Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abigeme bazohiganwa mu gukanyaga amakinga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Abigeme bazohiganwa mu gukanyaga amakinga

Abigeme bazohiganwa mu gukanyaga amakinga

jeudi 13 Ntwarante 2014

Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu w’abakenyezi, mu ntara ya Bubanza hazobera amahiganwa y’abigeme basiganwa kwiruka ku makinga.

JPEG - 43.9 ko
Nahayo Shemsa arongoye ishirahamwe Les Championnes

Mu ntara ya Bubanza, abigeme bazohiganwa mu gukanyaga amakinga. Iryo higanwa ryateguwe n’umurwi «Les Championnes» w’i Bubanza urongowe na Nahayo Shemsa . Amakuru duhabwa na Arsène Bucuti yavuganye n’uwo arongoye iryo shirahamwe, amenyesha ko iryo higanwa ryerekeye abakobwa bose bavyipfuza, baba ab’i Bubanza canke ahandi, kuko iryo higanwa rije mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu w’abakenyezi wahimbajwe kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante.

Urugendo bazofata si ruto. Bazohera imbere y’ishuri ry’imyuga ( ETMM), bace imbere y’ikibuga c’i Bubanza bamanuke kuri zone Mitakataka, bakoroke i Randa ku Musenyi no ku Muzinda bace basubira aho bavuye. Urugendo bazotangura igihe c’isaha zine (10h) rumeze uku : Ishure y’imyuga (ETMM) - Stade - Mitakataka Randa - Gasenyi - Muzinga bace basubira iyo bavuye.

Iryo higanwa ryo gusiganwa ku makinga rizoba kuri uwo wa gatandatu, igenekerezo rya 16 Ntwarante.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.