Accueil > Amagara y’abantu > Abibonyeko ibimenyetso ku mubiri basabwa kunyaruka kwipimisha
Abibonyeko ibimenyetso ku mubiri basabwa kunyaruka kwipimisha
vendredi 4 Ntwarante 2016, par
Mu gihe ingwara y’imibembe icibonekeza mu ntara zimwe zimwe zigize igihugu c’Uburundi, mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bahimiriza abanyagihugu kunyarukira kwipimisha iyo bibonyeko ibimenyetso ku mibiri wabo.
Uko umwaka utashe, isi yose ifata umunsi w’Imana urangiza ukwezi kwa mbere nk’umunsi wahariwe kurwanya ingwara y’imibembe.
Uwo munsi mukuru mu Burundi wahimbajwe kuri wu wa gatanu mu ntara ya Cibitoke, muri komine ya Murwi.
Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bamenyesha ko ihimbazwa ry’uwo munsi ari umunsi w’ugusubira guhimiriza abantu ntibibagire ko iyo ngwara ikiriho, na cane cane basubire kwibukanya ko abarwayi b’iyo ngwara badakwiye gukumirwa.
Icivugo c’uwu mwaka ni Dukore ibishoboka vyose kugira abarwaye ingwara y’imibembe basubire kugira agateka nk’abandi.
Uwo munsi uhimbajwe mu 2016 mu gihe biboneka ko ibitigiri vy’abarwaye iyo ngwara vyiyongereye. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba abari mu ntara zibonekezamwo ingwara y’imibembe ko bokwihutira kwipimisha vuba bakibona ibimenyetso vyayo.
Muganga Josiane NIJIMBERE, umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA yibukije ko imibembe ari ingwara yandukira, cane cane biciye mu muyaga. Ibimenyetso vyayo akaba ari amabara yo ku rukoba ameze nk’urubandu. Uwuyirwaye aradadarara intoke n’amano ku buryo naho yosha atovyumva, akongera akagira ibikomere.
Ingwara y’imibembe itavuwe kare igira ingaruka mbi, kuko ibirenge, amano n’intoke biracika, iyo ngwara igashobora gutera n’uruhumyi uwuyirwaye.
Izo ngaruka mbi zituma umunyamibembe yinubwa, kandi agakumirwa mu muryango no mu kibano.
Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bavuga ko iyo ngwara mu Burundi icibonekeza, kandi n’ibitigiri bikaba bibandanya kwiyongera. Mu mwaka w’2011, amavuriro yapimye abangana n’445, mu mwaka w’2014 naho, abarwayi bayisanganwe akaba ari 496. Intara zikirimwo imibembe nazo ni Rutana, Bururi, Rumonge, Cibitoke, Bubanza hamwe na Makamba.
Abanyagihugu baba mu ntara zibonekamwo iyo ngwara hamwe n’abandi bose bagasabwa kwipimisha mu gihe cose bibonyeko ibimenyetso canke amabara ameze nk’urubandu ku mubiri.
IGIHE
Messages
4 Ntwarante 2016, 15:29, par Kanyosha
None iyofoto mwashizeko komengo ni nyenicubahiro comu Bubilinfi Nyangoma Leonardo?
4 Ntwarante 2016, 17:50, par Rugamba Cyprien
Uyu muntu asa na GAKUNZI. Wamurasiita watanze amafoto ya Boko haramu afatanyije n’umu avocat wa Kagame (Mainguin). Abo baginga barabeshye ngo leta yamaze abantu. Ibinyoro bimufashe ntawamuririra
4 Ntwarante 2016, 23:42, par Masunzu Minembwe
Uyu ni Sindumuja Audifax kuko niwe anywa urumogi.
15 Ndamukiza 2016, 23:51, par BARUNDI Amri
ndateye akamo muntuwese abonye ibimenyetse vyiyi ndwara ihutire kwamuganga amazi atararenga inkombe
22 Kigarama 2016, 20:55, par Bigirimana jean
None amabarayose umuntu yibonyeko kumubiri nibimenyetso vyiyongwara?je nfise ikintu canfashe kwizosi kiza kirakura buhorobuhoro hari nakandi gatoya kari impanye yutwanwa twomusi yizuru kandi sije jenyene ndabona ayomabara umengo nudusekera kuribeshi none yoba ari imibembe mutwishure.murakoze.
6 Nzero 2017, 17:33, par Come
None Imibombe Irakira Burundu ?
7 Nzero 2018, 20:04, par Ngabire
Nihatari