IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abel Gashatsi yagenywe kuba umukuru w’umugambwe UPRONA

Abel Gashatsi yagenywe kuba umukuru w’umugambwe UPRONA

dimanche 14 Myandagaro 2016, par Jean De Dieu

Umugambwe UPRONA uramutswa indongozi nshasha kuva kuri uwu w’Imana. Abel GASHATSI niwe yatowe nk’umukuru w’uwo mugambwe, mu nama rukokoma yabereye mu ntara ya Gitega, kw’iseminari nkuru yitiriwe Jean wa kabiri.

JPEG - 38.5 ko
Abel Gashatsi yagenywe kuba umukuru w’umugambwe UPRONA

Abel GASHATSI yatowe ku majwi 785, akaba yarushije André NDAYIZAMBA bariko barahiganwa muri ico kibanza. Icegera ciwe ni Etienne Simbakwira, nayo umunyamabanga w’uwo mugambwe yatowe ni Olivier NKURUNZIZA.

Muri iryo koraniro ry’umugambwe UPRONA, hashinzwe urwego rushasha rwitwa inama nkuru y’umugambwe, ruzoba rugizwe n’abantu batandatu. Urwo rwego rusubirira umurwi wahahora ujejwe ivy’inyifato n’indero.


IGIHE

Messages

  • NISAWA TUREKE ZAMBWA ZIRI MURI CENARED

  • Iporona Oyeee! Muciye Munyibutsa Jenelale Busokoza Mbagezehe Munsanyiwe Bamibange! Muryebare!

  • iyontsinzi ninziza kubawabaye umukuru,wumugambwe.weweturakwemera nuhangame ,ureke babasenaled bataye umurongo.

  • Urikureba Twetwazariwe Mumahanga Iprona Ntituyimanyi !Twamanyi Vyoyakoravyona ! Bamwita Mwami Bikomagu Buzoya Batekahoba Ceyimani Babasirikare Bakora Bibinyo! Sha! Bizatinda Ariko Gatonda Wacu Azakora! Babateke Mukot Ofice(agakiko)baikore Abakiga Bazariwe Uganda No Kwisiyona tugende Burunditurina Emperandungi.!E Imanaruhanga Azakubisoborana Nkurunziza Rindakogatono Wama! Tunuriramukama Bizaguterera! Rindako Gatononyo!!!

  • Urikureba Twetwazariwe Mumahanga Iprona Ntituyimanyi !Twamanyi Vyoyakoravyona ! Bamwita Mwami Bikomagu Buzoya Batekahoba Ceyimani Babasirikare Bakora Bibinyo! Sha! Bizatinda Ariko Gatonda Wacu Azakora! Babateke Mukot Ofice(agakiko)baikore Abakiga Bazariwe Uganda No Kwisiyona tugende Burunditurina Emperandungi.!E Imanaruhanga Azakubisoborana Nkurunziza Rindakogatono Wama! Tunuriramukama Bizaguterera! Rindako Gatononyo!!!

  • Ni UPRONA rero ishami rya Gashatsi Abel!!! Abo ba DD abura kuva inyuma bazomuhumira!!!! Akakanya yabibagiy muri 1993 yiga kuri Collège Musema (Butaganzwa/Kayanza) canke iwabo i Mbuye! Shame on him

  • Turagushigikiye Busokoza nabandi birirwa barigisha amajambo yamacakubiri nogushaka kuryanisha aboserimwe abarundi nkuko barimubwoko butandunye arinayo atuma uburundi bibonekaneza nkimpuzu iriko amabarara ntibakorako Abel komera ntibakorako, harakaramba mama OPRONA Concillie Nibigira. UPRONA tsimbatara, UPRONA ramba, UPRONA ntawukorako. Nitugiramahoru sangwamahoro mu Burundi numukuru wigihugucacu Marishar Petero Nkurunziza nahangame.

  • NONESE NI UPRONA YA NDITIJE CG YA CONCILIE ?

  • Concillie Bay Bay,wahemukiye Ubusa,ico bikoze indarangavye z’umutima twiyemeje kugendera iragi ry’incungu yacu RWAGASORE ,Ntituzigera twibagira imanga watayemwo umugambwe UPRONA

  • UPRONA YANDITIJE NTIMUZIKO YAMAZE GUSHIRANKIFU YIMIJIRA, UBUMUBURUNDI HARI UPRONA IMWE BOSEBACIYE BIYEGEREZA UMURWI WANYENICUBAHIRO CONCILLIE NIBIGIRA NIBOBABO BUBONA BASHAJIJE KANDI AHOBARI BARASHIMIRA BIMWEVYIMAZEYO CONCILLIE KUKUNTU YAHAGAZE RUGABO NKA RWAGASORE EREGABURYA COCILLIE NTIYAHARANIRA GUTWARA UMUGAMBWE AHUBWO YAHARANIRAKO UMUGAMBWEWIWE UTOSHIRA NKIFUYIMIJIRO GUSA. UBURERO AHOYIBEREYE ABONYE BAKORANYE MGIHUGU BAKORA UKURIKWAMYE AVUGATI ASHIIIII ATICONICONAHARANIRA KUKO NTAHOBIHURIYE NOKUBA URI MAHAMA ATACOHAPFAHAPFANA NAHO RWAGASORE YAHARANIYE INCUNGU YOKWIKUKIRA ( NIMU BURUNDI SI MAHAMA)

  • Uwo yiyita Hutsi I Mahama nivya Concilie bihuriyehe!!! Iyo ngwara ni Dementia!!!! Gashatsi n’umukungu kuva kera reka twebwe tumuzi kuri Collège Musema (09/1990-10/1992) , ukwo nugusaba uwowimye!!! Ubu nabonye ngo ava Bujumbura Mairie, nonega I Mbuye yahiyonkoye nkakumwe yiyonkora kwa Nditije!!! Shame on him!!! Iyatuma aja kwigisha ivyo yize muri ENS akareka kugoka kubera inzara!!!! Wait and see!!!

  • Niyihaye Narekuzeamakofero Ntantambweupronaizotera Nijuju Rekera C N D D F D D

  • Emwe Gutogwa Kuwo Mugabo Nivyiza; Ariko Aze Yitaho Ineza Y’abanyagihugu Nkuwahora Arongoye Uwo Mugambwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.