IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abazovamwo abakomiseri bagize umurwi CVR amazina yabo akwiye gushirwa ku (...)

Abazovamwo abakomiseri bagize umurwi CVR amazina yabo akwiye gushirwa ku mugaragaro

mardi 24 Ruheshi 2014

Amashirahamwe 16 ahurikiye mu murwi ukurikiranira hafi ubutungane bw’inyuma y’intambara asaba ko bamwe 33 bazotorwa kugira bazovemwo baba komiseri 11 bazoba bagize uwo murwi, ko boshirwa ku mugaragaro imbere y’uko amazina yabo arungikwa mu nama nshingamateka.

Mu rwandiko ayo mashirahamwe yarungikiye inama nshingamateka kuwa 23 Ruheshi, basaba ko 33 bazotorwamwo abakomiseri 11 bagize bwa butungane bw’inyuma y’intambara ko boshirwa ku mugaragaro bose bavyumva, imbere y’uko babashikiriza inama nshingamateka nk’uko Vital Nshimirimana yagirishiije ikiganiro kw’izina ry’ayo mashirahamwe abishikiriza, mu cegeranyo cari cafashwe aho abarundi 3887 bari berekanye neza na neza, abogira uwo murwi n’abatowujamwo.

Muri ayo mashirahamwe basaba ko inama nshingamateka yofatira kuvyo basaba mu gutora abo bakomiseri, kuko havuye ko uwo murwi uzoba ugizwe n’abakenyezi 4 hamwe n’umutwa umwe, ibindi bisigaye ntibigaragara ingene iyindi mirwi izoba iserukiwe. Ikindi basaba n’uko imirwi yose y’abashingamateka yoserukirwa bikwiye muri wo murwi ujejwe gutora abo bantu . Vital Nshimirimana avuga ko bitobuza ko na bamwe bataritoye iryotegeko boja muri uwo murwi uzotora abo bantu 11 bumvikanyweko, kandi bizewe n’abarundi bose. Muri ico gihe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bazogerageza kugira ico bashikirije kuri abo bantu bazoba batowe. Umunsi rero abo bantu 11 botorwa ku mugagaragaro, bakarondera no gushiraho abashobora kubasubirira mu gihe biyonkoye kuri uwo murwi nk’uko vital nshimirimana abandanya abimenyesha.

Muri ayo mashirahamwe barangiza basaba abantu batandukanye bumva biteguriye kurangura iryo banga bakwije ibisabwa n’amategeko, kujana amadosiye yabo. Atera akamo abazoba bagize uwo murwi , gutora abashobora kurengera ivyatandukanije abarundi, abantu badashobora guhengama mu kurangura igikorwa bazoba batorewe.
Tubamenyeshe ko muri ayo mashirahamwe, bavuga ko n’ubwo itegeko rigenga umurwi ujejwe ukuri n’ukurekurirana ari ribi, ku bwabo birashoboka ko abagize uwo murwi bashobora gukora ibikorwa vyiza.


Floxella Karire

Messages

  • uyumugabo canke ababagabo nukuri bageze aho bansetsa nta misi iheze atangaje ko atazina narimwe rizova mumashirahamwe yabo bazobona ahahahahahah I m sick with this people ni bantaho fatwa sinzi niba bakora nivyo bazi ubunaho bahinduye ivyo bavuga gute kandi ahahahahahahahahahahahahahahahaha

  • UYO NTURAMUMENYA KO ARI UMURANGARA????????? AMENYO YIWE NTUBONA KO AGUMA AGWAKO INSAZI???????? HIHIHIHIHIHIII YITWA VITAL ALIAS NDABURANIWE!!!!!!! HAHAHAHA NABANZE ATWEREKE YA LISTE YA PETITION TURABE ABAZOBATORA MURI 2015.

  • Abo bantu ubashakira iki bitakuraba, waratanze dossier yawe???????? Ushaka kubamenya hama mubakorereko nkuko muriko mukorera kumasoko muyaturira, ngo mucafuze leta????????? Ntaho muzomenera kirimwo abagabo.

  • JEWE SINIFUZA KUMUBONA VITAL NA PACIFIC, KUVA AHOMENYEYE KO MWENE MAMA YAGANDAGURIWE MURI KAMINUZA HARIMWO ABOBABISHA.

  • Uratwenga neza ncuti harumusi nawe uzotakamba ubaririra, usicheke mamba kabla hujavuka mtoni.buca kabiri twumve ngo umukuru wawo ngo numuhuza Mohamed rukara! Mbega yanama nkuru ya kuru ba ekereziya gaturika irihe? Harageze aho tubumva hakiri kale!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.