IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abishira mu mirwi y’abahuye n’ikiza c’isegenya bo Kamenge na Kinama baraterwa (...)

Abishira mu mirwi y’abahuye n’ikiza c’isegenya bo Kamenge na Kinama baraterwa ivyatsi

lundi 3 Ntwarante 2014

Abahuye n’ivyago vy’imvura yaguye ku wa 9 Ruhuhuma mu makomine amwe amwe ari mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, bamenyesha ko n’ubu hacibonekeza bamwe mu banyagihugu bo mu makomine ya Kamenge na Kinama, baza kwiyandikisha bakaja mu bahuye n’ico kiza c’imvura, kandi bitarivyo.

Abo bagize izo ngorane, bakaba bashimira cane abantu babagarukirako, bakifatanya nabo muri ibi bihe bitoroshe barimwo. Ariko kandi baratera ivyatsi abantu bamwe bamwe baja muri bo, bakiyita abantu abataco basigaranye na kimwe, mu ntumbero yo kwironkera gusa imfashanyo. Bamwe muri abo banyagihugu bahuye n’ivyo vyago, bakaba ndetse bumva bopfuma basubira iyo baje bava, mu ntumbero yo kuronswa imfashanyo bagenewe ku mugaragaro, kugira abasuma baza kubihishamwo bahebe bateshwe.

Tukabamenyesha ko intara zitandukanye hamwe n’amashirahamwe atari make yo mu Burundi yifatanije n’abo bahuye n’ivyo vyago mu kubagarukirako. Eka ndetse n’amashengero amwe amwe na bimwe mu bisata vya Reta, bakaba baragarukiye kuri abo baburiye utwabo n’ivyabo muri iyo segenya.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 1 Ntwarante naho, bamwe mu bagize inama nshingamateka na nkenguzamateka bakaba baragiye kugarukira kuri abo banyagihugu. Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka, Pirsile Mwidogo, yari muri site ya Kinama na Buterere, aho yari yitwaje agakemanyi, mu gihe Mo Mamo Karegwa, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka nawe, yari mu Mirango ya kabiri hamwe no muri site yegereye ishengero rya Katorika muri komine ya Kamenge. Hose muri ayo masite yagendewe n’umupfasoni Karegwa, akaba arimwo imiryango 297 yateshejwe utwabo n’iyo mvura. Abo bahuye n’ivyo vyago, bakaba basabwe kutihebura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.