Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abdoulaye Bathily amenyesha ko atakiri umuhuza mu kibazo c’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abdoulaye Bathily amenyesha ko atakiri umuhuza mu kibazo c’Uburundi

Abdoulaye Bathily amenyesha ko atakiri umuhuza mu kibazo c’Uburundi

mardi 7 Mukakaro 2015

Abdoulaye Bathily intumwa idasanzwe ya ONU mu karere k’ibiyaga binini amenyesha ko atakiri umuhuza mu bibazo vya politike biri mu Burundi.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abafaransa RFI,Abdoulaye Bathily yavuze ko ikibazo c’Uburundi bagishize mu minwe y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko ariko akamenyesha ko ingingo zafatiwe mu nama yo kuwa mbere igenekerezo rya 6 Mukakaro zidakwiye.

Abdoulaye Bathily avuga ko Uburundi buriko butera buaj mu bihe bikomeye,kandi ko akarere ariko gategerezwa gufata ibintu mu minwe gushika ku rwego rwa Afrika yose,mu ntumbero yo gutora inyishu kandi ku rugero rwo hejuru.

Ku bijanye n’uko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishobora guheba Uburundi,Abdoulaye Bathily amenyesha ko ONU idashobora guheba Uburundi,ko mbere ariyo yasavye ko akarere kofata ikibazo c’Uburundi mu minwe.

Uwo yahora ari umuhuza mu kibazo c’Uburundi,avuga ko amakungu n’ubu ari inyuma y’abarundi naho nyene abategetsi batandukanye babandanya ghunga igihugu kugutinya ko ubuzima bwabo bwobangamirwa.Avuga ko n’impunzi z’abarundi zirenga ibihumbi 100 ziriko zifashwa n’amakungu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Mbega Abarundi Bazohuzwa Nande?Ko Mandera Yapfuy Ariwe Yabishoboy Nibatumeko Charles Kwakura Cnke Jacko Buzuma Abo Nibo Babishoboy Na Nyererere Naw Yarigiriy Mana Fasha Uburundi!!

  • Urugendorwiza mutama, ariko vyatangajebeshi kwumva warubahutse ukanka kuramutsa umukuru wigihugu cu Burundi ariko ukaja kuramutsa abanyamigambwe warantangaje wabaye uwambere kandi ukuze!

  • Mbe Jacques Na Shindano Uyo Muhuza Yoba Ariwe Yabimye Amajwi? Maramarira Hiyo. Erega Za Mbonerakure Babatiza, Mu Ma Meeting, Hageze Gutora Baca Bazibaka Kuko Nabo Bakeneye Ko Zibatora, Muri Ibijuju Kweli.

  • Nt’amahoro kubanyavyaha amakungu yavuze ati, ntamuntu numwe afise uruhara runini nk’umurundi mugutorera inyishu kukibazo kiri m’uburundi none namwe ngo museveni ngo aze kumvikanisha abarundi,namanze akemure ibiriwiwe kuko ntampumyi iyobora iyindi, ntakuntu wotokora igitotsi kiri mujisho ryamugenziwawe nawe utara utaritosora ikiri muryawe, abazungu barananiwe wewe niwe yigize najua? Iyo ni mission,vyaranse mumwumvikano, kuneza biranka,ubu naho hasigaye inguvu,namba atanguvu nimureke baduhonyore, badufunge, bo bonyene nibumva ikigongwe bazotureka.

  • Umugambw cndd fdd ukeney bazan abahuza baterwa igitsur?museveni ahirahir ahengam, tumwiyamiriza atacamira,arko icombona ikibazo cuburundi cararengey akarer,ubu mber na africa igiy kurengerwa,mchezo wa nje,tawala Umugambw cndd fdd ukeney bazan abahuza baterwa igitsur?museveni ahirahir ahengam, tumwiyamiriza atacamira,arko icombona ikibazo cuburundi cararengey akarer,ubu mber na africa igiy kurengerwa,mchezo wa nje,tawala burundi!

  • ha! none museveni atemera alternance politique mugihugu iwe ubona azofasha iki uburundi kuvya manda ya 3 ya nkurunziza.

  • Bathily Imana ikuj imbere murugendo ugiye kugira usubir inyuma.kimw turizer k ikibazo c’uburund IMANA igifs mubiganz knd Museven siw agiy gutang inyishu muBdi,ark nikugra ivy Iman izoshits kugihugu abarund ntibaz baronk icireguzo.SENGER UBURUNDI.

  • Mbega Uburundi !!!! karaciy ingani tub bantahomfatwa ??? yemw barundi kuk tutumvira?mumenyko igihano co kutumvira ari urupfu guma mwirukana abahuza ingaruka mbi yoyo izogaruka kuri twbw tutazi ico tuzira MANA garukira igihugu cacu c’Uburundi.

  • Igendere.Ubise.Izo.Ntunva.Urumugabo.Wase.Yamanyanga.Ya.Fdd

  • amakungu ntavyayo.none nko kubona onu iguma icoma benzen ngwije guhuza abarundi ariko bikaba impfagusa,barakenyeye basuzugugwe n,umukuru w,igihugu kitanaboneka kuri carte du monde?onu iratey,isoni kandi si vyubu kuva icitwa SDN yama ihengamira kuruhande rufise inguvu mumuburyo(amahera)itaravye ukuri aho kuri.onu ntavyayo n,ukuguma ireka ngo abapfa babe barapfa.ntaco iriko iradufasha.

  • YEMWE BANYEPORITIC NDABAHANURE NKUMUKOZI WIMANA MBEGAMURAKENYE? KUKI MUTAGOMBAKUBUMBWA NIVOMUFISE ENDANIMWUBAHIMANA MUREKEGUCANGIGWA

  • Bathily Niyirukanwe Muburund Kuk Agomba Guhengamira Kubatavuga Rumwe Na Reta Nkurunziza Yamwe Ikarusi Tuzomutora Plus De100% C N D D _ F D D Iratabura

  • ni bathily (batterie faible) nasume arenga abarundi twarakanuy .

  • ni bathily (batterie faible) nasume arenga abarundi twarakanuy .

  • MUTAMA,GENDA,WARAHENZW UKUZE?NIHOBAYAMAZ,KO,UKURI KUVUGUWUKUZI,KUTAVUGA,UWUKUZ!!NON,KOWARUSHITS,MUGIHUNTURAMUTS?WARUZIKWARIPFAKWINJIR? KIBISIYUZUY?TESHWAMUT,UBURUNDI,BWARIKUKIY.ABOBATAVUG RUMWE,NARETA,BASHAKAYANTWAR,YAGABURADUSANGIR,IZOBATOROY,TWARAYE,TUBIYAMIRIJ,ABARUNDI ISINZI,KWITARIK 29 06 2015 NDASHIMIYAMAKUNG,INGEN,YASHIMY,INTAMBWE,ABARUNDIBAGEZEK NDABASABA,KUBAHIRIZA,IBWIRIZWASHINGIRO.

  • AKAGAYE KIWE NAGASUZUGURO ARASHOBOYE KUZA NZARAMUTSE NUMUKURU WIGIHUGA AGATERA GENDA GUCA URUBAZA GWANGONDE GONDE YOOOOO YAJE ATABAJIJI UBURUNDI NTIBWITAHA KANDI AMENYEKO TWIKUKIYE NIYOMOKE AGENDE

  • iyoniyumviy polit ncanu umub bensh baramaze kubigenderamwo kuber ukudahuza kwa banyepolit turakwiye kumenyakotwese tuzopfa!!!!!

  • Mureke uwo mutama agende kandi yumiwe kuko ibibazo vy’uburundi si abanyamahanga babikemura yase kugambarara gusa nico catumye atavuga ariko ntiyagize neza kuko iyo haba nka kera hamwe n’umushitsi asanzwe yaza kuturamutsa bagaca bamujana kwa nyumba kumi kumwandikisha mugitabo c’ingenzi n’ukuri bari guhava bamuhambarira none twarikukiye ingenzi ziraza zigataha amahoro; igihugu ninyabagendwa aho nawenyene arafise ako yibikiye ku mutima azobwira umwizigirwa.

  • Nagende ako kagaye agaya abarundi twarikukiye....namatora azoba mbere!!!! Yuuuuuu!

  • BARAGUHENZE MUTAMA UBURUNDI SI NKAHANDI HOSE WAGEZE, WASOBANURA UTE UKUNTU ABATUTSI BANGANA N 15% BAHABWA 40% MUBASHINGAMAATEKA? NNUKO UMUHUZA WAHUZAGA ABARUNDI IYO ARUSHA YARI AHENGAMIYE KURI RETA YARIHO,NAHO WOWE URAZA UGAHENGAMIRA KURI OPPOSITION!!

  • Yemw karabay!!none niryari tuzoronka intumwa twes duhurirako?yemw ivyigihugu cacu ndarindiriy ndabiyobija!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.