IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abiyunguruza mu miduga ija ruguru baridogera ihindagurika ry’ibiciro

Abiyunguruza mu miduga ija ruguru baridogera ihindagurika ry’ibiciro

mardi 22 Nzero 2013

Abiyunguruza mu miduga ija hagati canke mu ntara za ruguru kenshi na kenshi usanga bidodombera abashoferi bahindagura ibiciro uko bishakiye, ngo rimwe na rimwe ugasanga nk’umuntu yateguye itike asanzwe azi,ariko ashitse ku gituro agasanga bayidugije ivyotuma asiba k’ urugendo canke agahura nizindi ngorane zo kubura aho asaba indaro.

Twegereye abanyagihugu twasanze aho bita kuri gare du nord I Bujumbura ,hari imiduga myinshi ija mu ntara zitandukanye z’igihugu harimwo imoda z’amashirahamwe y’abigenga atwara abantu mu Burundi canke ari izo abantu kugiti cabo .

Abanyagihugu batubwiyeko uretse imiduga y’amashirahamwe y’abigenga yemewe n’amategeko agerageza kwubahiriza ibiciro, ngo iyindi miduga yoyo iduza ibiciro uko yigombeye.

Ngo hari aho rero mu gatondo usanga ari ibihumbi bitanu,inyuma y’umutaga ugasanga ni ibihumbi bitandatu, ngo ku mugoroba hoho mu gihe abarondera imiduga baba ari benshi,ibiciro birashobora no kuduga ku ncuro zibiri bigashika ku bihumbi umunani.
Ngo ikindi rero gica kibabaza abiyunguruza cane, ni uko baduza ivyo biciro vvo hejuru mbere rimwe na rimwe bakagenda bicaye nabi barenze ku bategerezwa kugendera mu modoka.

Abatwara iyo miduga tubabajije bavuze ko nabo nyene atari bo,ko mbere hari igihe babigira kugira baronke abiyunguruza na mwarirya kubaho ngo bisigaye binagoye.
Abiyunguruza rero bakaba basaba inzego zibijejwe na cane cane igipolisi gicungera umutekano wo mw’ibarabara ko cokora ibishoboka vyose ibinru bikaja mu buryo kuko bitabaye ukwo bishobora gutuma haba ingorane.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.