Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abepiskopi ba Katorika basaba ko ibivugwa vy’ibirwanisho mu banyagihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Abepiskopi ba Katorika basaba ko ibivugwa vy’ibirwanisho mu banyagihugu (...)

Abepiskopi ba Katorika basaba ko ibivugwa vy’ibirwanisho mu banyagihugu vyotohozwa

mercredi 6 Rusama 2015

Abungere ba Ekereziya Gatorika y’Uburundi basubiye gusohora itangazo, aho basaba abarundi kuyoboke amatora, ntituze tubure abaturongora baciye mu nzira z’amatora.

Muri iryo tangazo ryasomwe na musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa inama nkuru y’abepiskopi Gatorika, avuga ko atawukunda igihugu yofata minenerwe ibiriko biraba, naho hari ababita abakeba iyo bakebuye. Musenyeri Banshimiyubusa asaba ko abarundi bose ko bakwitabira inzira z ‘amatora, nayo ibivurwa ko hari urwaruka rwoba rwarahawe ibirwanisho, bikurikiranwe, kandi bitohozwe, bavyakwe, amatora azobe atabwoba bw’ibirwanisho mu gihugu. Inama nkuru y’Abeskopi ikaba isaba ko abahunze bohumurizwa bagahunguka, kugira babandanye imirimo yabo.

Mwomenya ko inama nkuru y’abepiskopi Gatorika b’i Burundi, bari barasavye ko amasezerano y’i Arusha yokwubahirizwa co kimwe n’ibwirizwa nshingiro, mu ntumbero y’ukwubahiriza ibiringo bitegekeranirijwe umukuru w’igihugu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.