Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abiyandikisha kugira bazohabwe indangamuntu nshasha baracari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abiyandikisha kugira bazohabwe indangamuntu nshasha baracari (...)

Abiyandikisha kugira bazohabwe indangamuntu nshasha baracari bake

mercredi 2 Gitugutu 2013

Igikorwa co kwiyandikisha kugira abenegihugu baronswe indangamuntu nshasha kiriko kirakorwa ukuri kwamye mu ma komine yose y’igisagara ca Bujumbura. Ariko icibonekeza, aho twaciye igitigiri c’abaja kwiyandikisha kiracari gito ugereranije n’abitezwe, bikavugwa ko benshi batarabimenya neza.

Ico gikorwa co kwiyandikisha catanguye kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga 2013, muri komine Cibitoke iri mu gisagara ca Bujumbura. Ikinyamakuru IGIHE cashimye kuja kuraba uko ico gikorwa kiriko kiragenda muri iyo komine. Musitanteri w’iyo komine Emmanuel Niyongabo amenyesha ko ico gikorwa kiriko kiragenda neza naho hariho bamwe bataravyitaba. amenyesha ko babandanya bahimiriza gushika n’ubu. Ku bantu 40000 bitezwe kuzoja kwiyandikisha muri iyo komine, abamaze kwiyandikisha gushika mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Gitugutu bagera ku 252. Niyongabo Emmanuel amenyesha ko n’abo bataraza kwiyandikisha bariko barahimirizwa babicishije mu manama, mu masengero. Ahandi babicishije ni ku batwara abandi mu ma karitiye kugira bahamagarire abo batwara kuza kwiyandikisha.

JPEG - 36.8 ko
Aho bafatira amasanamu

Iyo ndangamuntu rero nshasha abanyagihugu bagiye kuronswa iratandukanye niyahahora. Akarorero iyo ndangamuntu nshasha, turetse iyahahora yariko amazina ya nyeneyo, ay’abavyeyi, umwaka w’amavuko n’aho yavukiye, ubu kuri iyo ndangamuntu nshasha hazoba hariko imyidondoro iramvuye, inimero y’ububiko mw’ibanki, inimero y’uruhusha rwo gutwara imodoka (permis de conduire), inimero ndangamukozi (matricule), ivyemeza ko ufise inzu, inimero y’ikarata y’itora (carte d’électeur), nimero y’urupapuro rw’inzira (passeport), umurwi w’amaraso (groupe sanguin), hamwe n’igikumu kidasanzwe (empreinte digitale). Ariko rero n’aho mwumva ko iyo karata ndangamuntu nshasha iriko ibintu vyinshi ndetse abenshi bafata ko ari amabanga ya buri muntu wese, kuri iyo ndangamuntu ntibizobonekako. Ayo makuru basaba ajanye n’amabanga ntazobonekako kuri izo ndangamuntu ahubwo azoguma indani mu bubiko.

Kubwa musitanteri wa komine cibitoke, Emmanuel Niyongabo, iyo karata ndangamuntu nshasha izoba ifise akarusho katari gato. Iyo karata ndangamuntu isa n’iyikoreshwa mu karere Uburundi busanzwe burimwo ka Afrika y’ubuseruko, kandi iragoye gusubiramwo kuri bamwe bakunda gukoresha ibintu vya magendu. Kubera abiyandikishije baca babikwa imyidondoro yabo mu nyabwonko, uwuzoba yayitaye bizomworohera kuronka iyindi.

JPEG - 31.2 ko
Emmanuel Niyongabo, musitanteri wa komine Cibitoke

N’aho igiciro zizogurwa kitaramenyekana neza, Emmanuel Niyongabo arangiza atera akamo abo bose batariyandikisha ko bokwitaba umugambi mushasha w’igihugu wo kurondera izo ndangamuntu nshasha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.