hasi rimwe, tumurwanye, kandi tumutsinde, akahise karatweretse vyinshi bibi cane mu gihe hari ukurendegera.

32. Ariko, dusavye abarundi mwese ngo ntimusamazwe n’amatora yimirije ngo mwibagire imirimo yanyu, kuko inyuma y’amatora ubuzima burabandanya. Nimwitwararike rero ibikorwa vy’iterambere bibafasha gutunga imiryango, bibe arivyo muha umwanya ukwiye.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

33. Haraciye igihe tubona amasoko asha agatokombera mu ntara z’igihugu, ubutunzi bw’igihugu n’abanyagihugu bukahaherera. Birababaje cane. Ni co gituma duhanuye abadandariza mu masoko gukingiza impanuka urudandazwa rwabo no gukurikiza impanuro bagiye guhabwa. Leta turongoye ikaba iriko irakora ibishoboka kugira harwizwe inyigisho n’uburyo bwogukinga no kuzimya iyo miriro. Turasavye kandi ko mw’isoko ryose haba amakomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose kugira bame bitwararika bidasanzwe umutekano w’aho bakorera. Abajejwe intwaro, umutekano n’abajejwe Ubutungane, namwe nimushire imbere kurondera no guhana inkozi z’ibibi ziri muri ubwo bubisha.

34. Naho aho biri uko, turashima ko abashingwamanza ba Reta bariko baratera iteka Igihugu cacu mu kukiburanira. Kukaba nkako, imanza indwi (7) zose ziheruka gusomwa mu zari zitwariwe Uburundi muri Sentare ya afrika y’ubuseruko, Reta yarazitsinze.

35. Ibi bije vyiyongera ku ntambwe nziza ubutungane bugezeko yo kutaraza imanza haba mu kuzica canke kuzishira mu ngiro. Turabashimiye cane ariko tugasaba ngo iziciwe zicibwe mu kuri atawurenganijwe.

36. Tuboneyeho akaryo ko kumenyesha abari mu mabohero ko twaraye dufashe ingingo yo kugirira ikigongwe abatari bake ku buryo abashika ibihumbi bitatu (3.000) bazotezurirwa. Ariko iyo ngingo ntizoraba abari baragiriwe ikigongwe bagaca basubira muri vya vyaha nyene vyari vyabagiriye.

37. Turashimiye amakungu adufasha kurangura imigambi tuba twateguye, kuko iyo adufashije aba adufashije no kubungabunga intahe yacu y’ukwikukira.

38. Dusubiye kwifuriza Abarundi n’Abarundikazi umunsi mukuru mwiza, muwuhimbaze muzirikana ko ata kindi kizoshigikira iyo ntahe y’ukwikukira atari ibikorwa no kudasesagura ubutunzi bw’igihugu. « Tubungabunge rero ubutunzi Imana yaduhaye, kuko ariyo nzira irashe yo gutsimbataza intahe y’ukwikukira ».

Niharambe ukwikukira kw’Uburundi, Nihashemezwe ubutwari mu gihugu cacu, Imana ibahezagire, Murakoze


Egide Nduwimana

Messages

  • Uwuzitoza atanje guhonyanga ibwirizwa shingiro tuzomufata kumusuma karuhariwe.

  • Irijambo ryumukuru wigihugu cu Burundi riranyubatse gose. Kuvyabazokwitoza bose mugihe bamwenabandi mudasobanukiwe neza ntimugirikibazo uburundi burafise ibwirizwa shingiro ritomoye, abirirwarero b aravuga ayamuhe mworema.

  • Jewe numva ijambo ryose ari we yariko arivuga .abahaza ndi, abasahura amatungo’abatanga karangamuntu’abataha abandi ijambo’etc vyose birangwa niyintwaro yiwe abanona amatora nobande?niwe nareke imigambwe yiyunge, imbonerakure azihane ’’rekaaaa abarundi turabona

  • None ga nyakubahwakwarimwe myayatovye kuva kera mu guhonyanga ibwirizwa shingiroo mushaka kwitoza ubwa gatatuu kandi amategeko atabirekuye...

  • None ga nyakubahwakwarimwe myayatovye kuva kera mu guhonyanga ibwirizwa shingiroo mushaka kwitoza ubwa gatatuu kandi amategeko atabirekuye...

  • None amatora kwariwe ayatoba mugushaka kwitoza ubugiragatatu.

  • None amatora kwariwe ayatoba mugushaka kwitoza ubugiragatatu.

  • Iri Jambo Ni Ijambo Nyaryo.Ingorane Ikomeye Abantu Dufise,nuko Igihe Cose Twama Twumvako Uwundi Ari We Ngorane.Ariko Rero,nyakwubahwa Ntako Atagira Mukwitangira Ineza Yigihugu Nabarundi.Gusa Abarundi Barinjiwemwo Nico Nita Syndrome D’attentisme Africain!Nyabuna Dukore Tubungabunge Uburundi Nkubwacu.

  • mandera wewe unywi tabi ryinshi.mbega igihe muvugako amatora yibwe yari yitoje ubugira kabiri?ahubwo azobatwata yongere abatware uwutavyemera naw amenye iyaja canke akurikire nzabampema !kuberiki mutemera KO ibintu vyahindutse?

  • Hari abarundi barimukarwi nkintagondwa kanka kunva ko CNDD-FDD itaje giturumbuka ariko baje gukura urusyo kwizosi abarundi isinzi twari twaraboheweko,baje kudutura inteba ishushe no kutuboza inyuma y,imyaka irenga 43 twitwa ngo twarikukiye , akarwi k,abahima n,abatutsi bamwe bamwe bari mu ma Leta ya Micombero,Bagaza na Buyoya Petero bari basubiriye Ababiligi ,muncamake tumaza icenda twikukiye. Muri iyo myakaicenda niho umuhutu wese aho ava akagera yemerewe kuba umusirikare,niho yemerewe gufata intahe ,niho yemerewe kwiga kaminuza.......,kuva rero CNDD-FDD ibohoje igihugu nka kurya FPR yabohoje Urwanda niho twaronse amahoro. Uno munsi rero nicogituma dutera ivyatsi akokarwi k,abatutsi badandaza uburundi bitita SOCIETE CIVILE ako karwi ntigaserukira abarundi nico gituma birirwa bararemeka inteba ishushe Ubutegetsi bwanone.Abazungu bakurikira ivyo batazi birirwa baracanacanako ngobaje baje gusaba démocrasi na ngo hamwe n,ukwidegemvya ariko igihe haba IHONYABWOKO RY,ABAHUTU 1972 baringaho ntaco bakoze ,Iryohonyabwokoryakozwe baraba kandi bongera barafasha kurizimanganya ariko barihenda rizoja ahabona n,Iyo Aeroport y,Ibujumbura yubatwe kuduhanga izokwimbwa tuvyereka hanyuma ukuri kuje ahabona.Iterabwoba rigirwa k,Uburundi rigomba guhagarikwa kuko iyo amakungu ahana IYO GENOCIDEY,ABAHUTU mu Burundiyabaye muri1972 GENOSIDE Y,ABATUTSI MU RWANDA NTIBA YARABAYE.

  • Ndashimiye mama ukuntu yanditse texte ngufi

  • wewe wiyise Mudahwera Alphonse nakubonyeko wonse amacakubiri kdi warezwe na CDR na MRND ubwo buhezangunibwawe buzogohokeramo sha!!!! Hama urashobora kuduha adress ziwawe neza numvise ufise agashashaa !!! Mbe burya jenoside y abatutsi mu Rwanda yabaye kubera muri 1972 habaye ihonyabwoko mu Burundi? duga kwijambo....... hama utange adress yawe itomoye numvishije uri n amakuru menshi yogira ico aterereye amakungu!!!!!

  • umwasi wabarundi nuwungomba kwitoza aciye kubiri ni bwirizwa nshingiro.

  • We Mutana mwebwe iyo iwanyu mugwanda mwicaye kwi bombe ishobora kuzoturika umwanya uwariwowose,kuko murakumira icitwa umuhutu vyimonogoje,muzobibona ingaruka yavyo,namba mutazoba mukiriho,muzosigira abana Banyu ingorane ikomeye!!!!!.

  • Ahobuna Abututsi Twaragow Mugwanda Twagiriw Ihonyabwoko Muburund Biba Uko. Nuko Agati Gateretsw Nimama Katagurugwa Numuyaga Nahandiho Abututs Tuba Twarahony Ariko Ntabwoko Buhona Mubimeny Kizw Ivyo Ntaho Bizodushkana Atar Kwa Sheta Mana Ibuke Uburund Pe Kuzir Ivyo Utaz Ha Wa Siw Wamez Amenyo Pe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.