Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abel Nduwayo agire ashire urukurikirane rw’indirimbo rwa kabiri mu mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Abel Nduwayo agire ashire urukurikirane rw’indirimbo rwa kabiri mu mwaka (...)

Abel Nduwayo agire ashire urukurikirane rw’indirimbo rwa kabiri mu mwaka umwe

lundi 23 Nyakanga 2013

Abel Nduwayo, umuririmvyi aririmba indirimbo zo guhimbaza Imana mu gihugu c’Uburundi. Inyuma y’igihe gitoyi atanguye kuririmba, ubu agiye gushira urukurikirane rwiwe rwa kabiri ku mugaragaro.

Abel Nduwayo yatanguye igikorwa co kuririmba mu mwaka wa 2006, atanguriye mu murwi Masarafa wo mw’ishengero rya Guerrison des Ames i Bujumbura. Mu mwaka wa 201, aca afata intumbero yo gutangura kuririmba wenyene, yinjira mu buhinyanyuriro, abandanya akora indirimbo ziwe ari naho yagenda yigaragaza mu mashengero, no mu biteramo bitandukanye.

Abel yashize ku mugaragaro urukurikirane rwa mbere rwiwe mu ntango z’uyu mwaka wa 2013, rukaba rwitwa “Uhoraho arambona” rugizwe n’indirimbo umunani z’imidiho itandukanye, wumvamwo cane avuga ineza y’Imana, akanashishikariza abantu ko bakwiye kubohoka. Nduwayo rero akaba ariko akora ibitu bidasanzwe, kuko gushira ku mugaragaro inkurikirane zibiri zose mu mwaka umwe, ari ikintu kidasanzwe. Urukurikirane rero rwiwe rushasha rukaba rwitwa : « Ikiruta vyose » narwo nyene ruakaba rugizwe n’indirimbo umunani. Uru rukurikirane akaba azorushira ku mugargaro mu mpera z’uyu mwaka, kuko avugako imyiteguro iriko igenda neza, kandi n’indirimbo, umuhinyanyuzi akaba ariko arazitunganya neza.

Abel Nduwayo arangiza yipfuriza abantu bose bumva canke bakunda indirimbo ziwe, ko bahindurwa nazo kandi abacitse inkokora bagasubira mu Mana, bakarushirizaho kugira neza no gukundana kuko imirimo yose, umuntu yokora atarukundo afise, n’imbere y’Imana ataco vyoba bimaze.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.