Accueil > Amakuru > u Burundi > Abikika mu kiza mu kuduza ibiciro vyo kwiyunguruza bagabishijwe
Abikika mu kiza mu kuduza ibiciro vyo kwiyunguruza bagabishijwe
vendredi 20 Kigarama 2013
Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu aragabisha abo bose bikika mu kiza bakaduza ibiciro vyo kwiyunguruza muri kino gihe c’iminsi mikuru y’ugusozera umwaka.
Umushikiranganji w’ubudandaji afadikanije n’umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu hamwe n’uw’umutekano, hamwe n’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO (Association Burundaise des Consommateurs) barasohoye itangazo ku munsi w’ejo kuwa kane igenekerezo rya 19 kigarama 2013. Muri iryo tangazo, bamenyesha ko mu bihe vy’iminsi mikuru hamaze kwibonekeza ingendo yo kuduza ibiciro ku miduga yunguruza abantu n’ibintu, aho usanga ba nyene iyo miduga bava ku giciro gisanzwe kimenyerewe kandi kizwi n’amategeko, bakaduza kuyo bonyene bishakiye. Igituma akenshi baduza n’uko abakeneye gufata ingendo aba ari benshi cane kurusha iyindi minsi.|

Muri iryo tangazo bakaba rero bakebura abo bose bikika mu kiza bakaduza ibiciro hamwe n’abo bose barenza igitigiri cabo batwaye, na cane cane muri ino minsi mikuru iheza umwaka. Basavye rero ko igiciro co kwiyunguruza cokwubahirizwa. Basavye kandi ko n’igitigiri c’abo batwara kitorenga ko na gato. Bavuniye n’akagohe abo bose barenza umurindi mu kugendesha imodoka (excès de vitesse), ko ibihano vyategekanijwe hisunzwe amategeko.
Floxella Karire
Messages
20 Kigarama 2013, 15:37, par Nahayo
Jewe nibaza ico ko ar’ikibazo coroshe gose gukenyura. Kubarenza, Mufate itegeko murishire ku ma Radios na TV’s hamwe n’ama Postes hirya no hino, kandi, bivanye n’imodoka yunguruza abantu, Shire Nombre imodoka itegerezwa gutwara. Ku biciro naho, shire itangazo kuri RTNB rivuga ibiciro kandi vyandikwe ahatandukanye. Hanyuma mushire aba Police bajejwe guhana abo banyene ama Modoka. Murakoze.
23 Kigarama 2013, 09:07, par Mutabazi
Ni akarimi gusa!