Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Abigisha b’indimo basaba gukarihirizwa ubwenge
Abigisha b’indimo basaba gukarihirizwa ubwenge
lundi 1er Mukakaro 2013
N’aho Leta y’Uburundi iriko irafata ingingo zihambaye mu bijanye n’ukurwanya inzara mu gihugu hakagwizwa umwimbu, abanyagihugu basaba ko nyabuna Leta yokarihiriza ubwenge abasanzwe ari abigisha b’indimo kugira babere akarorero keza abo bajejwe gukurikirana.
Abigisha b’indimo rero baremeza ko bafitiye akamaro kanini abanyagihugu. Bavuga ko akamaro k’umwigisha w’indimo mu gihugu gitunzwe ahanini n’uburimyi ari kanini cane nk’uko Mbanzempore Francois, umwe mu bigisha b’indimo abivuga. Akarorero avuga ni nko gukurikirana iminsi yose abanyagihugu kugira umuntu arabe ko barima bakurikije amategeko, ko ibiterwa bitarwaye hanyuma akabaha n’impanuro z’ingene boshobora kurima kijambere. Ikindi avuga ko gihambaye ni ukubabera akarorero mu vyo abigisha bakora, kugira babone ko bitari mu majambo gusa ariko bakibonera ko nawe abishira mu ngiro.
Mbanzempore Francois avuga ko naho adafise itongo rinini afise imirima ya kijambere abantu bashobora gufatirako akarorero. Avuga ko akarorero ku bwiwe yereka abo ajejwe gukurikirana ari ugupima igiterwa kimwe kimwe cose aho gitegerezwa kuja. Aha rero twovuga nk’ibitoke, ibiraya, ibitunguru, ibigori, ibiharage n’ibindi vyinshi, ariko kandi abigisha b’indimo bagategerezwa gukurikiranira hagufi abanyagihugu bajejwe.
Mbanzempore avuga ko nk’impanuro baha abanyagihugu, ari ku menya gukoresha umwavu. Avuga ko baheza bakabasaba kurondera uwo mwavu hanyuma bakawuvanga n’ivu imbere yo gutera igitoke.
Ariko rero, imbere yaho tubahanura kubanza kwimba ikinogo c’imetero 2 kuri 2 hanyuma mu gutera igitoke bakimba santimetero 8O uja hasi kugira gishinge imizi.
Mbanzempore Francois arangiza asaba abanyagihugu bose muri rusangi kurima kijambere mu ntumbero yo kurwanya inzara, kandi agasaba n’abigisha b’indimo ko nabo nyene boba hafi cane y’abanyagihugu bajejwe gukurikirana.
Aristide Nizigire