Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abimukira 700 baguye mu kiyaga mu minsi itatu gusa
Abimukira 700 baguye mu kiyaga mu minsi itatu gusa
lundi 30 Rusama 2016, par
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abimukira boba bagera ku 700 aribo bitavye Imana mu kiringo c’imisi itatu iheze mu kiyaga Mediterrane.
Umuvugizi w’ishami rya ONU rijejwe impunzi kw’isi, HCR, Carlotta Sami, yamenyesheje ko ubwato bwinshi bwatwawe mu bumanuko bw’Ubutaliano ku musi wa gatatu mw’ijoro, harimwo abo bimukira.
BBC ivuga ko abimukira batabawe ku musi wa gatanu uheze mu bwato bumwe mu kiyaga Medirrane, babwiye abakozi bo mu mugwi utabara ko babonye ubwato bumwe bwuzuye abimukira buriko buratwarwa.
Ishirahamwe rijejwe gutabara, Save the Children, rivuga ko abo bacitse kw’icumu baguye mu murongo w’amato atatu ku musi wa gatatu mw’ijoro, ava mu gihugu ca Libya.
Mwomenya ko ku munsi wa gatanu wonyene w’indwi iheze, harokowe abimukira ibihumbi cumi na bitatu.
IGIHE
Messages
30 Rusama 2016, 11:28, par MUYAHUDI
EMW AMASANGANYA YAGANGUY! NDAHOJEJ IMIRYANGO YABUZ
30 Rusama 2016, 11:29, par MUYAHUDI
EMW AMASANGANYA YAGANGUY! NDAHOJEJ IMIRYANGO YABUZ
30 Rusama 2016, 18:09, par niyonzima
Nukuri Nigihe Canyuma Ndahojeje Imiryango Yabuze
30 Rusama 2016, 18:10, par niyonzima
Nukuri Nigihe Canyuma Ndahojeje Imiryango Yabuze
1er Ruheshi 2016, 21:12, par KIRIJANA
AHONAHO NIMUBUNDI