Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abigisha 30 ba kaminuza baronkejwe akazi ata mategeko akurikijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha 30 ba kaminuza baronkejwe akazi ata mategeko akurikijwe

Abigisha 30 ba kaminuza baronkejwe akazi ata mategeko akurikijwe

mardi 12 Munyonyo 2013

Mu gihe haherutse gusohoka urutonde rw’abigisha 30 buca batangura gutanga inyigisho muri kaminuza y’Uburundi, abarongoye sendika y’abigisha baho muri kaminuza bavuga ko ihabwa ry’akazi kabo bigisha ritakurikije amategeko.

Ku bwa Kakana Pascal arongoye iyo sendika, avuga ko hari ibibanza gukurikizwa kugira umuntu uwariwe wese aronswe akazi ko kwigisha aho muri kaminuza y’Uburundi, ivyo navyo bikaba bitakurikijwe. Abandanya avuga ko amanota ashika kuri 70 kw’ijana umuntu aba afise kugira ashobore kwigisha, muri abo 30 harimwo abatayashikana, eka kandi urwo rutonde ntawuzi n’iyo rwaje ruva, mu gihe avuga ko mu nama y’ibisata vyo muri kaminuza batigeze bagishwa inama, bongere babwirwe ivy’abo bagomba guha akazi.

Avuga ko hamwe iryo tangwa ry’akazi ritokurikizwa amategeko, bagiye gufata izindi ngingo, mu gihe amenyesha ko ibintu vya politike, intara, amoko atarivyo bikwiye gushirwa imbere mu kugira umuntu atange ubumenyi, nyabuna hari hakwiye kurabwa ubumenyi azaniye abo azorera, bitagenze ukwo akavuga ko imbere hatoba heza namba.

Mu banyeshure naho ni nk’uko, bo bavuga ko batagiye kuzigishwa n’abo bigisha, mu gihe iryo tangwa ry’akazi ritokurikizwa amategeko. Tukabibutsa ko aho muri kaminuza y’Uburundi ivyo bitayemwo hari hamaze iminsi hari icuka kibi hagati y’abanyeshure.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.