Accueil > Ukwemera > Abakristo > Abemera kristu mu Burundi bahimbaje Pasika
Abemera kristu mu Burundi bahimbaje Pasika
dimanche 31 Ntwarante 2013
Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 31 Ntwarante 2013, abemera yezu( canke Yesu) Kirisitu bo kw’isi yose bahimbaje umunsi mukuru wa Pasika ubibutsa izuka ry’umwami wabo.
Mu gihugu c’Uburundi abakirisitu bazindukiye mu masengero kuninahaza umwami yemeye kuba umucunguzi, akabambwa ku musaraba w’ibimaramare kugira yigure ishengero ryiwe.
Aho twashoboye gushika nko kw’ishengero rya Vivante i Bujumbura, twasanze abakirisitu bavyiteguriye bikwiye aho baririmba bagira bati: “ Hashimwe Imana data wa twese yaduhaye umwana wayo w’ikinege agapfa kugira dukire ivyaha vyacu.
Mu nyigisho yatanzwe n’umuvuga butumwa, yibukije abariko baramwumviriza ko iyo uw’iteka ataza kuba incungu yacu, ata gaciro tuba dufise.
Kuri Israel church iri kw’i Jabe abakirisitu bari isinzi benshi, bahimbaza bagira bati:” Pasika niyo itwibutsa amaraso y’umwana w’Imana kuko yadukuye mu buja aho shetani yigarurira abantu, maze bakama mu vyaha bikwegera mu rupfu. Bagira bati : “Muze twese tumuhimbaze kuko yemeye kudupfira atuma natwe turonka agakiza.”
Kw’isengero rya Pentecote ryo ku Ntahangwa na Methodiste naho nyene umunezero n’amashimwe nivyo vyaharangwa. Tubamenyeshe ko uyu musi ahenshi wahuriranye n’itangwa ry’ibatisimu n’ayandi masakaramentu nk’urusangi rwa mbere ku bakirisitu ba gaturika.
Joel Sengurebe