Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abirutse marathon ya Londres bibutse Boston - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Abirutse marathon ya Londres bibutse Boston

Abirutse marathon ya Londres bibutse Boston

lundi 22 Ndamukiza 2013

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari bakwiye ku mabarabara ya Londres kurorera abaje kwiruka bagera ku 36.0000, batanguye kumara igice c’umunota mu gacerere.
Aha bariko bibuka abaguye mu gitero ca Boston.

Abantu batatu barishwe abandi 170 barakomereka, ku munsi wa mbere, biturutse ku bisasu bibiri vyatezwe aho abasiganwa muri marathon barangiriza mu muji wa Boston.
Igitigiri c’abapolisi bajejwe kurinda umutekano iLondres cari congerejwe.

Abantu bari bitezwe kuza kurorera bagereranywa mu 500 000,Imbere yo gutangura gusiganwa, babanje kumara amasegonda 30 bunamye mu gacerere, bisabwe na Geoff Wightam yatangaza uko iryo higanwa ririko riragenda,Yavuze ko marathon ari ihiganwa rihuza bose, abiruka n’abarorera baturuka kuri buri mugabane w’isi, bahuje ishaka n’umutima.

Yongeyeko ko abahuriye mur’uwo "muryango" wa marathon baguye mu gahundwe kandi bababajwe n’ivyabaye Boston,Kunama mu gacerere, ngo kwari ukwerekana ko bifatanije n’ababuze.

Ihiganwa ryabaye ata nkomanzi

Igipolisi kimenyesha ko imbere y’iryo higanwa cabanje gusubiramwo gutegura ingena umutekano uzocungerwa, igitero ca Boston kimaze kuba.
Umunya Australia Kurt Fearnley niwe yabaye uwambere, atwara ikibanza ca mbere mu basiganwa bicaye ku ntebe mu murwi w’abagabo.

Mu banonotsi rurangiranwa umunyakenyakazi Priscah Jeptoo niwe yabaye uwambere mu kwiruka mu 2:20:15.
Mu bagabo, umunya Ethiopia Tsegaye Kabede, niwe yabaye uwa mbere, aho yirutse mu masaha 2:06:04.

JPEG - 24.6 ko
Umunyakenya Priscah Jeptoo, aciye akagozi

Yasize mu minota ya nyuma Emmanuel Mutai yari yabaye uwa mbere mu 2011.
Umuganwa Harry, ari nawe akuriye ikigo citaho ibikorwa vyo gufasha citiriwe ihiganwa rya marathon rya London, niwe yahaye imidari ababaye abambere.

Yavuze ko atigeze yibaza gusiba mur’iryo higanwa kubera imvo z’umutekano.
Ikigo "Virgin London marathon" cemeye gutanga £2 ku muntu wese yarangije iri siganwa ry’uyu munsi, agahabwa ikigo "The One Fund Boston" cashizweho mu gutororokanya uburyo bwo gufasha abazize ibisasu vyatezwe iBoston.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.