Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abigisha basubiriye guhagarika akazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha basubiriye guhagarika akazi

Abigisha basubiriye guhagarika akazi

lundi 10 Ruheshi 2013

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Ruheshi 2013, abigisha bahurikiye muri Sindika CONAPES baramutse bahagarika imirimo inyuma y’imisi mike irangiye bagabishije ko bagiye guhagarika akazi.

Ku mashure amwe twaciyeko nko kuri Lycee Municipal de Rohero, twasanze ako kamo kitabiriwe kubera twasanze abigisha bicaye hanze nayo abanyeshure babarungitse batahe.

Abigisha twashoboye kuganira bamenyesha ko bashatse kwibutsa Leta ko yokwubahiriza amasezerano bapfundikiye mu nama yabereye mu Rumonge
Umuyobozi w’ishuri ryisumbuye rya Lycee Municipal de Rohero Gertrude Simbananiye yatumenyesheje ko bashimye kurungika abanyeshure bitahire kubera ko, nk’uko vyari mu nteguro, bari baje gutangura ibibazo vy’igice ca gatatu birangiza umwaka w’ishure ariko ntivyabaye bigikorwa kuko basanze ata bigisha bakwiye bashoboye gutonda kugira bakoreshe ivyo bibazo.

Tumubajije icatumye bahagarika akazi, yaturungitse kuwusanzwe arongoye sindica kuri iryo shuri, nawe atumenyesha ko ari kubera ko umushikiranganji w’abakozi mu nama baherukamwo yabereye mu Rumonge bari bemeranye ko ivyo basezeranye bigiye kwigwa mu nama nshikiranganji ari nayo yociye ivyemeza. Iyo nama yari itegekenijwe kw’igenekerezo 5 na 6 Ruheshi, ikaba itahavuye iremeshwa kuko barindiriye amaso agahera mu nzira gushika n’ubu iyo nama ikaba itaraba. Ivyo rero vyaberetse ko ibibazo vyabo vyafashwe minenerwe ari naco catumye abigisha bahurikiye muri CONAPES bahagarika imirimo.

Ikindi cabateye agashavu ni umushahara wabo w’ukwezi kwa Rusama wafashwe wose kandi bahagaritse akazi mu kiringo c’imisi itanu gusa.

Ingorane rero kenshi cane zigaruka ku banyeshure.

Tubajije abanyeshure ico basaba batumenyesheje ko ahanini basaba Leta gukemura ibibazo vy’abigisha kugira bashobore kurangiza umwaka ku gihe kubera ko bishobora gutuma bayoberwa. Aho rero barasigura igituma boyoberwa ngo n’uko iyo bariko biga bategura ikibazo hama ntibagikore, bakabasivya bidakunda ko bagumana umwete hari naho basanga bacitse intege ntibabandanye kwitegura.

Nk’uko tubikura mu rwandiko rwashizweko umukono n’umukuru wa sendika CONAPES, Emmanuel Mashandari, abigisha bazosubira ku mirimo ari uko ibibazo vyabo bitorewe inyishu, bahawe kandi n’umushahara w’ukwezi kwa gatanu.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.